Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 28:1-27

28  Ahazi+ yari afise imyaka mirongo ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu+, ntiyakora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova nka Dawidi sekuruza+.  Mugabo agendera mu nzira z’abami ba Isirayeli+, mbere akora ibishushanyo vya za Bayali+ mu cuma gishongeshejwe+.  We ubwiwe afumbisha umwotsi w’ibimazi+ mu mubande wa mwene Hinomu+ atangura no guturirira abahungu biwe+ mu muriro, yisunze ibintu biteye ishishi+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli+.  Kandi yama ashikana ibimazi+ akongera agafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+ no ku mirambi+ no munsi y’ubwoko bwose bw’igiti gitotahaye+.  Ku bw’ivyo Yehova Imana yiwe amutanga mu kuboko+ kw’umwami wa Siriya+, ku buryo bamukubita, bagakura iwe imbohe nyinshi bakazijana i Damasiko+. Vyongeye, atangwa mu kuboko kw’umwami wa Isirayeli+, ku buryo amukubitisha ugusasika gukomeye.  Nuko Peka+ mwene Remaliya+ yica muri Yuda abantu ibihumbi ijana na mirongo ibiri ku musi umwe, bose bakaba bari abagabo b’intwari, kuko bari bahevye Yehova+ Imana ya ba sekuruza babo.  Vyongeye, Zikiri umugabo w’umunyenkomezi wo muri Efurayimu+, yica Mayaseya umuhungu w’umwami na Azirikamu indongozi y’urugo na Elikana uwagira kabiri ku mwami.  N’ikindi kandi, bene Isirayeli bagira imbohe abantu ibihumbi amajana abiri bo muri bene wabo, abagore, abahungu n’abakobwa; vyongeye, babasahura isahu ryinshi, hanyuma bajana nya sahu i Samariya+.  Kandi ng’aho hari umuhanuzi wa Yehova yitwa Odedi. Arasohoka rero aja imbere y’ingabo zari zije i Samariya, azibwira ati: “Ehe, ubushangashirwe+ Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu yagiriye Yuda ni bwo bwatumye ibatanga mu kuboko kwanyu, mwica abantu muri bo mubigiranye ubushangashirwe+ bwaduze gushika mu majuru+. 10  Ubu na ho abahungu ba Yuda n’aba Yeruzalemu mugomba kubigirira abasuku+ n’abasukukazi. Yamara none, muri mwebwe ubwanyu nta vyaha bihari bibagīra kuri Yehova Imana yanyu? 11  Ubu rero nimunyumvirize, imbohe mwafashe muri bene wanyu muzisubize+, kuko ishavu rirurumba rya Yehova riri kuri mwebwe+.” 12  Nuko abagabo bamwe bo mu bakuru+ ba bene Efurayimu+, ari bo Azariya mwene Yehohanani na Berekiya mwene Meshilemoti na Yehizikiya mwene Shalumu na Amasa mwene Hadilayi, bahagurukira abari baje bavuye mw’isekeza rya gisirikare, 13  bababwira bati: “Ntimuzane izo mbohe ng’aha, kuko ivyo bizotuma twagirwa n’icaha kuri Yehova. Mugomba kwongereza ibicumuro vyacu n’ivyaha vyacu, kuko ivyaha dufise ari vyinshi+ kandi Isirayeli ikaba ifitiwe ishavu rirurumba+.” 14  Nuko nya bagabo bafise ibirwanisho+ basiga nya mbohe+ na nya sahu imbere y’abaganwa+ n’ishengero ryose. 15  Maze abantu bari bavuzwe amazina+ barahaguruka, bafata nya mbohe, kandi abo muri zo bari gusa babambika izivuye muri nya sahu. Nuko barabambika+, babaronsa inkweto* bongera barabagaburira+, babaha n’ivyo banywa+, baraheza babasiga amavuta. Vyongeye, abayumbayumba bose babatwara+ ku ndogobwa maze babajana i Yeriko+, igisagara c’ibigazi+, iruhande ya bene wabo. Hanyuma basubira i Samariya+. 16  Ico gihe Umwami Ahazi+ atuma ku bami ba Ashuri+ ngo bamutabare. 17  Nuko Abanyedomu+ bongera kuza, batangura gusasika Yuda maze batwara imbohe. 18  Nayo Abafilisitiya+, bagaba igitero ku bisagara vyo muri Shefela*+ n’i Negebu+ ha Yuda maze bafata Beti-shemeshi+ na Ayaloni+ na Gederoti+ na Soko+ n’ibisagara bihakukira na Timuna+ n’ibisagara bihakukira na Gimuzo n’ibisagara bihakukira; hanyuma babayo. 19  Nkako Yehova yaracisha bugufi+ Yuda kubera Ahazi umwami wa Isirayeli, kuko uno yareka ukwirekura kukongerekana muri Yuda+, kandi hakaba hari uguhemukira Yehova bikomeye. 20  Amaherezo Tilugati-piluneseri+ umwami wa Ashuri aza kumutera maze amuteza amarushwa+, ntiyamukomeza. 21  Kuko Ahazi yakovye inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami+ n’iz’abaganwa+, gutyo agaha ingabirano umwami wa Ashuri+; mugabo ivyo nta co vyamufashije. 22  Ariko mu gihe yariko amuteza amarushwa, arushiriza guhemuka kuri Yehova, uwo na we akaba ari Umwami Ahazi+. 23  Atangura gushikanira ibimazi imana+ za Damasiko+ zariko zimukubita, akaguma avuga ati: “Kubera ko imana z’abami ba Siriya ziriko zirabatabara+, hinge ndazishikanire ibimazi kugira zintabare+.” Mugabo zino ziba ari zo zimubera igitsitaza, we na Isirayeli yose+. 24  Vyongeye, Ahazi akoraniriza hamwe ibikoresho+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, atemagura ivyo bikoresho vyo mu nzu y’Imana y’ukuri+, yugara imiryango+ y’inzu ya Yehova, araheza yiyubakira ibicaniro mu mfuruka zose z’i Yeruzalemu+. 25  Kandi mu bisagara vyose, egome, ibisagara vya Yuda, akora ibibanza bikirurutse+ kugira afumbishirize umwotsi w’ibimazi izindi mana+, gutyo ababaza+ Yehova Imana ya ba sekuruza biwe. 26  Nayo ibisigaye mu vyiwe+ n’inzira ziwe zose, ivya mbere n’ivya nyuma, ehe vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Yuda n’aba Isirayeli. 27  Amaherezo Ahazi aryama hamwe na ba sekuruza, hanyuma bamuhamba mu gisagara, i Yeruzalemu, kuko batamwinjije mu mva z’abami ba Isirayeli+. Nuko Hezekiya umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Amakuru yiyongereye

Canke, “amasandali.”
Canke, “mu ntara yo hasi.”