Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 27:1-9

27  Yotamu+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yerusha+ umukobwa wa Zadoki.  Aguma akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, yisunze ivyo Uziya se wiwe yari yarakoze vyose+. Gusa, we ntiyavogera urusengero rwa Yehova+. Ariko abantu bari bagikora ibintu bikwega guhona+.  Ni we yubatse irembo ryo haruguru+ ry’inzu ya Yehova, yubaka n’ibintu vyinshi ku ruhome rw’i Ofeli+.  Yubaka ibisagara+ mu karere k’imisozi ka Yuda+, yubaka no mu mashamba+ ibibanza bikingijwe ibihome+ be n’iminara+.  Ni we yarwanije bene Amoni+, amaherezo abarusha inkomezi, ku buryo bene Amoni bamuha muri uwo mwaka italanto ijana z’ifeza, n’ingero ibihumbi cumi za koro*+ z’ingano+, n’ingero ibihumbi cumi za koro za sayiri+. Ivyo ni vyo bene Amoni bamurishe, be no mu mwaka ugira kabiri no mu wugira gatatu+.  Gutyo Yotamu aguma yikomeza, kuko yategura inzira ziwe imbere ya Yehova Imana yiwe+.  Nayo ibisigaye mu vya Yotamu+ n’intambara ziwe zose n’inzira ziwe, ehe vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Isirayeli n’aba Yuda.  Yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu+.  Amaherezo Yotamu aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, maze bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+. Nuko Ahazi+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Amakuru yiyongereye

Koro imwe yangana n’amalitiro 220.