Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 25:1-28

25  Amaziya+ yabaye umwami afise imyaka mirongo ibiri n’itanu, maze amara imyaka mirongo ibiri n’icenda aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yehowadani+ w’i Yeruzalemu.  Abandanya gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+, mugabo ntiyabigirana umutima ukwiye+.  Ubwami bukimara gukomera kuri we, aca yica+ abasuku biwe+ bari barishe umwami se wiwe+.  Mugabo abana babo ntiyabica, ariko akora nk’uko ivyanditswe mw’itegeko biri, mu gitabu ca Musa+, ivyo Yehova yategetse ati: “Ba se ntibaze bicwe bahowe abana babo+, eka n’abana ntibaze bicwe bahowe ba se+; mugabo baze bicwe umwe wese ahowe igicumuro ciwe bwite+.”  Nuko Amaziya akoraniriza hamwe Yuda maze abahagarika yisunze inzu ya ba sekuruza+, akurikije abakuru b’ibihumbi+ n’abakuru b’amajana+, ku bwa Yuda yose na Benyamini yose; hanyuma arabandika kuva ku myaka mirongo ibiri+ kuduga, amaherezo asanga ari abagabo b’abahizi ibihumbi amajana atatu baja mu ngabo, bakoresha icumu+ n’inkinzo yagutse+.  Vyongeye, ahēra muri Isirayeli abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi ibihumbi ijana, abahēra italanto ijana z’ifeza.  Hanyuma umuntu umwe w’Imana y’ukuri+ aza kuri we, avuga ati: “Ewe mwami, ingabo za Isirayeli ntizijane nawe, kuko Yehova atari kumwe na Isirayeli+, ni ukuvuga abahungu bose ba Efurayimu.  Mugabo ingo wewe ubwawe, ukore, ugire umutima rugabo ku bw’intambara+. Imana y’ukuri yohava igutsitaza imbere y’umwansi; kuko Imana ifise ububasha bwo gufasha+ no gutsitaza+.”  Amaziya+ aca abwira uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: “Mugabo none bigende gute ku bijanye n’italanto ijana nahaye abasirikare ba Isirayeli+?” Nya muntu w’Imana y’ukuri na we ati: “Yehova arafise uburyo bwo kuguha ibiruta ivyo+.” 10  Nuko Amaziya arabatandukanya, ni ukuvuga abasirikare bari baje kuri we bavuye muri Efurayimu, kugira bigire iwabo. Ariko ishavu ryabo rirurumbira cane Yuda, ku buryo basubira iwabo barunguriye n’ishavu+. 11  Nuko Amaziya agira umutima rugabo, ayobora abantu biwe, aja mu Mubande w’Umunyu+; maze asasika bene Seyiri+, ibihumbi cumi muri bo+. 12  Bene Yuda bafata ibihumbi cumi ari bazima. Babajana rero hejuru ku rutare maze batangura kubakoragura bahanutse hejuru kuri nya rutare; bose baramenagurika+. 13  Nayo ba basirikare Amaziya yari yasubije inyuma ngo ntibajane na we mu ntambara+, batangura kugaba ibitero ku bisagara vya Yuda, kuva i Samariya+ gushika i Beti-horoni+, basasika muri bo ibihumbi bitatu bongera batwara isahu rinini. 14  Mugabo Amaziya agarutse avuye gusasika Abanyedomu, aza rero azanye imana+ za bene Seyiri araheza azīshiriraho ngo zimubere imana+; atangura kuzunamira+, atangura no kuzifumbishiriza umwotsi w’ibimazi+. 15  Maze ishavu rya Yehova rirurumbira Amaziya, ku buryo atuma umuhanuzi kuri we akamubwira ati: “Kubera iki warondeye+ imana z’abo bantu+ zitarokoye abantu bazo mu kuboko kwawe+?” 16  Avuganye na we, umwami aca amubwira ati: “Mbega twakugize umujanama w’umwami+? Sigaho ku neza yawe+. Barinde kukwica?” Nuko nya mujanama asigaho, mugabo avuga ati: “Ndazi ntakeka yuko Imana yiyemeje kuguhonya+, kuko wakoze ivyo+ kandi ntiwumvirize impanuro yanje+.” 17  Maze Amaziya umwami wa Yuda agisha inama hanyuma atuma kuri Yehowasi mwene Yehowahazi, Yehowahazi wa Yehu, umwami wa Isirayeli+, ati: “Ingo duhangane+.” 18  Yehowasi umwami wa Isirayeli aca atuma kuri Amaziya umwami wa Yuda+ ati: “Icatsi c’amahwa cari muri Libani catumye kw’isederi ryari muri Libani+ giti: ‘Nuhe umukobwa wawe umuhungu wanje amubere umugore+.’ Ariko igikoko co mw’ishamba+ cari muri Libani kirarengana, gikandagira ico catsi c’amahwa. 19  Wibwiye ngo: Ehe warasasitse Edomu+. Kandi umutima wawe+ wagushize hejuru kugira ngo uninahazwe+. Nugume rero wibera mu nzu yawe+. Kubera iki worinda kwinjira mu matati kandi ibintu bimeze nabi+, ukabwirizwa gutemba, ugatembana na Yuda+?” 20  Mugabo Amaziya ntiyumviriza; kuko vyari bivuye ku Mana y’ukuri+ kugira ngo ibatange mu kuboko kwiwe, kubera ko bari barondeye imana za Edomu+. 21  Nuko Yehowasi umwami wa Isirayeli araduga+, maze barahangana+, we na Amaziya umwami wa Yuda, bahanganira i Beti-shemeshi+ hegukira Yuda. 22  Maze Yuda iratsindwa imbere ya Isirayeli+, ku buryo bahunga, umwe wese akaja kw’ihema ryiwe+. 23  Amaziya umwami wa Yuda, mwene Yehowasi, Yehowasi wa Yehowahazi, ni we Yehowasi umwami wa Isirayeli yafatiye+ i Beti-shemeshi, amuzana i Yeruzalemu+ maze aca igihengeri mu ruhome rwa Yeruzalemu, kuva kw’Irembo rya Efurayimu+ gushika kw’Irembo ryo mu Mfuruka+, igihengeri c’amatambwe amajana ane. 24  Atora inzahabu zose n’ifeza zose n’ibintu vyose vyari mu nzu y’Imana y’ukuri, kwa Obedi-edomu+ no mu matunga y’inzu y’umwami+, n’abagizwe imbohe, araheza asubira i Samariya+. 25  Amaziya+ mwene Yehowasi umwami wa Yuda abandanya kubaho imyaka cumi n’itanu+ inyuma y’urupfu rwa Yehowasi+ mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli. 26  Nayo ibisigaye mu vya Amaziya, ivya mbere n’ivya nyuma+, none ntivyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Yuda na Isirayeli+? 27  Kuva igihe Amaziya ahindukiriye akareka gukurikira Yehova, batangura kumugīra umugambi mubi+ i Yeruzalemu. Amaherezo ahungira i Lakishi+; mugabo batuma abamukurikira i Lakishi bamwicirayo+. 28  Nuko bamutwara ku mafarasi+ hanyuma bamuhamba hamwe na ba sekuruza biwe mu gisagara ca Yuda+.

Amakuru yiyongereye