Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 24:1-27

24  Yehowasi yari afise imyaka indwi igihe yatangura kuganza+, amara imyaka mirongo ine aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Zibiya w’i Beyeri-sheba+.  Yehowasi+ aguma akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+ imisi yose ya Yehoyada umuherezi+.  Yehoyada amuronderera abagore babiri, hanyuma avyara abahungu n’abakobwa+.  Inyuma y’ivyo, Yehowasi agira icipfuzo mu mutima wiwe co gusanura inzu ya Yehova+.  Nuko akoraniriza hamwe abaherezi+ n’Abalewi, ababwira ati: “Nimuje mu bisagara vya Yuda, mwegeranye amahera muri Isirayeli yose yo gusanasana+ inzu y’Imana yanyu ku mwaka ku mwaka+; kandi muze mukore ningoga muri ivyo.” Mugabo Abalewi ntibakora ningoga+.  Umwami ahamagara rero Yehoyada umukuru, amubwira+ ati: “Kubera iki utagize ico ubaza Abalewi, kugira ngo bazane ikori ryeranda ryategetswe na Musa+ umusavyi wa Yehova barikuye muri Yuda n’i Yeruzalemu, egome, ikori ry’ishengero rya Isirayeli rigenewe ihema ry’Igishingantahe+?  Kuko ku bijanye na Ataliya wa mugore w’umubisha, abahungu biwe+ bari barinjiye ku nguvu mu nzu y’Imana y’ukuri+, eka mbere ibintu vyeranda vyose+ vyo mu nzu ya Yehova babihereza za Bayali+.”  Maze umwami atanga itegeko, bakora isandugu+, bayishira hanze kw’irembo ry’inzu ya Yehova.  Inyuma y’ivyo batera akamo muri Yuda hose n’i Yeruzalemu ngo bazanire Yehova ikori ryeranda+, iryo Musa umusavyi w’Imana y’ukuri yategetse+ Isirayeli mu gahinga. 10  Nuko abaganwa bose+ n’abantu bose batangura kunezerwa+, baguma barizana bariterera muri nya sandugu+ gushika bose batanze. 11  Igihe kibereye kigeze, yarazana nya sandugu akayizeza umwami biciye mu kuboko kw’Abalewi+, maze babonye ko hariho amahera menshi+, umunyamabanga+ w’umwami n’icariho c’umukuru w’abaherezi baraza bagacuranura nya sandugu bagaheza bakayiterura bakayisubiza mu kibanza cayo. Ukwo ni ko bagira ku musi ku musi, ku buryo begeranya amahera menshi. 12  Umwami na Yehoyada baca bayaha abakora+ umurimo w’igikorwa c’inzu ya Yehova+, bano na bo bagahera abaringaniza amabuye+ n’abahinguzi b’utugenegene+ kugira ngo basanure inzu ya Yehova+, bagahera n’abakora mu vy’ivyuma n’umujumpu ngo basanasane inzu ya Yehova+. 13  Nuko abakora igikorwa batangura ibikorwa+, igikorwa co gusanasana iyo nzu kiguma gitera imbere biciye ku kuboko kwabo; amaherezo bahagarika inzu y’Imana y’ukuri nk’uko yategerezwa kuba yubatse, bongera barayikomeza. 14  Bakimara kurangiza, bazana imbere y’umwami na Yehoyada amahera asigaye, maze bakora ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova, ibikoresho vy’igikorwa+ n’ivy’ugutanga amashikanwa, bakora n’ibikombe+ n’ibikoresho vy’inzahabu+ n’ivy’ifeza; kandi bama bashikana mu nzu ya Yehova ibimazi biturirwa+, imisi yose ya Yehoyada. 15  Yehoyada arasaza, ahāga imyaka+, amaherezo arapfa; apfa afise imyaka ijana na mirongo itatu. 16  Nuko bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi hamwe n’abami+, kuko yari yarakoze ivyiza muri Isirayeli+ no ku bijanye n’Imana y’ukuri be n’inzu yayo. 17  Yehoyada amaze gupfa, abaganwa+ ba Yuda baraza bunamira umwami. Umwami aca arabumviriza+. 18  Amaherezo baheba inzu ya Yehova Imana ya ba sekuruza babo, batangura gukorera ibikingi vyeranda+ n’ibigirwamana+, ku buryo Yuda na Yeruzalemu birakarirwa kubera icaha cavyo+. 19  Yehova aguma atuma abahanuzi+ muri bo kugira ngo babagarukane kuri we; baguma babagiriza, mugabo ntibatega ugutwi+. 20  Maze impwemu y’Imana+ itwikira+ Zekariya+ mwene Yehoyada+ umuherezi, ahagarara ahakirurutse imbere y’abantu hanyuma ababwira ati: “Ibi ni vyo Imana y’ukuri ivuze: ‘Kubera iki muhonyanga amabwirizwa ya Yehova, bigatuma mutaroranirwa+? Ko mwahevye Yehova, na we azobaheba+.’” 21  Amaherezo bamugīra umugambi mubi+ maze bamutera amabuye+ mu kigo c’inzu ya Yehova bitegetswe n’umwami. 22  Yehowasi umwami ntiyibuka ubuntu bwuzuye urukundo Yehoyada se wa Zekariya yari yaramugiriye+, ku buryo yica umuhungu wiwe, uno, igihe yagira apfe, akaba yavuze ati: “Yehova nabirabe, avyishuze+.” 23  Nuko mu ntango z’umwaka+, inteko za gisirikare za Siriya+ ziduga kumutera+, maze zitangura gushwara Yuda na Yeruzalemu. Ziraheza zihonya mu bantu abaganwa bose+ b’abantu, maze isahu ryabo ryose zirirungikira umwami wa Damasiko+. 24  Kuko inteko za gisirikare z’Abasiriya zashwaye igihugu zigizwe n’abagabo bakeyi+, maze Yehova ubwiwe agatanga mu kuboko kwazo inteko za gisirikare nyinshi cane+, kuko bari barahevye Yehova Imana ya ba sekuruza babo; nuko bashitsa kuri Yehowasi urubanza+. 25  Maze bagiye bavuye iwe (kuko bamusize arwaye indwara nyinshi+), abasuku biwe bamugīra umugambi mubi+ kubera amaraso+ ya bene Yehoyada+ umuherezi; bamwicira ku buriri bwiwe, arapfa+. Maze bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+, mugabo ntibamuhamba mu mva z’abami+. 26  Aba ni bo bamugīriye umugambi mubi: Zabadi+ umuhungu wa Shimeyati Umwamonikazi na Yehozabadi umuhungu wa Shimuriti Umunyamowabukazi. 27  Nayo ibijanye n’abahungu biwe n’amajambo menshi yamenyeshejwe kuri we+ be n’isanurwa+ ry’inzu y’Imana y’ukuri, ehe vyanditswe mu nsobanuro zo mu Gitabu+ c’Abami. Nuko Amaziya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Amakuru yiyongereye