Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 21:1-20

21  Amaherezo Yehoshafati aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, hanyuma ahambwa hamwe na ba sekuruza+ mu Gisagara ca Dawidi; nuko Yehoramu+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.  Yari afise bene wabo, abahungu ba Yehoshafati, ari bo Azariya na Yehiyele na Zekariya na Azariya na Mikaheli na Shefatiya, abo bose bakaba bari bene Yehoshafati umwami wa Isirayeli.  Nuko se abaha ingabirano+ nyinshi z’ifeza n’iz’inzahabu, n’iz’ibintu vyiza hamwe n’ibisagara bikingijwe ibihome muri Yuda+; mugabo ubwami abuha Yehoramu+, kuko yari imfura+.  Yehoramu atanguye kuganza ubwami bwa se, akomeza ikibanza ciwe; yicisha rero inkota bene wabo bose+ na bamwe mu baganwa ba Isirayeli.  Yehoramu yari afise imyaka mirongo itatu n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka umunani aganza+ i Yeruzalemu.  Abandanya kugendera mu nzira y’abami ba Isirayeli+, nk’uko ab’inzu ya Ahabu bari baragize; kuko umukobwa wa Ahabu yari yarabaye umugore wiwe+; abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+.  Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya inzu ya Dawidi+, kubera isezerano+ yari yaragiranye na Dawidi, nk’uko kandi yari yaravuze ko we n’abahungu biwe yobahaye+ itara nantaryo+.  Mu misi yiwe, Edomu+ igarariza ukuboko kwa Yuda+, bimika umwami wo kubaganza+.  Nuko Yehoramu arajabuka, ari kumwe n’abakuru biwe be n’imikogote yose. Araheza ahaguruka mw’ijoro, atangura gusasika Abanyedomu bari bamukikuje be n’abakuru b’imikogote. 10  Mugabo Edomu ibandanya kugarariza ukuboko kwa Yuda gushika n’uyu musi. Ico gihe nyene ni ho Libuna+ yatangura kugarariza ukuboko kwiwe, kuko yari yahevye Yehova Imana ya ba sekuruza biwe+. 11  Na we nyene yari yarakoze ibibanza bikirurutse+ ku misozi ya Yuda, kugira ngo atume ababa i Yeruzalemu bashurashura+, no kugira ngo yirukane Yuda+. 12  Amaherezo aronka urwandiko+ ruvuye kuri Eliya+ umuhanuzi, rugira ruti: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Dawidi sogokuruza wawe avuze: ‘Kubera ko utagendeye mu nzira za Yehoshafati+ so wawe canke mu nzira za Asa+ umwami wa Yuda, 13  mugabo ukagendera mu nzira y’abami ba Isirayeli+ kandi ugatuma Yuda n’ababa i Yeruzalemu bashurashura+, nk’uko inzu ya Ahabu yatumye haba ubushurashuzi+, mbere na bene wanyu, ari bo rugo rwa so bari beza kukurusha, ukabica+, 14  ehe Yehova agira akubite bikomeye+ abantu bawe+, n’abahungu bawe+, n’abagore bawe, n’ibintu vyawe vyose. 15  Nawe uzogira indwara nyinshi+, hamwe n’indwara y’amara yawe, gushika amara yawe asohotse kubera iyo ndwara, ku musi ku musi+.’” 16  Nuko Yehova ahagurukiriza Yehoramu urwanko*+ rw’Abafilisitiya+ n’urw’Abarabu+ bari iruhande y’Abanyetiyopiya+. 17  Baduga rero muri Yuda, binjirayo ku nguvu maze banyaga ibintu vyose vyari mu nzu y’umwami+, n’abahungu biwe be n’abagore biwe+, ntibamusigira umuhungu n’umwe kiretse Yehowahazi+, umuhungu wiwe w’umuhererezi. 18  Inyuma y’ivyo vyose, Yehova amuteza mu mara indwara idashobora gukira+. 19  Nuko mu misi yakurikiye, egome, haciye ikiringo c’imyaka ibiri yuzuye, amara yiwe+ arasohoka uno akirwaye, arateba apfira muri izo ndwara ziwe mbi; abantu biwe ntibamuturirira imibavu nk’uko bayituririye+ ba sekuruza biwe. 20  Yari afise imyaka mirongo itatu n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu. Amaherezo asandaba ata wukimushaka+. Nuko bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+, mugabo ntibamuhamba mu mva z’abami+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “impwemu.”