Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 20:1-37

20  Inyuma y’ivyo, bene Mowabu+ na bene Amoni+, bari kumwe na bamwe mu Bamonimu+, baza gutera Yehoshafati mu ntambara+.  Nuko abantu baza kubimenyesha Yehoshafati, bati: “Hari isinzi rinini rije kugutera rivuye mu karere k’ikiyaga, muri Edomu+; kandi ehe bari i Hazazoni-tamari, ari ho Eni-gedi+.”  Yehoshafati aca aratinya+ maze yiyemeza kurondera Yehova+. Atangaza rero ko Yuda yose yisonzesha+.  Amaherezo abo muri Yuda bakoranirizwa hamwe kugira ngo basiguze Yehova+. Egome, abo mu bisagara vyose vya Yuda baza kubaza Yehova+.  Maze Yehoshafati ahagarara mw’ishengero rya Yuda n’irya Yeruzalemu mu nzu ya Yehova+, imbere y’ikigo gishasha+,  hanyuma avuga+ ati: “Ewe Yehova Mana ya ba sogokuruza bacu+, mbega nturi Imana mu majuru+, kandi ntuganza ubwami bwose bw’amahanga+, kandi mu kuboko kwawe ntihari ububasha n’ubushobozi, akaba ata n’umwe yoguhagarara imbere+?  Mbega si wewe, ewe Mana yacu+, wirukanye ababa muri iki gihugu bakava imbere y’abantu bawe Isirayeli+ maze ukagiha+ uruvyaro rwa Aburahamu umukunzi wawe+, gushika igihe kitagira urugero?  Barakibayemwo, maze batangura kukikwubakiramwo aheranda ku bw’izina ryawe+, mu kuvuga bati:  ‘Icago nicatuzako+, ari inkota canke urubanza rubi canke ikiza+ canke ikigoyi+, tuze duhagarare imbere y’iyi nzu+ n’imbere yawe (kuko izina ryawe+ riri muri iyi nzu), kugira ngo tugutabaze mu marushwa yacu, uheze wumve maze udukize+.’ 10  None ehe bene Amoni+, na Mowabu+ n’akarere k’imisozi ka Seyiri+, abo utemereye Isirayeli kubashwaramwo igihe bari bavuye mu gihugu ca Misiri, mugabo bagaca kure yabo ntibabazimanganye+, 11  egome, ehe baduhemvye+ kwinjira ngo batwirukane mu ntoranwa yawe watumye twigabira+. 12  Ewe Mana yacu, mbega ntuzobashitsako urubanza+? Kuko tudafise ububasha imbere y’iri sinzi rinini rije kudutera+; kandi twebwe ntituzi ico turi bukore+, mugabo ni wewe duhanze amaso+.” 13  Muri ico gihe abo muri Yuda bose bari bahagaze imbere ya Yehova+, mbere n’abana babo batoyi+ n’abagore babo n’abahungu babo. 14  Nayo Yahaziyeli mwene Zekariya, Zekariya wa Benaya, Benaya wa Yeyeli, Yeyeli wa Mataniya, Umulewi wo muri bene Asafu+, impwemu+ ya Yehova imuzako hagati mw’ishengero. 15  Nuko avuga ati: “Nimwumvirize, ewe Yuda yose namwe ababa i Yeruzalemu nawe Mwami Yehoshafati! Ibi ni vyo Yehova ababwiye: ‘Ntimutinye+ canke ngo mutekerwe n’ubwoba kubera iryo sinzi rinini; kuko urugamba atari urwanyu, mugabo ni urw’Imana+. 16  Ejo muze mumanuke kubategera. Ehe bariko badugana akanyuro ka Zizi; muzobasanga koko ku mpera y’umwonga imbere y’agahinga ka Yeruweli. 17  Ntimuzorinda kurwana+ ico gihe. Muze mufate ikibanza canyu, muhagarare mudakoma+ maze mubone ubukiriro+ bwa Yehova muzokirishwa. Ewe Yuda na Yeruzalemu, ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba+. Ejo muze musohoke kubategera, Yehova azoba ari kumwe namwe+.’” 18  Yehoshafati aca arunama, mu maso hiwe hakora hasi+, na Yuda yose n’ababa i Yeruzalemu bikubita hasi imbere ya Yehova kugira bunamire Yehova+. 19  Maze Abalewi+ bo mu bahungu b’Abakohati+ n’abo mu bahungu b’Aba-Kora+ barahaguruka kugira bashemeze Yehova Imana ya Isirayeli n’ijwi rirenga bimwe bidasanzwe+. 20  Nuko bahaguruka kare mu gitondo maze barasohoka baja mu gahinga+ ka Tekowa+. Bariko barasohoka, Yehoshafati arahaguruka maze avuga ati: “Nimunyumve, ewe Yuda namwe ababa i Yeruzalemu+! Nimwizere+ Yehova Imana yanyu kugira ngo mumare ikiringo kirekire. Nimwizere abahanuzi biwe+ mubone kuroranirwa.” 21  Vyongeye, aja inama+ n’abantu maze ashiraho abaririmvyi+ bo kuririmbira Yehova n’abamushemeza+ bashazishije impuzu nyeranda+, bakabigira igihe basohotse bitangiye imbere abagabo bafise ibirwanisho+, bavuga bati: “Shemeze Yehova+, kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe+ ari ubwo gushika igihe kitagira urugero.” 22  Aho batanguriye kwiha akamo k’umunezero no kumushemeza, Yehova ashiraho abagabo bo kubundira+ bene Amoni, Mowabu n’akarere k’imisozi ka Seyiri bariko baza muri Yuda, maze bano batangura gukubitana+. 23  Nuko bene Amoni na Mowabu bahagurukira ababa mu karere k’imisozi ka Seyiri+ kugira ngo babatikize, babazimanganye; bakimara kurangiza ababa i Seyiri, baca bafashanya umwe wese kwica mugenziwe+. 24  Nayo Yuda, iza ku munara w’inderetsi wo mu gahinga+. Bagize ngo barahindukira kuraba nya sinzi, baza bababona bari ng’aho, imivyimba yabo irambaraye hasi+ ata n’umwe yacitse kw’icumu. 25  Nuko Yehoshafati n’abantu biwe baza gusahura isahu+ ryabo; baronka muri bo ibintu n’ivyambarwa n’ibintu bihimbaye, vyinshi; batangura kubambura ivyo bitwarira gushika aho badashobora gutwara ikindi kintu na kimwe+. Bamara imisi itatu basahura nya sahu, kuko ryari ryinshi. 26  Maze ku musi ugira kane bakoranira mu kiyaya co hasi ca Beraka, kuko ari ho bahezagiriye Yehova+. Ni co catumye aho hantu bahita+ Ikiyaya co Hasi ca Beraka*, gushika uno musi. 27  Maze abagabo bose ba Yuda na Yeruzalemu barahindukira barongōwe na Yehoshafati, kugira basubire i Yeruzalemu banezerewe, kuko Yehova yari yabanezereje ku bijanye n’abansi babo+. 28  Baza rero i Yeruzalemu ku nzu ya Yehova+, bafise ibicurarangisho vy’imirya+ n’inanga+ n’inzumbete+. 29  Nuko ubwoba+ buvuye ku Mana buba ku bwami bwose bw’ibihugu, aho bumviye ko Yehova yari yarwanije abansi ba Isirayeli+. 30  Gutyo akarere k’ubwami ka Yehoshafati ntikongera kudurumbanywa, kandi Imana yiwe ibandanya kumuha akaruhuko impande zose+. 31  Nuko Yehoshafati+ abandanya kuganza Yuda. Yari afise imyaka mirongo itatu n’itanu igihe yatangura kuganza, amara imyaka mirongo ibiri n’itanu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Azuba+ umukobwa wa Shilihi. 32  Aguma agendera mu nzira ya se wiwe Asa+, ntiyakevya ngo ayivemwo, akora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+. 33  Gusa, ibibanza bikirurutse+ ntivyazimangana; kandi abantu ntibari bwategurire umutima wabo Imana ya ba sekuruza babo+. 34  Nayo ibisigaye mu vya Yehoshafati, ivya mbere n’ivya nyuma, ehe vyanditswe mu majambo ya Yehu+ mwene Hanani+, ayasobetswe mu Gitabu+ c’Abami ba Isirayeli. 35  Inyuma y’ivyo, Yehoshafati umwami wa Yuda yifatanya na Ahaziya+ umwami wa Isirayeli, uwakora ivy’ububisha+. 36  Yifatanya rero na we mu vyo gukora imeri zo kuja i Tarushishi+, bakora kandi imeri i Eziyoni-geberi+. 37  Ariko Eliyezeri mwene Dodavahu w’i Maresha avuga mu buryo bw’ubuhanuzi abwira Yehoshafati, ati: “Ko wifatanije na Ahaziya+, Yehova ntazobura gusenyura ibikorwa vyawe+.” Nuko nya meri zirasaba+, ntibasubira kugira inguvu zo kuja i Tarushishi+.

Amakuru yiyongereye

Bisobanura ngo “Umuhezagiro.”