Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 18:1-34

18  Maze Yehoshafati agira ubutunzi bwinshi n’ubuninahazwa bwinshi+; mugabo yunga na Ahabu+ ubucuti bw’ukwabirana+.  Nuko haciye imyaka, amanuka kwa Ahabu i Samariya+; Ahabu ashikana ku bwa Yehoshafati n’abantu bari kumwe na we ibimazi vyinshi vy’intama+ n’inka. Maze atangura kumuhendahenda+ ngo baduge gutera Ramoti-gileyadi+.  Nuko Ahabu umwami wa Isirayeli abwira Yehoshafati umwami wa Yuda ati: “None uzojana nanje i Ramoti-gileyadi+?” Na we amubwira ati: “Ndi nkawe, kandi abantu banje ni nk’abantu bawe, kandi turi kumwe nawe mu ntambara+.”  Ariko Yehoshafati abwira umwami wa Isirayeli ati: “Ndakwinginze ubanze ubaze+ ijambo rya Yehova.”  Nuko umwami wa Isirayeli akoraniriza hamwe abahanuzi+, abagabo amajana ane, maze ababwira ati: “Tugende gutera Ramoti-gileyadi mu ntambara, canke ndeke+?” Na bo batangura kuvuga bati: “Duga, kandi Imana y’ukuri izohatanga mu kuboko kw’umwami.”  Mugabo Yehoshafati avuga ati: “Mbega hano nta muhanuzi wa Yehova asigaye+? Dusiguze rero biciye kuri we+.”  Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati+ ati: “Haracasigaye umugabo umwe+ twocishako mu gusiguza Yehova, mugabo jewe ndamwanka+, kuko atabūra ivyiza ku binyerekeye, mugabo imisi yiwe yose yama abûra ibibi+. Ni Mikaya mwene Imula+.” Ariko Yehoshafati avuga ati: “Umwami yoye kuvuga ikintu nk’ico+.”  Nuko umwami wa Isirayeli ahamagara umukozi wo ku kirimba+ maze avuga ati: “Zana ningoga Mikaya mwene Imula+.”  Kandi umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami wa Yuda bari bicaye umwe wese ku ntebe y’ubwami yiwe, bambaye impuzu za cami+, bakaba bari bicaye ku mbuga y’ikubitiro, ku bwinjiriro bw’irembo rya Samariya; abahanuzi bose bariko bakora bwa bahanuzi imbere yabo+. 10  Maze Zedekiya mwene Kenayana yihingurira amahembe+ y’icuma hanyuma avuga ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze+: ‘Aya ni yo uzosunikisha Abasiriya gushika ubatikije+.’” 11  N’abandi bahanuzi bose bariko bavuga gutyo nyene, bati: “Duga i Ramoti-gileyadi kandi uroranirwe+, Yehova azohatanga ata gukeka mu kuboko kw’umwami+.” 12  Ya ntumwa yaja guhamagara Mikaya imubwira iti: “Umve, amajambo y’abahanuzi ni meza yose ku bijanye n’umwami; ndakwinginze ijambo ryawe ribe nk’iry’umwe muri bo+, uvuge iciza+.” 13  Mugabo Mikaya avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova+, ivyo Imana yanje iza kuvuga, ni vyo nza kuvuga+.” 14  Maze yinjira aho umwami ari, hanyuma umwami amubwira ati: “Mikaya, tuje i Ramoti-gileyadi mu ntambara, canke ndeke?” Aca avuga ati: “Duga kandi uroranirwe; bazotangwa mu kuboko kwanyu+.” 15  Umwami aca amubwira ati: “Ni kangahe nkurahiza+ yuko ata kindi ukwiye kumbwira atari ukuri mw’izina rya Yehova+?” 16  Na we avuga ati: “Ndabona koko Abisirayeli bose basanzaye ku misozi, nk’intama zitagira umwungere+. Yehova avuga kandi ati: ‘Abo ntibagira ba shebuja+. Nibasubire inyuma, umwe wese yigire ku nzu yiwe amahoro+.’” 17  Maze umwami wa Isirayeli abwira Yehoshafati ati: “Sinakubwiye nti: ‘Ntaza kubûra ibintu vyiza ku binyerekeye, atari ibibi+’?” 18  Mikaya abandanya kuvuga ati: “Nimwumve rero ijambo rya Yehova+: Ndabona koko Yehova yicaye ku ntebe y’ubwami yiwe+, n’ingabo zose+ zo mu majuru zihagaze iburyo bwiwe n’ibubamfu bwiwe+. 19  Maze Yehova avuga ati: ‘Ni nde aza guhenda Ahabu umwami wa Isirayeli kugira ngo aduge hanyuma agwe i Ramoti-gileyadi?’ Haba ikiyago, umwe akavuga uku, uwundi akavuga kuriya+. 20  Amaherezo impwemu+ imwe irasohoka, ihagarara imbere ya Yehova, ivuga iti: ‘Jewe ndamuhenda.’ Yehova aca ayibwira ati: ‘Gute+?’ 21  Na yo iti: ‘Ndasohoka ncike koko impwemu ihendana mu kanwa k’abahanuzi biwe bose+.’ Avuga rero ati: ‘Uraza kumuhenda; n’ikindi kandi, uratahukana intsinzi+. Sohoka ugire gutyo+.’ 22  Ehe rero Yehova yashize impwemu ihendana mu kanwa k’abo bahanuzi bawe+; mugabo Yehova ubwiwe yavuze ivyago ku bikwerekeye+.” 23  Nuko Zedekiya+ mwene Kenayana+ aregera, akubita Mikaya+ kw’itama+ hanyuma avuga ati: “Mbega impwemu ya Yehova yaciye hehe ivuye muri jewe kugira ngo ivugane nawe+?” 24  Mikaya aca avuga ati: “Ehe, uzobona aho yaciye aho ari ho kuri urya musi+ uzokwinjira mu cumba c’ahitereye kwinyegeza+.” 25  Maze umwami wa Isirayeli avuga ati: “Nimufate Mikaya mumusubize kuri Amoni umukuru w’igisagara no kuri Yowasi umuhungu w’umwami+. 26  Muheze muvuge muti: ‘Ibi ni vyo umwami avuze: “Shire uyu mugabo mu nzu y’ibohero+, mumugaburire ingaburo y’umukate+ igabanijwe be n’ingaburo y’amazi igabanijwe, gushika ngarutse amahoro+.”’” 27  Mikaya aca avuga ati: “Niwaramuka ugarutse amahoro, Yehova azoba atavuganye nanje+.” Yongerako ati: “Nimwumve, yemwe bisata vy’abantu mwese+.” 28  Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami wa Yuda baduga i Ramoti-gileyadi+. 29  Umwami wa Isirayeli abwira rero Yehoshafati ati: “Ndaza kwiyoberanya+ maze ninjire mu rugamba, mugabo wewe, wambare impuzu zawe za cami+.” Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya, hanyuma binjira mu rugamba+. 30  Nayo umwami wa Siriya, yari yategetse abakuru b’imikogote yiwe ati: “Ntimurwanye umuto canke uwukomeye, mugabo murwanye umwami wa Isirayeli wenyene+.” 31  Nya bakuru b’imikogote bakimara kubona Yehoshafati, bibwira bati: “Ni umwami wa Isirayeli+.” Barahindukira rero kugira bamurwanye; maze Yehoshafati atangura gutabaza+, Yehova na we ubwiwe aramufasha+, Imana ica ibakwegakwegera kure yiwe+. 32  Nya bakuru b’imikogote bakibona yuko atari umwami wa Isirayeli, baca basubira inyuma bareka kumukurikira+. 33  Nuko umugabo umwe apfa gufora umuheto ata mugambi mubi abigiranye, mugabo arasa+ umwami wa Isirayeli aho ibindi bihimba vy’ibirwanisho vyahurira n’umwitero w’ivyuma, ku buryo abwira uwutwara umukogote+ ati: “Hindukiza ukuboko kwawe, unkure mw’ikambi, kuko nakomerekejwe bimwe bibi+.” 34  Urugamba rurushiriza gukomera kuri uwo musi, biba ngombwa ko umwami wa Isirayeli aguma ahagaritswe mu mukogote arabana n’Abasiriya gushika ku mugoroba; amaherezo arapfa mu gihe c’ukurenga kw’izuba+.

Amakuru yiyongereye