Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 16:1-14

16  Mu mwaka ugira mirongo itatu na gatandatu w’ingoma ya Asa, Bayasha+ umwami wa Isirayeli aduga gutera Yuda maze atangura kwubaka Rama+, kugira ngo ntakundire umuntu n’umwe gusohoka canke kwinjira kwa Asa umwami wa Yuda+.  Nuko Asa asohora ifeza n’inzahabu abikuye mu matungo y’inzu ya Yehova+ no mu y’inzu y’umwami+, abirungikira Beni-hadadi+ umwami wa Siriya+ yaba i Damasiko+, mu kuvuga ati:  “Hariho isezerano hagati yanje nawe no hagati ya dawe na so. Ehe ndakurungikiye ifeza n’inzahabu. Genda urenge kw’isezerano ufitaniye na Bayasha+ umwami wa Isirayeli, kugira ngo ave iwanje+.”  Beni-hadadi yumviriza rero Umwami Asa, arungika abakuru b’inteko za gisirikare ziwe ngo batere ibisagara vya Isirayeli, ku buryo basasika Iyoni+ na Dani+ na Abeli-mayimu+ n’ububiko bwose+ bw’ibisagara vya Nafutali+.  Bayasha akimara kuvyumva, aca areka kwubaka Rama maze ahagarika igikorwa ciwe+.  Nayo Asa umwami, ahitana Yuda yose+, maze batangura gutwara amabuye y’igisagara ca Rama+ n’ibiti vyaco, ivyo Bayasha yari yarubakishije+, atangura kuvyubakisha Geba+ na Mizipa+.  Ico gihe Hanani+ rubonyi aza kuri Asa umwami wa Yuda maze amubwira ati: “Ko wishimikije umwami wa Siriya+, ntiwishimikize Yehova Imana yawe+, ni co catumye inteko za gisirikare z’umwami wa Siriya zikira ukuboko kwawe.  Mbega Abanyetiyopiya+ n’Abanyalibiya+ ntibari inteko za gisirikare zikomeye cane uravye ubwinshi, imikogote n’abagendera ku mafarasi+? Yamara, kubera ko wishimikije Yehova, ntiyabatanze none mu kuboko kwawe+?  Kuko Yehova amaso yiwe+ anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe ku bw’abafise umutima+ ukwiye kuri we. Wakoze ivy’ubupfu+ muri ivyo, kuko kuva ubu hazobaho intambara zo kukurwanya+.” 10  Ariko Asa ababazwa n’uwo rubonyi maze amushira mu nzu y’impatane z’ibiti*+, kuko yari yamugiriye ubushangashirwe kubera ico kintu+. Nuko Asa atangura gukandamiza+ n’abandi bantu muri ico gihe nyene. 11  Kandi ehe ivya Asa, ivya mbere n’ivya nyuma, vyanditswe mu Gitabu+ c’Abami ba Yuda n’aba Isirayeli. 12  Maze Asa, mu mwaka ugira mirongo itatu n’icenda w’ingoma yiwe, afatwa n’indwara mu birenge, gushika aho aremba+; ariko no mu ndwara yiwe, ntiyarondera Yehova+ mugabo arondera abavūzi+. 13  Amaherezo Asa aryama hamwe na ba sekuruza biwe+, apfa mu mwaka ugira mirongo ine na rimwe w’ingoma yiwe. 14  Nuko bamuhamba mu mva yiwe ihambaye+ yari yariyimbishirije mu Gisagara ca Dawidi+; bamuryamika ku gitanda cari cujujwe amavuta y’umusomozo+ n’ubwoko butandukanye bw’amavuta manovu+ avanzwe agacika amavuta manovu akozwe mu buryo budasanzwe+. Vyongeye, bamugirira iturira ry’imibavu+ rijanye n’amaziko rihambaye bimwe bidasanzwe.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.