Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 15:1-19

15  Nayo Azariya mwene Odedi+, impwemu+ y’Imana iza kuri we.  Nuko arasohoka aja imbere ya Asa maze amubwira ati: “Nyumvirize, ewe Asa na Yuda yose na Benyamini yose! Yehova azobana namwe nimwabana na we+; nimwamurondera+, azoreka mumuronke, mugabo nimwamuheba azobaheba+.  Imisi Isirayeli+ yamaze itagira Imana y’ukuri, itagira umuherezi yigisha+, itagira n’Itegeko, yabaye myinshi.  Mugabo igihe bagaruka kuri Yehova Imana ya Isirayeli+ bari mu marushwa+ bakamurondera, yararetse baramuronka+.  Muri ivyo bihe nta mahoro yariho ku wasohoka canke ku winjira+, kuko hari imivurungano myinshi mu baba muri ivyo bihugu bose+.  Barajanjagurana, ihanga n’irindi hanga+, igisagara n’ikindi gisagara, kuko Imana ubwayo yabagumiza mu muvurungano ikoresheje ubwoko bwose bw’amarushwa+.  Ariko mweho, mugire umutima rugabo+ kandi amaboko yanyu ntaregere*+, kuko igikorwa canyu kiri n’impera+.”  Asa akimara kwumva ayo majambo n’ubuhanuzi bwa Odedi+ umuhanuzi, agira umutima rugabo maze atangura kuzimanganya ibintu bisesemye+ mu gihugu cose ca Yuda n’ica Benyamini no mu bisagara yari yarafashe mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, asanura n’igicaniro ca Yehova cari imbere y’ibaraza rya Yehova+.  Atangura kandi gukoraniriza hamwe Yuda yose na Benyamini yose+ na ba kavamahanga bose+ bari kumwe na bo bavuye muri Efurayimu no muri Manase no muri Simeyoni, kuko bari barataye bakomokera kuri we ari benshi, bavuye muri Isirayeli, igihe babona ko Yehova Imana yiwe yari kumwe na we+. 10  Bakoranirizwa rero i Yeruzalemu mu kwezi kugira gatatu kw’umwaka ugira cumi na gatanu w’ingoma ya Asa. 11  Maze kuri uwo musi bashikanira Yehova ibimazi bakuye kw’isahu bari barazanye, bashikana inka amajana indwi n’intama ibihumbi indwi. 12  Vyongeye, binjira mw’isezerano+ ryo kurondera Yehova Imana ya ba sekuruza babo n’umutima wabo wose n’ubuzima bwabo bwose+; 13  kugira ngo umuntu wese atorondeye Yehova Imana ya Isirayeli yicwe+, yaba umuto canke uwuhambaye+, yaba umugabo canke umugore+. 14  Nuko barahira+ Yehova n’ijwi rirenga, n’akaruru k’umunezero, bavuza inzumbete n’inzamba. 15  Yuda yose inezerezwa+ n’iyo ndahiro; kuko bari barahiye n’umutima wabo wose kandi bakaba bari bamuronderanye agahimbare kuzuye, ku buryo areka bakamuronka+; Yehova abandanya kubaha akaruhuko impande zose+. 16  Mbere na Mayaka+ inakuru, Asa umwami+ amukura mu kibanza co kuba umugore w’iteka+, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye ishishi agikoreye igikingi ceranda+; maze Asa asitura ico kigirwamana ciwe giteye ishishi+, aragisya araheza agituririra+ mu mwonga Kidironi+. 17  Mugabo ibibanza bikirurutse+ ntivyazimangana muri Isirayeli+. Gusa, umutima wa Asa uba uwukwiye mu misi yiwe yose+. 18  Maze atangura kwinjiza mu nzu y’Imana y’ukuri ibintu se wiwe yari yaragize vyeranda be n’ibintu+ we ubwiwe yari yaragize vyeranda: ifeza n’inzahabu be n’ibikoresho+. 19  Ntihaba intambara gushika ku mwaka ugira mirongo itatu na gatanu w’ingoma ya Asa+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “ntakoroke.”