Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 14:1-15

14  Amaherezo Abiya aryama hamwe na ba sekuruza+, hanyuma bamuhamba mu Gisagara ca Dawidi+; nuko Asa+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. Mu misi yiwe igihugu kimara imyaka cumi ata kigihungabanya+.  Maze Asa atangura gukora ivyari vyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yiwe.  Araheza akuraho ibicaniro vy’ibinyamahanga+ n’ibibanza bikirurutse+, amenagura inkingi nyeranda+ yongera yicira ibikingi vyeranda+.  Vyongeye, abwira Yuda kurondera+ Yehova Imana ya ba sekuruza babo no gushitsa itegeko+ n’ibwirizwa+.  Nuko akura mu bisagara vyose vya Yuda ibibanza bikirurutse n’ibishirwako imibavu+; maze ubwami buguma ata kibuhungabanya+ imbere yiwe.  Hanyuma yubaka muri Yuda ibisagara bikingijwe ibihome+, kuko igihugu kitagira ikigihungabanya; ntihaba intambara yo kumurwanya muri iyo myaka, kuko Yehova yamuhaye akaruhuko+.  Nuko abwira Yuda ati: “Twubake ibi bisagara maze tubikikuze impome+ n’iminara+, imiryango igizwe n’inzugi zibirizibiri, n’ibihindizo+. Igihugu kiracari icacu, kuko twarondeye Yehova Imana yacu+. Twaramurondeye, na we aduhaye akaruhuko impande zose+.” Baguma bubaka kandi bararoranirwa+.  Nuko Asa agira inteko za gisirikare zitwara inkinzo zagutse+ n’amacumu+, abagabo ibihumbi amajana atatu bo muri Yuda+. Muri Benyamini na ho, abatwara udukinzo bakongera bagafora umuheto+ bari ibihumbi amajana abiri na mirongo umunani+. Abo bose bari abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi.  Mu nyuma, Zera Umunyetiyopiya+ asohoka kubatera ari kumwe n’inteko za gisirikare umuliyoni+ n’imikogote amajana atatu, hanyuma araza gushika i Maresha+. 10  Nuko Asa asohoka kumurwanya, maze batonda urugamba mu mubande wa Zefata i Maresha. 11  Asa atangura rero kwambaza Yehova Imana yiwe+ ati: “Ewe Yehova, ku bijanye no gutabara, nturaba ngo hari abantu benshi canke ngo hari abadafise inkomezi+. Dufashe, ewe Yehova Mana yacu, kuko ari wewe twishimikije+, kandi mw’izina ryawe+ ni ho tuje kurwanya iri sinzi. Ewe Yehova, uri Imana yacu+. Umuntu buntu* ntakurushe inkomezi+.” 12  Maze Yehova atsindira+ Abanyetiyopiya imbere ya Asa n’imbere ya Yuda, Abanyetiyopiya barata barahunga. 13  Asa n’abantu bari kumwe na we baguma babakurikira gushika i Gerari+, abo mu Banyetiyopiya na bo babandanya kugwa gushika aho ata n’umwe muri bo asigara ari muzima; kuko bamenaguriwe imbere ya Yehova+ n’imbere y’ikambi yiwe+. Mu nyuma batwara isahu ryinshi cane+. 14  Vyongeye, basasika ibisagara vyose vyo mu micungararo ya Gerari, kuko ubwoba+ buvuye kuri Yehova bwari bwabajeko; batangura gusahura ibisagara vyose, kuko muri vyo hari ibintu vyinshi vyo gusahura+. 15  Basasika mbere n’amahema+ y’abafise ibitungwa, ku buryo banyaga+ imikuku myinshi n’ingamiya+, hanyuma basubira i Yeruzalemu.

Amakuru yiyongereye

Canke, “umuntu apfa.”