Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 13:1-22

13  Mu mwaka ugira cumi n’umunani w’Umwami Yerobowamu ni ho Abiya yatangura kuganza Yuda+.  Aganza imyaka itatu i Yeruzalemu; nyina yitwa Mikaya+ umukobwa wa Uriyeli w’i Gibeya+. Nuko haba intambara hagati ya Abiya na Yerobowamu+.  Maze Abiya aja mu ntambara ari kumwe n’inteko za gisirikare zigizwe n’abagabo b’abanyenkomezi ibihumbi amajana ane, abagabo b’abarwanyi+ b’abahizi. Nuko Yerobowamu atonda urugamba ngo amurwanye, ari kumwe n’abagabo b’abahizi ibihumbi amajana umunani, abagabo b’intwari kandi b’abanyenkomezi+.  Abiya ahagarara rero ku musozi Zemarayimu, uwuri mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, avuga ati: “Nimunyumve, ewe Yerobowamu na Isirayeli yose.  Mbega si mwebwe mwari mukwiye kumenya yuko Yehova Imana ya Isirayeli ubwiwe yahaye ubwami Dawidi+ ngo aganze Isirayeli gushika igihe kitagira urugero+, akabuha we n’abahungu biwe+, biciye kw’isezerano ry’umunyu+?  Mugabo Yerobowamu+ mwene Nebati, umusuku+ wa Salomo mwene Dawidi, yarahagurutse agarariza+ umukama wiwe+.  Maze abagabo batagira ico bakora+, abantu b’imburakimazi+, baguma bakoranira kuri we. Amaherezo banesha Rehobowamu+ mwene Salomo, mu gihe Rehobowamu yari akiri muto kandi afise umutima uhuha+, ntiyahangana na bo.  “Ubu na ho mugomba guhangana n’ubwami bwa Yehova buri mu kuboko kwa bene Dawidi+, muri isinzi rinini+ kandi muri kumwe n’inyana z’inzahabu Yerobowamu yabakoreye ngo zibabere imana+.  Mbega ntimwirukanye abaherezi ba Yehova+, bene Aroni, n’Abalewi, kandi vyongeye, mbega ntimuguma mwishiriraho abaherezi nk’abantu bo mu bindi bihugu+? Nayo umuntu wese yaje akishira mw’ibango ry’ubuherezi mu gutanga ikimasa be n’impfizi z’intama indwi, yarabaye umuherezi w’ibitari imana+. 10  Tweho, Yehova ni we Mana yacu+, kandi ntitwamuhevye; mugabo abaherezi bene Aroni bariko barakorera Yehova, kandi Abalewi bariko barabafasha igikorwa+. 11  Barafumbishiriza Yehova buri gitondo na buri mugoroba amashikanwa aturirwa+ be n’imibavu imota neza+; kandi imikate igerekeranye iri ku meza y’inzahabu itavanze+, hakabaho n’igitereko c’amatara c’inzahabu+ n’amatara yaco yatswa buri mugoroba+; kuko tuguma dushitsa ivyo Yehova Imana yacu adusaba+, mugabo mwebwe mwaramuhevye+. 12  Kandi ehe turi kumwe n’Imana y’ukuri ikaba ari yo iturongōye+, n’abaherezi+ bayo be n’inzumbete z’ikimenyetso+ ku bwo kwumvikanisha ingabisho y’indwano ngo tubarwanye. Yemwe bene Isirayeli, ntimurwanye Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu+, kuko mutazororanirwa+.” 13  Nuko Yerobowamu arungika abo kubunda ngo bazunguruke babaturuke inyuma, ku buryo ingabo ziwe ziba imbere ya Yuda, nya bantu bo kubunda na bo bakaba inyuma ya Yuda+. 14  Abo muri Yuda ngo bahindukire, baza babona bafise urugamba imbere n’inyuma+. Nuko batangura kuririra Yehova+, abaherezi na bo bakaba bariko bavuza inzumbete n’ijwi rirenga. 15  Maze abagabo ba Yuda biha akaruru k’intambara+. Abagabo ba Yuda ngo bihe akaruru k’intambara, Imana y’ukuri ica itsindira+ Yerobowamu na Isirayeli yose imbere ya Abiya+ na Yuda. 16  Nuko bene Isirayeli barahunga bava imbere ya Yuda, maze Imana ibatanga mu kuboko kwabo+. 17  Abiya n’abantu biwe batangura kubasasika n’ugusasika gukomeye; abagandagurwa ba Isirayeli baguma bagwa, hapfa abagabo b’abahizi ibihumbi amajana atanu. 18  Gutyo bene Isirayeli bacishwa bugufi ico gihe, mugabo bene Yuda baranesha kuko bishimikije+ Yehova Imana ya ba sekuruza babo. 19  Abiya aguma yoma inyuma Yerobowamu, amutwara ibisagara, ari vyo Beteli+ n’ibisagara bihakukira, Yeshana n’ibisagara bihakukira, na Efurayini n’ibisagara bihakukira+. 20  Yerobowamu ntiyasigarana inkomezi+ mu misi ya Abiya; mugabo Yehova aramukubita+ ku buryo apfa. 21  Abiya abandanya kwikomeza+. Mu nyuma yiyabirira abagore cumi na bane+, hanyuma avyara abahungu mirongo ibiri na babiri+ n’abakobwa cumi na batandatu. 22  Ibisigaye mu vya Abiya, egome, inzira ziwe n’amajambo yiwe, vyanditswe mu nsobanuro z’umuhanuzi Ido+.

Amakuru yiyongereye