Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 11:1-23

11  Rehobowamu ashitse i Yeruzalemu+, aca akoranya inzu ya Yuda na Benyamini+, abagabo b’abahizi ibihumbi ijana na mirongo umunani bashoboye intambara+, kugira barwanye Isirayeli, bagarukanire ubwami Rehobowamu.  Maze ijambo rya Yehova riza kuri Shemaya+ umuntu w’Imana y’ukuri, riti:  “Bwira Rehobowamu mwene Salomo umwami wa Yuda+, na Isirayeli yose muri Yuda no muri Benyamini, uti:  ‘Ibi ni vyo Yehova avuze: “Ntimuduge kurwanya bene wanyu+. Umwe wese nasubire ku nzu yiwe, kuko ico kintu cabaye bivuye kuri jewe+.”’” Nuko bagamburuka ijambo rya Yehova, basubira inyuma bareka kuja gutera Yerobowamu+.  Rehobowamu abandanya kuba i Yeruzalemu maze atangura kwubaka muri Yuda ibisagara bikingijwe ibihome.  Gutyo asubira kwubaka Betelehemu+ na Etamu+ na Tekowa+,  na Beti-zuri+ na Soko+ na Adulamu+,  na Gati+ na Maresha+ na Zifu+,  na Adorayimu na Lakishi+ na Azeka+, 10  na Zora+ na Ayaloni+ na Heburoni+, ibisagara bikingijwe ibihome vyari muri Yuda no muri Benyamini. 11  Vyongeye, akomeza ibibanza bikingijwe ibihome+ maze abishiramwo indongozi+, n’ibigega vy’ibifungurwa n’amavuta n’umuvinyu, 12  kandi mu bisagara bitandukanye vyose ashirayo inkinzo+ zagutse n’amacumu+; arabikomeza cane rwose. Kandi Yuda na Benyamini biguma ari rwiwe. 13  Abaherezi n’Abalewi bari muri Isirayeli yose baza kumushigikira bavuye mu turere twabo twose. 14  Kuko Abalewi bavuye mu matongo y’uburagiriro yabo+ no mu vyabo+ bakaza muri Yuda n’i Yeruzalemu+, kubera ko Yerobowamu+ n’abahungu biwe bari babakomboye+ kugira ngo ntibakorere Yehova ari abaherezi. 15  Mugabo atangura kwishiriraho abaherezi ku bw’ibibanza bikirurutse+ no ku bw’amadayimoni* asa n’impene+ no ku bw’inyana yari yarakoze+. 16  Nuko bakurikirwa n’abantu bavuye mu miryango yose ya Isirayeli bari bashize umutima wabo ku kurondera Yehova Imana ya Isirayeli; abo bantu baza i Yeruzalemu+ gushikanira ibimazi+ Yehova Imana ya ba sekuruza. 17  Baguma bakomeza ingoma ya Yuda+ bongera bashigikira Rehobowamu mwene Salomo mu kiringo c’imyaka itatu, kuko bagendeye mu nzira ya Dawidi n’iya Salomo mu kiringo c’imyaka itatu+. 18  Maze Rehobowamu yabira Mahalati umukobwa wa Yerimoti mwene Dawidi, nyina akaba yari Abihayili umukobwa wa Eliyabu+ mwene Yese. 19  Mu nyuma amuvyarira abahungu, ari bo Yewushi na Shemariya na Zahamu. 20  Inyuma yiwe, yabira Mayaka+ umwuzukuru wa Abusalomu+. Mu nyuma amuvyarira Abiya+ na Atayi na Ziza na Shelomiti. 21  Rehobowamu akunda Mayaka umwuzukuru wa Abusalomu kuruta uko akunda abandi bagore biwe bose+ n’incoreke ziwe; kuko yari yabiriye abagore cumi n’umunani, be n’incoreke mirongo itandatu, ku buryo avyara abahungu mirongo ibiri n’umunani n’abakobwa mirongo itandatu. 22  Nuko Rehobowamu ashiraho Abiya mwene Mayaka ngo abe umukuru, ngo abe indongozi muri bene wabo, kuko yategekanya kumugira umwami. 23  Ariko akorana ubwenge+, agabanganya bamwe mu bahungu biwe bose mu bihugu vyose vya Yuda n’ivya Benyamini+, mu bisagara vyose bikingijwe ibihome+, abaha ibifungurwa vyinshi+ yongera abaronderera abagore benshi+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.