Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Ngoma 1:1-17

1  Nuko Salomo mwene Dawidi abandanya kugira inkomezi ku ngoma yiwe+, kandi Yehova Imana yiwe yari kumwe na we+, akaguma amugira uwuhambaye bihebuje+.  Hanyuma Salomo aha itegeko Isirayeli yose, abakuru b’ibihumbi+ n’ab’amajana+ n’abacamanza+ n’abakuru bose ba Isirayeli yose+, abakuru b’amazu ya ba sekuru+.  Maze Salomo ari kumwe n’ishengero ryose baja ku kibanza gikirurutse* cari i Gibeyoni+; kuko ng’aho ari ho hari ihema ry’ihuriro+ ry’Imana y’ukuri, iryo Musa umusavyi+ wa Yehova yari yarakoreye mu gahinga.  Ariko isandugu+ y’Imana y’ukuri Dawidi yari yarayikuye i Kiriyati-yeyarimu+ ayidugana mu kibanza yari yarayiteguriye+, kuko yari yarayishingiye ihema i Yeruzalemu+.  Igicaniro* c’umujumpu+ Bezaleli+ umuhungu wa Uri mwene Huru+ yari yarakoze cari cashizwe imbere y’itaberenakulo* ya Yehova; Salomo n’ishengero bama bagisiguza nk’uko vyari bisanzwe.  Salomo araheza ashikana amashikanwa ng’aho imbere ya Yehova kuri nya gicaniro c’umujumpu cegukira ihema ry’ihuriro, atangura gushikana kuri co amashikanwa aturirwa igihumbi+.  Muri iryo joro Imana ibonekera Salomo maze imubwira iti: “Saba! Ndaguhe iki+?”  Salomo aca abwira Imana ati: “Ni wewe wagiriye cane ubuntu bwuzuye urukundo Dawidi dawe+ kandi ungira umwami mu kibanza ciwe+.  None rero, ewe Yehova Mana, umuhango wawe wahaye Dawidi dawe nube uwo kwizigirwa+, kuko ari wewe wanyimitse ukangira umwami+ wo kuganza igisata c’abantu mu bwinshi bangana nk’udutete tw’umukungugu w’isi+. 10  Numpe rero ubukerebutsi n’ubumenyi+ kugira ngo nyobore aba bantu neza+; nakare, ni nde yoshobora gucira imanza aba bantu bawe n’ingene ari benshi+?” 11  Maze Imana ibwira Salomo iti: “Ko wagize ico cipfuzo mu mutima wawe+, ntusabe ubutunzi, amatungo n’iteka canke ubuzima bw’abakwanka, eka mbere ntusabe kumara imisi myinshi+, mugabo ukisabira ubukerebutsi n’ubumenyi kugira ngo ucire imanza abantu banje, abo nakwimitsemwo ngo ubaganze+, 12  ubukerebutsi n’ubumenyi urabihawe+; nzoguha n’ubutunzi n’amatungo n’iteka ata bami bakwitangiye imbere bigeze bagira+, kandi ata n’umwe azoza mu nyuma zawe azogira+.” 13  Nuko Salomo ava kuri nya kibanza gikirurutse cari i Gibeyoni+, imbere y’ihema ry’ihuriro+, aja i Yeruzalemu maze abandanya kuganza Isirayeli+. 14  Salomo aguma akoranya imikogote n’amafarasi y’imbangutsi, ku buryo ahava akagira imikogote igihumbi n’amajana ane n’amafarasi y’imbangutsi ibihumbi cumi na bibiri+; abishira mu bisagara vy’imikogote+ no hafi y’umwami i Yeruzalemu. 15  Amafeza n’inzahabu umwami abigira nk’amabuye i Yeruzalemu+; ibiti vy’amasederi na vyo abigira nk’ibiti vy’imisukomora+ biri muri Shefela*+, mu bwinshi. 16  Amafarasi Salomo yaronka yakurwa mu Misiri+; umugwi w’abadandaza b’umwami waratora ubusho bw’amafarasi ku kiguzi+. 17  Kandi bari basanzwe baduga, bagakura mu Misiri umukogote ku bice amajana atandatu vy’ifeza, ifarasi na yo kw’ijana na mirongo itanu; ukwo ni ko vyagenda ku bami bose b’Abaheti n’abami ba Siriya+. Ivyo bintu babikurayo biciye kuri bo.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.
Canke, “mu ntara yo hasi.”