2 Abatesalonika 3:1-18
3 Ubwa nyuma, bene wacu, mubandanye kudusengera+, ngo ijambo rya Yehova+ rigume rija imbere ningoga+ ryongera rininahazwa, nk’uko mbere rimeze muri mwebwe;
2 kandi ngo turokorwe mu gukizwa abantu bakora ikibi kandi b’ababisha+, kuko ukwizera atari ikintu gifiswe na bose+.
3 Mugabo Umukama ni umwizigirwa, kandi azobashikamisha yongere abarinde wa mubisha+.
4 Vyongeye, turizigiye+ mu Mukama ku biberekeye, yuko muriko mukora ivyo dutegeka kandi ko muzobandanya kubikora+.
5 Umukama abandanye kuyobora neza imitima yanyu mu rukundo+ rw’Imana no mu kwihangana+ ku bwa Kristu.
6 Ubu rero turabategeka+, bene wacu, mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu, kwitandukanya+ na mwene wacu wese atagendera ku rutonde+, ntagende yisunga ivyo twabashikirije+.
7 Kuko mwebwe ubwanyu muzi ingene mubwirizwa kutwigana+, kuko muri mwebwe tutigenjeje nk’abatagendera ku rutonde+,
8 eka kandi nta n’umwe twaririye ibifungurwa ku buntu+. Ahubwo riho, mu kubira akuya no mu gucumukura+ ijoro n’umurango, twarakora kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe turemeka umuzigo uzimvye+.
9 Si uko tutabifitiye ububasha+, ahubwo ni ukugira ngo twitange bwa karorero kuri mwebwe ngo mutwigane+.
10 Nkako kandi, igihe twari kumwe namwe, twahora tubaha iri tegeko+: “Nimba hari uwudashaka gukora, no kurya ntarye+.”
11 Kuko twumva ko hari bamwe batagendera ku rutonde+ muri mwebwe, badakora na gatoyi, mugabo bita mu bitabaraba+.
12 Mwene abo bantu turabategeka tukongera tukabahimiriza mu Mukama Yezu Kristu yuko mu gukora batekanye ari ho bakwiye kurya ibifungurwa bo ubwabo bakoreye+.
13 Nayo mwebwe, bene wacu, ntimuhebe gukora ivyiza+.
14 Mugabo nimba hari uwutagamburuka ijambo+ tubabwiriye muri iri kete, uwo mugume mumushizeko ikimenyetso+, mureke kwifatanya na we+, kugira ngo amaramare+.
15 Yamara ntimumubone nk’umwansi, ahubwo mubandanye kumukebura+ nk’umuvukanyi.
16 Wa Mukama w’amahoro rero ubwiwe yame abaha amahoro mu buryo bwose+. Umukama abane namwe mwese.
17 Ng’iyi indamutso yanje, iya Paulo, n’ukuboko kwanje bwite+, kikaba ari ikimenyetso mw’ikete ryanje ryose; ukwo ni ko nandika.
18 Ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe mwese.