2 Abatesalonika 1:1-12

1  Paulo na Silivano na Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Abatesalonika ryunze ubumwe n’Imana ari yo Data hamwe n’Umukama Yezu Kristu:  Mugire ubuntu ata wari abukwiriye n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no ku Mukama Yezu Kristu+.  Ntitworeka kwama dukengurukira Imana ku bwanyu+, bene wacu, kuko bibereye, kubera ko ukwizera kwanyu kuriko kurakura+ cane n’urukundo rw’umwe wese n’urwa mwese rukaba ruriko rurongerekana, umwe wese kuri mugenziwe+.  Ivyo bituma ubwacu tubīshimira+ mu mashengero y’Imana, kubera ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu mu ruhamo murimwo rwose n’amakuba muriko murihanganira+.  Ico ni ikimenyamenya c’urubanza rugororotse rw’Imana+, rubashikana ku kubonwa ko mubereye ubwami bw’Imana+, ubwo muriko muracumukurira koko+.  Kuko ari ibigororotse ku Mana kwishura amakuba abayabateza+,  mugabo mwebwe abatezwa amakuba ikabaronsa ukuruhurirwa hamwe natwe igihe c’ihishurwa+ ry’Umukama Yezu avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha+  mu muriro uyingana, niyihora+ abatazi Imana+ be n’abatagamburukira+ inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu+.  Abo nyene bazoshikirwa n’igihano c’urubanza+ c’ugutikizwa kw’ibihe bidahera+ bave imbere y’Umukama n’imbere y’ubuninahazwa bw’inkomezi ziwe+, 10  igihe azoza kuninahazwa mu bijanye n’aberanda biwe+ kandi kuri uwo musi agatangarirwa mu bijanye n’abizeye bose, kubera ko intahe twashinze yakiranywe ukwizera muri mwebwe. 11  Nkako, ico nyene ni co gituma twama tubasengera, ngo Imana yacu ibone ko mubereye ihamagara+ ryayo, yongere irangure rwose ibiyihimbara vyose vy’ukumera neza kwayo be n’igikorwa c’ukwizera kwanyu ibigiranye ububasha; 12  kugira ngo izina ry’Umukama wacu Yezu rininahazwe muri mwebwe+, namwe mwunge ubumwe+ na we, nk’uko ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana yacu be n’ubw’Umukama Yezu Kristu buri.

Amakuru yiyongereye