Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 8:1-29

8  Elisha yari yarabwiye wa mugore yari yaragarukaniye umuhungu wiwe ubuzima+ ati: “Haguruka ugende, wewe n’urugo rwawe, maze ubeho uri kavamahanga ahantu hose ushobora kuba uri kavamahanga+; kuko Yehova ahamagaye ikigoyi+, vyongeye kikaba kizomara imyaka indwi mu gihugu+.”  Nuko nya mugore arahaguruka, akora nk’uko nya muntu w’Imana y’ukuri yavuze; aragenda+, we hamwe n’urugo rwiwe+, abaho ari kavamahanga mu gihugu c’Abafilisitiya+ imyaka indwi.  Haheze imyaka indwi, nya mugore arahindukira avuye mu gihugu c’Abafilisitiya, aja kuririra umwami+ ku bw’inzu yiwe no ku bw’itongo ryiwe.  Kandi umwami yariko aravugana na Gehazi+ umusuku wa wa muntu w’Imana y’ukuri, ati: “Ndakwinginze unyiganire ibintu vyose bihambaye Elisha yakoze+.”  Nuko ariko ariganira umwami ingene yari yaragarukaniye ubuzima uwapfuye+, erega, ehe wa mugore Elisha yari yaragarukaniye ubuzima umuhungu wiwe, yariko aririra umwami ku bw’inzu yiwe no ku bw’itongo ryiwe+. Gehazi aca avuga ati: “Mukama wanje+ umwami, ng’uyu wa mugore, kandi ng’uyu wa muhungu wiwe Elisha yagarukanira ubuzima.”  Umwami aca abaza nya mugore, uno na we atangura kumwiganira iyo nkuru+. Maze umwami amuha umukozi wo ku kirimba+, avuga ati: “Musubize ivyiwe vyose n’ivyavuye muri iryo tongo vyose kuva umusi yava mu gihugu gushika ubu+.”  Nuko Elisha aza i Damasiko+; kandi Beni-hadadi+ umwami wa Siriya yari arwaye. Bamumenyesha rero bati: “Wa muntu w’Imana+ y’ukuri yashitse ino.”  Umwami aca abwira Hazayeli+ ati: “Tora ingabirano+ mu kuboko kwawe, ugende guhura n’uwo muntu w’Imana y’ukuri, usiguze+ Yehova biciye kuri we uti: ‘Mbega nzokira iyi ndwara?’”  Nuko Hazayeli agenda guhura na we, kandi atora ingabirano mu kuboko kwiwe, emwe, ubwoko bwose bw’ibintu vyiza vy’i Damasiko, umutwaro w’ingamiya mirongo ine; arashika, ahagarara imbere yiwe, hanyuma avuga ati: “Umuhungu wawe+ Beni-hadadi umwami wa Siriya antumye kuri wewe ati: ‘Mbega nzokira iyi ndwara?’” 10  Maze Elisha amubwira ati: “Genda umubwire uti: ‘Uzokira ata kabuza,’ mugabo Yehova yanyeretse+ ko azopfa ata kabuza+.” 11  Nuko aguma amushinze ijisho, aguma arimushinze gushika aho Hazayeli yumva ubuyega. Maze uwo muntu w’Imana y’ukuri atangura kurira+. 12  Hazayeli aca avuga ati: “Kubera iki umukama wanje ariko ararira?” Na we ati: “Kubera nzi neza ikibi+ uzokorera bene Isirayeli. Ibibanza vyabo bikingijwe ibihome uzobiha umuriro, abagabo b’abahizi babo ubicishe inkota, abana babo ubasavye+, abagore babo bibungenze na bo ubafomoze+.” 13  Hazayeli aca avuga ati: “Mbega umusuku wawe, imbwa y’imbwa, ni iki+, ngo akore ico kintu gihambaye?” Ariko Elisha avuga ati: “Yehova yakunyeretse uri umwami wa Siriya+.” 14  Inyuma y’ivyo ava aho Elisha ari aragenda, aja ku mukama wiwe, maze uno amubwira ati: “Elisha yakubwiye iki?” Na we ati: “Yambwiye ngo: ‘Uzokira ata kabuza+.’” 15  Ku musi ukurikira, Hazayeli atora igisaswa agikoza mu mazi araheza agisanza mu maso hiwe+, arapfa+. Nuko Hazayeli+ atangura kuganza mu kibanza ciwe. 16  Mu mwaka ugira gatanu wa Yehoramu+ mwene Ahabu umwami wa Isirayeli, igihe Yehoshafati yari umwami wa Yuda, Yehoramu+ mwene Yehoshafati umwami wa Yuda aba umwami. 17  Yari afise imyaka mirongo itatu n’ibiri igihe yaba umwami, maze amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu+. 18  Abandanya kugendera mu nzira y’abami ba Isirayeli+, nk’uko ab’inzu ya Ahabu bari baragize+; kuko umukobwa wa Ahabu ari we yari yabaye umugore wiwe+; aguma akora ivyari bibi mu maso ya Yehova. 19  Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya Yuda+ kubera Dawidi umusavyi wiwe+, nk’uko yari yaramusezeraniye kumuha itara+ we n’abahungu biwe nantaryo. 20  Mu misi yiwe, Edomu+ igarariza ukuboko kwa Yuda, bimika umwami+ wo kubaganza. 21  Nuko Yehoramu arajabuka aja i Zayiri, ari kumwe n’imikogote yose. Araheza ahaguruka mw’ijoro, asasika Abanyedomu bari bamukikuje n’abakuru b’imikogote; maze abantu bahungira mu mahema yabo. 22  Mugabo Edomu ibandanya kugarariza ukuboko kwa Yuda gushika n’uyu musi. Ico gihe ni ho Libuna+ yatangura kugarariza. 23  Ibisigaye mu vya Yehoramu n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 24  Amaherezo Yehoramu aryama hamwe na ba sekuruza+ hanyuma ahambwa hamwe na ba sekuruza mu Gisagara ca Dawidi+. Nuko Ahaziya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. 25  Mu mwaka ugira cumi na kabiri wa Yehoramu mwene Ahabu umwami wa Isirayeli, Ahaziya mwene Yehoramu umwami wa Yuda aba umwami+. 26  Ahaziya yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yatangura kuganza, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Ataliya+ umwuzukuru wa Omuri+ umwami wa Isirayeli. 27  Abandanya kugendera mu nzira y’inzu ya Ahabu+ kandi aguma akora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, nk’inzu ya Ahabu, kuko yari incuti y’inzu ya Ahabu biciye ku kwabirana+. 28  Nuko ajana na Yehoramu mwene Ahabu mu ntambara yo kurwanya Hazayeli+ umwami wa Siriya i Ramoti-gileyadi+, mugabo Abasiriya bagarika+ Yehoramu. 29  Yehoramu+ umwami aragaruka rero kugira ngo yivurize i Yezireyeli+ ibikomere Abasiriya bari bamuteje i Rama* igihe yarwanya Hazayeli umwami wa Siriya. Nayo Ahaziya+ mwene Yehoramu umwami wa Yuda, amanuka kuraba Yehoramu mwene Ahabu i Yezireyeli, kuko yari arwaye.

Amakuru yiyongereye

Ni impfunyapfunyo ya Ramoti-gileyadi.