Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 7:1-20

7  Nuko Elisha avuga ati: “Nimwumvirize ijambo rya Yehova+. Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ejo nk’aya mango ingero ya seya* y’ifu inoze izoba iciye shekeli imwe, n’ingero zibiri za seya za sayiri zizoba ziciye shekeli imwe, mw’irembo rya Samariya+.’”  Maze igisongerezi umwami yari asanzwe yishimikiza ukuboko kwaco+ cishura uwo muntu w’Imana y’ukuri giti: “Naho Yehova yokwugurura ingomero mu majuru+, mbega ico kintu coba+?” Elisha na we avuga ati: “Ehe uzobibona n’amaso yawe+, mugabo ntuzobiryako+.”  Kandi hari abagabo bane, abanyamibembe, bari ku bwinjiriro bw’irembo+; nuko batangura kubwirana bati: “Kubera iki tuguma twicaye ng’aha gushika dupfuye?  Iyo tuvuga duti: ‘Twinjire mu gisagara,’ mu gihe hari ikigoyi mu gisagara, ntitwobuze rero gupfirayo+. Nitwaguma na ho twicaye hano, na ho nyene turapfa ata kabuza. Nimuze rero twinjire mw’ikambi y’Abasiriya. Nibatuzigamira ubuzima, tuzobaho; nibatwica na ho, turapfa nta kundi+.”  Nuko bahaguruka mu mwiza w’akagoroba kugira binjire mw’ikambi y’Abasiriya; baraza gushika ku mubari w’ikambi y’Abasiriya, maze basanga nta n’umwe ahari.  Yehova ubwiwe yari yatumye ikambi y’Abasiriya yumva+ urwamo rw’imikogote y’intambara, urwamo rw’amafarasi, urwamo rw’inteko za gisirikare nyinshi+, ku buryo babwirana bati: “Murazi! Umwami wa Isirayeli yadutangiye impera ku bami b’Abaheti+ n’abami ba Misiri+ kugira ngo baze kuturwanya!”  Baca barahaguruka, barahunga mu mwiza w’akagoroba+, basiga amahema yabo n’amafarasi yabo+ n’indogobwa zabo—ikambi uko yakabaye—, babandanya guhunga kugira ngo banyage amagara+.  Abo banyamibembe bashitse ku mubari wa nya kambi, baca binjira mw’ihema rimwe hanyuma batangura kurya no kunywa, maze bakurayo ifeza n’inzahabu n’impuzu baraheza baja kubinyegeza. Hanyuma baragaruka, binjira mu rindi hema hanyuma bakurayo ibintu, maze baja kubinyegeza+.  Amaherezo babwirana bati: “Ivyo turiko turagira ntibibereye. Uyu musi ni umusi w’inkuru nziza+! Nitwagonanwa, tukarindira koko gushika bukeye, ntituzobura kwagirwa n’icaha+. Nimuze rero twinjire, tubimenyeshe inzu y’umwami.” 10  Nuko baraza maze bahamagara abarinzi b’irembo+ ry’igisagara, babamenyesha bati: “Twinjiye mw’ikambi y’Abasiriya dusanga nta n’umwe ariyo, eka nta n’urwamo rw’umuntu rwariyo, atari gusa amafarasi aziritse n’indogobwa ziziritse, n’amahema uko yakabaye+.” 11  Nya barinzi b’irembo baca barasemerera, babimenyesha abo mu nzu y’umwami. 12  Umwami aca arahaguruka mw’ijoro, abwira abasuku biwe+ ati: “Ndabinginze mureke ndababwire ivyo Abasiriya batugiriye+. Barazi neza ko dushonje+; basohotse rero bava mw’ikambi kugira ngo binyegeze mu gahinga+, bavuga bati: ‘Barasohoka bave mu gisagara, natwe tubacakire ari bazima, duheze twinjire mu gisagara.’” 13  Nuko umwe mu basuku biwe arishura, avuga ati: “Ndakwinginze hagire abatora atanu mu mafarasi y’amasigarira yasigaye mu gisagara+. Ehe bameze nk’isinzi ryose rya Isirayeli ryasigaye muri co. Ehe bameze nk’isinzi ryose rya Isirayeli ryapfuye+. Reka tubarungike turabe.” 14  Batora rero imikogote ibiri kumwe n’amafarasi, maze umwami arabarungika ngo bagende bakurikira ikambi y’Abasiriya, mu kuvuga ati: “Gende murabe.” 15  Baca barabakurikira gushika kuri Yorodani; maze ehe, inzira yose yari yuzuye impuzu n’ibikoresho+ Abasiriya bari bataye bariko barahunga banyaruka+. Nya ntumwa ziragaruka rero, zibimenyesha umwami. 16  Nuko abantu barasohoka, basahura+ ikambi y’Abasiriya; gutyo ingero ya seya y’ifu inoze iba iyiciye shekeli imwe, n’ingero zibiri za seya za sayiri ziba iziciye shekeli imwe, nk’uko rya jambo+ rya Yehova ryari. 17  Kandi umwami ubwiwe yari yagenye ca gisongerezi yari asanzwe yishimikiza ukuboko kwaco+ kugira ngo kirabe irembo; nuko abantu baguma bagihonyangira+ mw’irembo, ku buryo gipfa, nk’uko wa muntu w’Imana y’ukuri yari yavuze+, igihe yavuga, ca gihe umwami yamanuka aho ari. 18  Gutyo, biba nk’uko wa muntu w’Imana y’ukuri yari yabwiye umwami ati: “Ingero zibiri za seya za sayiri zizoba ziciye shekeli imwe, n’ingero ya seya y’ifu inoze izoba iciye shekeli imwe, ejo nk’aya mango, mw’irembo rya Samariya+,” 19  mugabo nya gisongerezi kikishura uwo muntu w’Imana y’ukuri giti: “Naho Yehova yokwugurura ingomero mu majuru, mbega ivyo vyoba nk’uko iryo jambo riri+?” Elisha na we akavuga ati: “Ehe uzobibona n’amaso yawe, mugabo ntuzobiryako+.” 20  Nuko bimugendera gutyo+, igihe abantu baguma bamuhonyangira+ mw’irembo, ku buryo apfa.

Amakuru yiyongereye

Seya yangana n’amalitiro 7,33.