Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 6:1-33

6  Nuko abahungu+ b’abahanuzi batangura kubwira Elisha bati: “Ehe rero! Ahantu+ tuba imbere yawe haratwagiye birenze+.  Turakwinginze tugende gushika kuri Yorodani, umwe wese muri twebwe akureyo ikigiga hanyuma twikorere+ ng’aho ahantu ho kuba.” Nuko avuga ati: “Nimugende.”  Mugabo umwe muri bo avuga ati: “Turakwinginze wemere kujana n’abasuku bawe.” Aca avuga ati: “Ndagenda.”  Nuko ajana na bo; amaherezo bashika kuri Yorodani maze batangura guca ibiti+.  Maze umwe muri bo ariko yicira ikigiga ciwe, umutwe w’ishoka+ ugwa mu mazi. Atangura kuboroga avuga ati: “Yoo, databuja+, kuko yari intirano+!”  Nuko nya muntu w’Imana y’ukuri avuga ati: “Yaguye he?” Amwereka rero nya hantu. Aca atema ingegene y’igiti araheza ayitererayo maze atuma nya mutwe w’ishoka ureremba+.  Nuko avuga ati: “Yidugirize.” Aca atuma ukuboko, arayitora.  Umwami wa Siriya+ yinjira mu ntambara yo kurwanya Isirayeli. Nuko agisha inama abasuku biwe+ ati: “Muzokambikana nanje aha n’aha+.”  Maze nya muntu w’Imana y’ukuri+ atuma ku mwami wa Isirayeli ati: “Wirinde guca aha hantu+, kuko ari ho Abasiriya bamanutse+.” 10  Umwami wa Isirayeli atuma rero abantu nya hantu uwo muntu w’Imana y’ukuri yari yamubwiye+. Nuko Elisha aramuburira+, aguma kure yaho; ivyo ntivyaba rimwe canke kabiri. 11  Nuko umutima w’umwami wa Siriya urashangashirwa kubera ico kintu+, ku buryo ahamagara abasuku biwe akababwira ati: “Mbega ntimwombwira uwo mu bacu ari ku ruhande rw’umwami wa Isirayeli+?” 12  Maze umwe mu basuku biwe avuga ati: “Nta n’umwe, mukama wanje umwami; mugabo Elisha+ umuhanuzi ari muri Isirayeli ni we abwira+ umwami wa Isirayeli ibintu uvugira mu cumba cawe c’uburyamo+.” 13  Nuko avuga ati: “Nimugende, murabe aho ari, kugira ngo ntume kumufata+.” Mu nyuma amenyeshwa ngo: “Ehe ari i Dotani+.” 14  Aca arungikayo amafarasi n’imikogote y’intambara n’inteko za gisirikare nyinshi+; bashika mw’ijoro maze bakikuza igisagara. 15  Umusuku+ wa nya muntu w’Imana y’ukuri avyutse kare ngo ahaguruke asohoke, aza abona inteko za gisirikare zikikuje ico gisagara n’amafarasi n’imikogote y’intambara. Nya musuku wiwe aca amubwira ati: “Yoo, databuja+! Tugire iki?” 16  Mugabo avuga ati: “Ntutinye+, kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo+.” 17  Maze Elisha atangura gusenga+ ati: “Ewe Yehova, ndakwinginze wugurure amaso yiwe+, kugira ngo abone.” Yehova aca yugurura amaso ya nya musuku, ku buryo abona; maze ehe, nya karere k’imisozi kari kuzuye amafarasi n’imikogote y’intambara+ y’umuriro hirya no hino ya Elisha+. 18  Batanguye kumanuka aho ari, Elisha abandanya gusenga Yehova ati: “Ndakwinginze uteze uruhumyi+ iri hanga.” Abateza rero uruhumyi, nk’uko Elisha yari avuze. 19  Elisha ababwira rero ati: “Iyi si yo nzira, kandi iki si co gisagara. Nkurikire ndabajane ku mugabo muriko murarondera.” Ariko abajana i Samariya+. 20  Bakimara gushika i Samariya, Elisha avuga rero ati: “Ewe Yehova, niwugurure amaso y’aba bantu kugira ngo babone+.” Yehova aca yugurura amaso yabo, barabona; basanga bari hagati na hagati muri Samariya. 21  Umwami wa Isirayeli akimara kubabona, abwira rero Elisha ati: “Ndabasasike, ndabasasike+ ga dawe+?” 22  Mugabo avuga ati: “Ntubasasike. Mbega abo wagize imbohe ukoresheje inkota yawe n’umuheto wawe urabasasika+? Shira umukate n’amazi imbere yabo kugira barye bongere banywe+ baheze baje ku mukama wabo.” 23  Nuko abatereka inzimano ikomeye; batangura kurya no kunywa, hanyuma arabarungika, baja ku mukama wabo. Maze twa tugwi tw’abambuzi+ tw’Abasiriya ntitwongera kugaruka na rimwe mu gihugu ca Isirayeli. 24  Inyuma y’aho, Beni-hadadi umwami wa Siriya atangura gukoraniriza hamwe ikambi yiwe yose maze araduga, yugariza+ Samariya. 25  Mu nyuma haduka ikigoyi gikomeye i Samariya+; maze ehe, barahugariza gushika aho umutwe w’indogobwa+ uba uwuciye ibice mirongo umunani vy’ifeza, ica kane c’ingero ya kabu* y’amavyi+ y’inuma na co kiba igiciye ibice bitanu vy’ifeza. 26  Nuko umwami wa Isirayeli ariko ararengana ku ruhome, umugore umwe aramuririra, ati: “Nkiza, ewe mukama wanje umwami+!” 27  Na we avuga ati: “Nimba Yehova atagukijije, nogukirisha ibivuye hehe+? Ibivuye ku mbuga y’ikubitiro canke mu ruganiro rw’umuvinyu canke mu ruganiro rw’amavuta?” 28  Umwami abandanya kumubwira ati: “Ni amaki?” Na we ati: “Uwu mugore ubona yambwiye ati: ‘Zana umuhungu wawe tumurye uno musi, umuhungu wanje na we tuzomurya ejo+.’ 29  Nuko duteka+ umuhungu wanje, turamurya+. Maze ku musi ukurikira ndamubwira nti: ‘Zana umuhungu wawe tumurye.’ Mugabo anyegeza umuhungu wiwe.” 30  Umwami akimara kwumva amajambo ya nya mugore, aca atantamura+ impuzu ziwe; hanyuma ariko ararengana ku ruhome, abantu barabibona, maze ehe, igunira* ryari munsi y’impuzu ziwe, ku mubiri wiwe. 31  Hanyuma avuga ati: “Imana ingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo, umutwe wa Elisha mwene Shafati niwaguma kuri we uno musi+!” 32  Elisha yari yicaye mu nzu yiwe, kandi abagabo b’inararibonye bari bicaranye na we+, igihe umwami yatuma umuntu avuye imbere yiwe. Iyo ntumwa itarashika iwe, Elisha abwira nya bagabo b’inararibonye ati: “Mwabonye ingene uwu muhungu w’umwicanyi+ atumye intumwa kunkurako umutwe? Mube maso: iyo ntumwa niyaba ikimara gushika, mwugare umuryango, muyisunike n’umuryango. Mbega inyuma yiwe ntihumvikana urwamo+ rw’ibirenge vy’umukama wiwe?” 33  Akiriko aravugana na bo, ehe nya ntumwa imanuka aho ari, maze umwami avuga ati: “Ehe ibi ni ivyago bivuye kuri Yehova+. Ndacarindirira iki Yehova+?”

Amakuru yiyongereye

Kabu imwe ni nk’ilitiro 1,22.
Raba Inyongera ya 21.