Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 3:1-27

3  Nayo Yehoramu+ mwene Ahabu, aba umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira cumi n’umunani wa Yehoshafati umwami wa Yuda, maze aganza imyaka cumi n’ibiri.  Aguma akora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, yamara atari nka se+ canke nka nyina, mugabo akuraho inkingi nyeranda+ ya Bayali, iyo se wiwe yari yarakoze+.  Mugabo amatana n’ibicumuro vya Yerobowamu+ mwene Nebati, ivyo yacumurishije Isirayeli+. Ntiyabivamwo.  Nayo Mesha+ umwami wa Mowabu, aba umworozi w’intama, kandi yarariha umwami wa Isirayeli imyagazi y’intama ibihumbi ijana n’amasuguru y’intama adakemuye ibihumbi ijana.  Ahabu akimara gupfa+, umwami wa Mowabu atangura kugarariza+ umwami wa Isirayeli.  Nuko Umwami Yehoramu arasohoka uwo musi avuye i Samariya maze akoranya+ Isirayeli yose.  Atuma kandi kuri Yehoshafati umwami wa Yuda ati: “Umwami wa Mowabu yangararije. Uzojana nanje i Mowabu mu ntambara?” Na we ati: “Nzogenda+. Ndi nkawe; abantu banje ni nk’abantu bawe+; amafarasi yanje ni nk’amafarasi yawe.”  Abandanya kuvuga ati: “Neza na neza tuzodugana iyihe nzira?” Avuga rero ati: “Inzira yo mu gahinga ka Edomu+.”  Nuko umwami wa Isirayeli n’umwami wa Yuda n’umwami wa Edomu+ baragenda, bamara imisi indwi bagenda baziguye, mugabo ntihaboneka amazi ku bw’ikambi no ku bw’ibitungwa vyariko bikurikira intambuko zabo. 10  Amaherezo umwami wa Isirayeli avuga ati: “Ewe kuntu ari amagorwa kuba Yehova yahamagaye aba bami batatu kugira ngo abatange mu kuboko kwa Mowabu+!” 11  Yehoshafati aca avuga+ ati: “Mbega nta muhanuzi wa Yehova ari ng’aha+? Dusiguze Yehova rero biciye kuri we+.” Nuko umwe mu basuku b’umwami wa Isirayeli yishura ati: “Ng’aha hariho Elisha+ mwene Shafati, uwasuka amazi ku maboko ya Eliya+.” 12  Maze Yehoshafati avuga ati: “Ijambo rya Yehova riri kumwe na we.” Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati n’umwami wa Edomu bamanuka aho ari. 13  Maze Elisha abwira umwami wa Isirayeli ati: “Mpuriye ku ki nawe+? Ja ku bahanuzi+ ba so no ku bahanuzi ba nyoko.” Mugabo umwami wa Isirayeli amubwira ati: “Oya, kuko Yehova yahamagaye aba bami batatu kugira ngo abatange mu kuboko kwa Mowabu+.” 14  Elisha aca avuga ati: “Ndahiye ukubaho kwa Yehova nyen’ingabo+, uwo mpagarara imbere, iyo mu maso ha Yehoshafati umwami wa Yuda hataba ari ho nubashe+, sinari kukuraba canke kukubona+. 15  None rero nimunzanire umucuraranzi w’igicurarangisho c’imirya+.” Nuko nya mucuraranzi w’igicurarangisho c’imirya akimara gucuraranga, ukuboko+ kwa Yehova kuba kuri Elisha. 16  Avuga rero ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nibuzuze uwu mwonga imifurege+; 17  kuko ibi ari vyo Yehova avuze: “Ntimuzobona umuyaga, kandi ntimuzobona imvura y’isegenya; yamara uwu mwonga uzokwuzura amazi+, namwe muzonywa kuri wo ata gukeka+, mwebwe n’ibitungwa vyanyu n’ibikoko vy’ibitungano vyanyu.”’ 18  Ico kizoba koko ikintu gito mu maso ya Yehova+, kandi azotanga ata gukeka Mowabu mu kuboko kwanyu+. 19  Muze musasike igisagara cose gikingijwe ibihome+ n’igisagara cose c’intorwa; muze mutembagaze igiti cose ciza+, muzibire imbizi z’amazi zose, kandi igice c’itongo ciza cose muze mugisibanganishe amabuye.” 20  Nuko mu gitondo+, igihe co gutanga ishikanwa ry’intete+ kigeze, ehe, amazi yariko azanana i Edomu, maze ico gihugu cuzura amazi. 21  Nayo Abanyamowabu bose, bumva ko nya bami bari baduze kubarwanya. Bakoranya rero abagabo, kuva ku bageze gukenyera+ umukaba bose kuduga, maze bahagarara ku rubibe. 22  Bavyutse kare mu gitondo, izuba rirasira kuri nya mazi, ku buryo Abanyamowabu, bari ahahanganye na bo, babona ayo mazi atukura nk’amaraso. 23  Batangura rero kuvuga bati: “Arya ni amaraso! Ata gukeka ba bami basogotanye inkota, baricana. Ubu rero, kw’isahu+, ewe Mowabu!” 24  Bashitse mw’ikambi ya Isirayeli, Abisirayeli+ baca barahaguruka, batangura gusasika Abanyamowabu ku buryo bahunga bakava imbere yabo+. Bashika rero muri Mowabu, barinda bashikayo basasika Abanyamowabu. 25  Ibisagara barabisenyurira hasi+, igice c’itongo cose ciza na co bakakijugunyiramwo umwe wese ibuye ryiwe, bakacuzuza vy’ukuri; kandi imbizi yose y’amazi barayizibira+, igiti ciza cose na co bagatembagaza+, gushika aho muri co basigaza gusa amabuye ya Kiri-hareseti+; maze abateza amabuye umugozi batangura kuhazunguruka no kuhasasika. 26  Umwami wa Mowabu abonye ko urugamba rubaye urukomeye birenze kuri we, aca ajana n’abagabo amajana indwi barwanisha inkota kugira ngo bamenere gushika ku mwami wa Edomu+, mugabo ntibabishobora. 27  Amaherezo afata umuhungu wiwe w’imfura yoganjije mu kibanza ciwe, amushikana+ ku ruhome bwa kimazi giturirwa. Maze haba ukurakarira Isirayeli bimwe bikaze, ku buryo bagenda bakareka kumurwanya, hanyuma basubira mu gihugu cabo.

Amakuru yiyongereye