2 Abami 25:1-30
25 Nuko mu mwaka ugira icenda+ Zedekiya ari umwami, mu kwezi kugira cumi+, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni araza+, egome, we n’inteko za gisirikare ziwe zose, baza gutera Yeruzalemu; nuko barakambika ngo bayitere, bubaka irya n’ino uruhome rw’ukuyisugereza+.
2 Ico gisagara kiguma gisugerejwe gushika mu mwaka ugira cumi na rimwe w’Umwami Zedekiya.
3 Ku musi ugira icenda+ w’ukwezi kugira kane, ikigoyi+ cari gikaze mu gisagara, kandi nta mukate+ wariho ku bw’abanyagihugu.
4 Nuko baca igihengeri+ mu mpome z’ico gisagara, maze abarwanyi bose barahunga mw’ijoro baciye mu nzira y’irembo hagati y’uruhome rugizwe na zibiri ruri iruhande y’umurima w’umwami+, mu gihe Abakaludaya+ bari irya n’ino, basugereje ico gisagara; maze umwami atangura kugenda+ yerekeje i Araba+.
5 Nuko inteko za gisirikare z’Abakaludaya+ zitangura kwoma inyuma umwami, maze zimuhambiriza+ mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko+; inteko za gisirikare ziwe zose zirasanzara zimuva i ruhande.
6 Maze bafata umwami+ hanyuma bamudugana ku mwami wa Babiloni i Ribula+, kugira ngo bamucire urubanza.
7 Abahungu ba Zedekiya babicira mu maso yiwe+, amaso ya Zedekiya na yo arayahumisha+, hanyuma amubohesha amapingu y’umujumpu+ araheza amujana i Babiloni+.
8 Mu kwezi kugira gatanu, ku musi ugira indwi w’ukwo kwezi, ari wo mwaka ugira cumi n’icenda+ w’Umwami Nebukadinezari umwami wa Babiloni, Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima, umusuku w’umwami wa Babiloni, ashika i Yeruzalemu+.
9 Maze aturira inzu ya Yehova+ n’inzu y’umwami+ n’amazu yose y’i Yeruzalemu+; aturiza umuriro n’inzu y’umuntu ahambaye wese+.
10 Maze inteko za gisirikare z’Abakaludaya zose uko zingana zari kumwe na nya mukuru w’abacungera ubuzima zisiturira hasi impome za Yeruzalemu, irya n’ino+.
11 Amasigarira y’abantu+ bari basigaye mu gisagara, n’abari bataye bakomokera ku mwami wa Babiloni, n’abandi bantu basigaye, Nebuzaradani umukuru w’abacungera ubuzima abatwara mu bunyagano+.
12 Mugabo bamwe mu bantu batobato+ bo muri ico gihugu, uwo mukuru w’abacungera ubuzima arabasigaza ngo babe abakozi bo mu mirima y’imizabibu n’abakora ibikorwa vy’umuruho+.
13 Za nkingi+ z’umujumpu zari mu nzu ya Yehova, na ya mashareti+ be na ca kiyaga c’umujumpu+ vyari mu nzu ya Yehova, Abakaludaya barabimenagura baraheza batwara umujumpu wavyo i Babiloni+.
14 Batwara n’ibigopo n’ibiyozo n’ibizimisho n’ibikombe n’ibikoresho+ vy’umujumpu vyose vyakoreshwa mu gikorwa.
15 Nya mukuru w’abacungera ubuzima atwara ibijamwo umuriro n’amabakure vyari bikozwe mu nzahabu itavanze+ n’ivyari bikozwe mw’ifeza itavanze+.
16 Nayo za nkingi zibiri, ca kiyaga kimwe, na ya mashareti Salomo yari yarakoreye inzu ya Yehova, uburemere bw’umujumpu bw’ivyo bikoresho vyose ntibwashobora kumenyekana+.
17 Inkingi imwe yose yari ifise amahagarara y’amatambwe cumi n’umunani+, kandi umutwe+ wari kuri yo wari uwo mu mujumpu; amahagarara y’uwo mutwe w’inkingi yari amatambwe atatu; kandi urusenga n’amakomamanga+ vyari irya n’ino kuri nya mutwe w’inkingi, vyose vyari ivyo mu mujumpu; inkingi igira kabiri yari ifise nk’ivyo nyene ku rusenga.
18 Vyongeye, wa mukuru w’abacungera ubuzima afata Seraya+ umukuru w’abaherezi na Zefaniya+ umuherezi agira kabiri be n’abarinzi b’imiryango+ batatu;
19 kandi mu gisagara afata umukozi wo ku kirimba umwe yagaba abarwanyi, n’abagabo batanu bo mu bishikira ku mwami, abo yasanze mu gisagara; n’umunyamabanga w’umukuru w’ingabo, uwakoranya abanyagihugu, n’abagabo mirongo itandatu bo mu banyagihugu bari mu gisagara+;
20 nuko Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima arabafata+, abajana ku mwami wa Babiloni i Ribula+.
21 Maze umwami wa Babiloni arabagarika+, abicira i Ribula mu gihugu ca Hamati+. Gutyo Yuda ija mu bunyagano ivuye ku butaka bwayo+.
22 Nayo abantu+ bari barasigajwe mu gihugu ca Yuda, abo Nebukadinezari umwami wa Babiloni yari yarasigaje, abagenera rero Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+, ngo abaganze.
23 Abakuru b’inteko za gisirikare bose+, bo hamwe n’ingabo zabo, bumvise ko umwami wa Babiloni yari yagenye Gedaliya, baca baza kuri Gedaliya i Mizipa+, abo na bo bakaba bari Ishimayeli mwene Netaniya na Yohanani mwene Kareya na Seraya mwene Tanihumeti Umunyanetofa na Yayazaniya umuhungu w’Umumayakati, bo hamwe n’ingabo zabo.
24 Maze Gedaliya arabarahira+, bo hamwe n’ingabo zabo, avuga ati: “Ntimutinye kuba abasuku b’Abakaludaya. Nimube mu gihugu, mukorere umwami wa Babiloni, bizoheza bibagendere neza+.”
25 Nuko mu kwezi kugira indwi+, Ishimayeli+ mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, wo mu nda y’ingoma, araza ari kumwe n’abagabo cumi, maze bagarika Gedaliya+, ku buryo apfa, bica n’Abayuda be n’Abakaludaya bari kumwe na we i Mizipa+.
26 Inyuma y’ivyo abantu bose, kuva ku muto gushika ku wuhambaye, n’abakuru b’inteko za gisirikare, barahaguruka hanyuma binjira mu Misiri+; kuko bari batinye kubera Abakaludaya+.
27 Mu mwaka ugira mirongo itatu n’indwi Yehoyakini+ umwami wa Yuda ajanywe mu bunyagano, mu kwezi kugira cumi na kabiri, ku musi ugira mirongo ibiri n’indwi w’ukwo kwezi, Evili-merodaki+ umwami wa Babiloni, mu mwaka yabereyemwo umwami, asohora*+ Yehoyakini umwami wa Yuda mu nzu y’ibohero;
28 nuko amuvugisha neza, maze ashira intebe y’ubwami yiwe hejuru y’intebe z’ubwami z’abami bari kumwe na we i Babiloni+.
29 Yehoyakini akura impuzu z’ibohero ziwe+; nuko yama arira umukate+ imbere y’umwami imisi yose y’ubuzima bwiwe.
30 Nayo ku bijanye n’ingaburo yiwe+, yama ahabwa ingaburo ivuye ku mwami, ivyo yabwirizwa guhabwa ku musi ku musi, imisi yose y’ubuzima bwiwe.
Amakuru yiyongereye
^ Ijambo ku rindi ni “aduza umutwe wa.”