Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 23:1-37

23  Maze umwami atuma gukoranya abagabo b’inararibonye bose ba Yuda na Yeruzalemu ngo baze aho ari+.  Hanyuma umwami aduga ku nzu ya Yehova, ari kumwe n’abagabo ba Yuda bose n’ababa i Yeruzalemu bose, be n’abaherezi+ n’abahanuzi n’abantu bose, kuva ku muto gushika ku wuhambaye+; atangura gusomera+ mu matwi yabo amajambo yose yo muri nya gitabu+ c’isezerano+ cari cubuwe mu nzu ya Yehova+.  Umwami aguma ahagaze iruhande y’inkingi+; nuko agira isezerano+ imbere ya Yehova, yuko azokurikira+ Yehova be n’uko azogumya n’umutima wose+ be n’ubuzima bwose+ amabwirizwa+ yiwe n’ibishingantahe+ vyiwe n’ivyagezwe+ vyiwe, mu gushitsa amajambo y’iryo sezerano yari yanditswe muri ico gitabu+. Nuko abantu bose bemera iryo sezerano+.  Hanyuma umwami ategeka Hilikiya+ umuherezi mukuru, n’abaherezi bo ku rwego rugira kabiri, n’abarinzi b’imiryango+, gusohora mu rusengero rwa Yehova ibikoresho vyose vyakorewe Bayali+, bigakorerwa na ca gikingi ceranda+ n’ingabo zose zo mu majuru+. Maze abituririra inyuma ya Yeruzalemu, ku mikobeko ya Kidironi+, araheza azana umunyota wavyo i Beteli+.  Abogoza abaherezi b’imana z’inyamahanga, abo abami ba Yuda bari barashizeho ngo bafumbishirize umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse mu bisagara vya Yuda no mu micungararo ya Yeruzalemu, be n’abafumbishiriza umwotsi w’ibimazi Bayali+ n’izuba n’ukwezi n’uturundo tw’inyenyeri* n’ingabo zose zo mu majuru+.  Vyongeye, asohora ca gikingi ceranda+ mu nzu ya Yehova, akijana ku mubari wa Yeruzalemu, ku mwonga Kidironi, maze agituririra+ mu mwonga Kidironi hanyuma aragisya gicika umukungugu araheza aterera umukungugu waco kw’itongo ryo guhambamwo+ ry’abantu nyarucari.  Vyongeye, asiturira hasi amazu y’abamaraya b’urusengero b’abagabo+ yari mu nzu ya Yehova, aho abagore bajishira utunyabugoro tw’amahema ku bwa nya gikingi ceranda.  Maze akura abaherezi bose mu bisagara vya Yuda, kugira ngo ibibanza bikirurutse abo baherezi bari barafumbishirijemwo umwotsi w’ibimazi abigire ibitabereye ku bw’ugusenga, kuva i Geba+ gushika i Beyeri-sheba+; asiturira hasi ibibanza bikirurutse vyo mu marembo vyari ku bwinjiriro bw’irembo rya Yosuwa umukuru w’igisagara, iryari ibubamfu umuntu yinjiye mw’irembo ry’igisagara.  Ariko abaherezi+ b’ibibanza bikirurutse ntibari bakiduga ku gicaniro ca Yehova i Yeruzalemu, mugabo bararya udutsima tutarimwo umwambiro+ muri bene wabo. 10  Tofeti+, ahari mu mubande wa bene Hinomu+, ahagira ahatabereye ku bw’ugusenga, kugira ngo ntihagire uwucisha umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe mu muriro+ ku bwa Moleki+. 11  Vyongeye, atuma amafarasi abami ba Yuda bari barahaye izuba areka kwinjira mu nzu ya Yehova hafi y’icumba c’uburiro+ ca Natani-meleki umukozi wo ku kirimba, icari mu mabaraza; imikogote y’izuba+ na yo ayituririra mu muriro. 12  Ibicaniro vyari ku gisenge c’icumba co hejuru+ ca Ahazi, ivyo abami ba Yuda bari barakoze, be n’ibicaniro+ Manase yari yarakoze mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova, umwami abisiturira hasi, hanyuma abijanjagurira ng’aho, araheza aterera umukungugu wavyo mu mwonga Kidironi. 13  Ibibanza bikirurutse vyari imbere+ ya Yeruzalemu, ivyari iburyo bw’Umusozi w’Uguhonya, ivyo Salomo+ umwami wa Isirayeli yari yarubakiye Ashitoreti+ ca kintu gisesemye c’Abanyasidoni na Kemoshi+ ca kintu gisesemye ca Mowabu na Milikomu+ ca kintu giteye ishishi ca bene Amoni, umwami abigira ibitabereye ku bw’ugusenga. 14  Amenagura+ inkingi nyeranda, atema ibikingi vyeranda kandi aho vyari ahuzuza amagufa y’abantu. 15  Vyongeye, igicaniro cari i Beteli+, ikibanza gikirurutse cari carakozwe na Yerobowamu+ mwene Nebati, umwe yacumuza Isirayeli+, egome, ico gicaniro n’ico kibanza gikirurutse abisiturira hasi. Maze aturira ico kibanza gikirurutse; aragisya kiba umukungugu yongera aturira nya gikingi ceranda. 16  Yosiya ahindukiye, abona imva zari aho ku musozi. Atuma rero gukura amagufa muri izo mva maze ayaturirira+ kuri nya gicaniro, kugira ngo akigire ikitabereye ku bw’ugusenga, nk’uko ijambo rya Yehova ryari+, iryo wa muntu w’Imana y’ukuri yari yaratangaje+, umwe yatangaza ivyo bintu. 17  Maze avuga ati: “Ririya buye ry’imva mbona hariya ni iki?” Abantu bo muri ico gisagara baca bamubwira bati: “Ni imva+ y’umuntu w’Imana y’ukuri yavuye muri Yuda+ agatangaza ivyo bintu ukoreye igicaniro c’i Beteli+.” 18  Avuga rero ati: “Nimumureke aruhuke+. Ntihagire uwukoma amagufa yiwe.” Nuko bareka amagufa yiwe hamwe n’amagufa ya wa muhanuzi+ yari yavuye i Samariya. 19  N’amazu yose+ yo ku bibanza bikirurutse yari mu bisagara+ vya Samariya, ayo abami+ ba Isirayeli bari barubatse kugira bababaze+ Imana, Yosiya ayakuraho, maze ayagirira nk’ivyo yari yaragize i Beteli vyose+. 20  Nuko ashikana ku bicaniro abaherezi+ bose b’ibibanza bikirurutse vyari ng’aho yongera aturirira amagufa y’abantu kuri ivyo bicaniro+. Hanyuma asubira i Yeruzalemu. 21  Umwami ategeka rero abantu bose ati: “Nimuhimbarize Yehova Imana yanyu pasika*+ mwisunze ivyanditswe muri iki gitabu c’isezerano+.” 22  Kuko ata pasika nk’iyo yari yarahimbajwe kuva mu misi y’abacamanza bari baraciriye imanza Isirayeli+, canke mu misi yose y’abami ba Isirayeli n’abami ba Yuda+. 23  Mugabo mu mwaka ugira cumi n’umunani w’Umwami Yosiya, iyo pasika ihimbarizwa Yehova i Yeruzalemu+. 24  Kandi abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+, n’abagize umwuga ukubura ibizoba+, na terafimu*+, n’ibigirwamana vy’umwanda+, n’ibintu bisesemye+ vyose vyari vyarabonetse mu gihugu ca Yuda n’i Yeruzalemu, na vyo nyene Yosiya abikuraho, kugira ngo ashitse koko amajambo yo mw’itegeko+ yari yanditswe muri ca gitabu+ Hilikiya umuherezi yari yubuye mu nzu ya Yehova+. 25  Imbere yiwe, nta mwami ameze nka we yagarutse+ kuri Yehova n’umutima wiwe wose n’ubuzima bwiwe bwose+ n’inguvu ziwe zose, nk’uko itegeko rya Musa ryose ryari; eka n’inyuma yiwe nta wabonetse ameze nka we. 26  Ariko Yehova ntiyahindukira ngo areke ukururumba gukomeye kw’ishavu ryiwe, ukwo ishavu ryiwe ryarurumbiye Yuda+ kubera ibintu bibabaza vyose Manase yari yarabababarishije+. 27  Mugabo Yehova avuga ati: “Na Yuda+ nzoyikura mu maso yanje+, nk’uko nakuyeho Isirayeli+; kandi ata gukeka nzota iki gisagara natoye, egome, Yeruzalemu, n’inzu navuze ku biyerekeye nti: ‘Izina ryanje rizokwama ng’aho+.’” 28  Nayo ibisigaye mu vya Yosiya n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 29  Mu misi yiwe, Farawo Neko+ umwami wa Misiri aduga ku mwami wa Ashuri iruhande y’uruzi Efurate+, maze Umwami Yosiya aja guhura na we+; mugabo Farawo Neko amwicira+ i Megido+ akimara kumubona. 30  Nuko abasuku biwe bamutwara yapfuye mu mukogote bamukuye i Megido, bamuzana i Yeruzalemu+ hanyuma bamuhamba mu mva yiwe. Maze abanyagihugu bafata Yehowahazi+ mwene Yosiya, bamurobanuza amavuta, bamugira umwami mu kibanza ca se. 31  Yehowahazi+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’itatu igihe yatangura kuganza, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Hamutali+ umukobwa wa Yeremiya w’i Libuna. 32  Atangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, yisunze ivyo ba sekuruza biwe bari barakoze vyose+. 33  Nuko Farawo Neko+ amushira mu mvuto+ i Ribula+ mu gihugu ca Hamati, kugira ngo amubuze kuganza i Yeruzalemu, maze ategeka igihugu gutanga amande+ y’italanto ijana z’ifeza+ n’italanto imwe y’inzahabu+. 34  Vyongeye, Farawo Neko yimika Eliyakimu+ mwene Yosiya ngo abe umwami mu kibanza ca Yosiya se wiwe, maze ahindura izina ryiwe riba Yehoyakimu; nuko afata Yehowahazi amujana mu Misiri, ari na ho yahavuye apfira+. 35  Nuko Yehoyakimu aha Farawo ifeza+ n’inzahabu. Mugabo atangisha ikori+ igihugu, kugira atange nya feza nk’uko Farawo yari yategetse. Yaka rero ifeza n’inzahabu abanyagihugu akurikije urugero rw’ikori umwe wese yasabwa+, kugira abihe Farawo Neko. 36  Yehoyakimu+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’umwe aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Zebida umukobwa wa Pedaya w’i Ruma. 37  Abandanya gukora ivyari bibi+ mu maso ya Yehova, yisunze ivyo ba sekuruza biwe bari barakoze vyose+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “utugwi tw’inyenyeri twa zodiyaki.”
Raba Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.