Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 22:1-20

22  Yosiya+ yari afise imyaka umunani igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itatu n’umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yedida umukobwa wa Adaya w’i Bozikati+.  Atangura gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova+ no kugendera mu nzira yose ya Dawidi sekuruza+, ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu+.  Nuko mu mwaka ugira cumi n’umunani w’Umwami Yosiya, umwami atuma Shafani+ umunyamabanga, mwene Azaliya, Azaliya mwene Meshulamu, ku nzu ya Yehova ati:  “Duga iyo Hilikiya+ umuherezi mukuru+ ari, akoranye amahera+ yose azanwa mu nzu ya Yehova+, ayo abarinzi b’imiryango+ begeranije avuye mu bantu;  bayashire mu kuboko kw’abakora igikorwa+ mu nzu ya Yehova—abagenywe—kugira ngo bayahe abakora igikorwa bari mu nzu ya Yehova kugira basanasane imigaga y’iyo nzu+,  bayahe abahinguzi b’utugenegene n’abubatsi n’abafundi, no kugira ngo hagurwe ibiti n’amabuye abajwe vyo gusanura iyo nzu+.  Gusa, abo ayo mahera ashizwe mu minwe ntibaze bayasuzumirwe+, kuko bakorana ubwizigirwa+.”  Mu nyuma Hilikiya+ umuherezi mukuru abwira Shafani+ umunyamabanga+ ati: “Ca gitabu c’itegeko+ nacubuye mu nzu ya Yehova.” Hilikiya aha rero ico gitabu Shafani, na we atangura kugisoma.  Maze Shafani umunyamabanga yinjira aho umwami ari hanyuma abwira umwami ati: “Abasuku bawe basutse amahera yari mu nzu, kandi babandanya kuyashira mu kuboko kw’abakora igikorwa mu nzu ya Yehova+—abagenywe.” 10  Shafani umunyamabanga abandanya kumenyesha umwami ati: “Hari igitabu+ Hilikiya umuherezi yampaye.” Nuko Shafani atangura kugisomera imbere y’umwami. 11  Umwami ngo yumve amajambo yo muri ico gitabu c’itegeko, aca atantamura impuzu ziwe+. 12  Maze umwami ategeka Hilikiya umuherezi na Ahikamu+ mwene Shafani na Akibori mwene Mikaya na Shafani umunyamabanga na Asaya+ umusuku w’umwami, ati: 13  “Gende munsigurize+ Yehova, twe n’abantu na Yuda yose, ku vyerekeye amajambo yo muri iki gitabu cubuwe; kuko ubushangashirwe bwa Yehova+ bwatururumbiye ari bwinshi kubera ba sogokuruza bacu+ batumvirije amajambo yo muri iki gitabu ngo bakore bisunze ibintu vyose vyanditswe ku bitwerekeye+.” 14  Nuko Hilikiya umuherezi na Ahikamu na Akibori na Shafani na Asaya baja kuri Hulida umuhanuzikazi+, umugore wa Shalumu mwene Tikiva, Tikiva mwene Harihasi, uwitwararika impuzu+, kuko yaba i Yeruzalemu mu gice ca kabiri c’igisagara; maze batangura kuvugana na we+. 15  Na we ababwira ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze+: ‘Mubwire uwo mugabo yabantumyeko muti: 16  “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Ehe ngira nteze ivyago+ aha hantu n’abahaba+, egome, amajambo+ yose yo muri ico gitabu umwami wa Yuda yasomye+; 17  kubera ko bampevye bakaja gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+ kugira ngo bambabarishe igikorwa cose c’amaboko yabo+, kandi ubushangashirwe bwanje burarurumbiye aha hantu, ntibuzozima+.’”’ 18  Nayo umwami wa Yuda abatumye gusiguza Yehova, mumubwire muti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Ku bijanye n’amajambo wumvise+, 19  kubera ko umutima wawe+ waciye woroha ku buryo wicisha bugufi+ kubera Yehova aho wumviye ivyo navuze kuri aha hantu no ku bahaba ko hazoba akajoreza n’umuvumo+, maze ugatantamura+ impuzu zawe hanyuma ugatangura kuririra imbere yanje, nanje numvise,” ni ko Yehova avuze+. 20  “Ku bw’ivyo, ehe nguhaye guhamvya+ ba sogokuruza bawe; ata gukeka uzohamvya imva yawe bwite amahoro+, kandi amaso yawe ntazobona ivyago vyose ngira nteze aha hantu.”’” Nuko bazanira umwami iyo nyishu.

Amakuru yiyongereye