Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 21:1-26

21  Manase+ yari afise imyaka cumi n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka mirongo itanu n’itanu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Hefuziba.  Atangura gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, yisunze ibintu biteye ishishi vy’amahanga+ Yehova yari yarirukanye imbere ya bene Isirayeli.  Asubira rero kwubaka ibibanza bikirurutse Hezekiya se wiwe yari yararanduye+, kandi ashingira ibicaniro Bayali yongera akora igikingi ceranda, nk’uko Ahabu+ umwami wa Isirayeli yari yaragize; atangura kwunamira+ ingabo zose zo mu majuru+ no kuzikorera+.  Yubaka ibicaniro mu nzu ya Yehova+, iyo Yehova yari yaravuze ku biyerekeye ati: “I Yeruzalemu ni ho nzoshira izina ryanje+.”  Abandanya kwubakira ibicaniro ingabo zose zo mu majuru+ mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova+.  Acisha umuhungu wiwe mu muriro+, akora ivy’amageza+ yongera arondera ibimenyetso bitara ibizoba kandi ashiraho abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+. Akora ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova, kugira ngo amubabaze.  Vyongeye, igishusho c’ikibazano+ c’igikingi ceranda yari yarakoze, agishira mu nzu+ Yehova yari yarabwiye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe ku biyerekeye ati: “Muri iyi nzu be n’i Yeruzalemu, aho natoye mu miryango yose ya Isirayeli, nzohashira izina ryanje gushika igihe kitagira urugero+.  Kandi sinzokwongera gutuma ikirenge ca Isirayeli kiyerera kivuye ku butaka nahaye ba sekuruza babo+, bakire gusa kwitwararika gukora bisunze ivyo nabategetse vyose+, egome, ku vyerekeye itegeko ryose umusavyi wanje Musa yabategetse.”  Nuko ntibumviriza+, mugabo Manase aguma abosha gukora ivyari bibi+ kurusha amahanga+ Yehova yari yarazimanganije imbere ya bene Isirayeli. 10  Nuko Yehova aguma avuga biciye ku basavyi biwe abahanuzi+, ati: 11  “Ko Manase+ umwami wa Yuda yakoze ivyo bintu biteye ishishi+, yakoze ivy’ububisha kurusha ivyo Abamori+ bamwitangiye imbere bakoze vyose, kandi yatanguye gucumurisha+ na Yuda ibigirwamana vyiwe vy’umwanda. 12  Ni co gituma ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: ‘Ehe ngira nzane ivyago kuri Yeruzalemu+ na Yuda, uwuzovyumva wese amatwi yiwe yompi akaba azovugiramwo iminzerere+. 13  Kandi nzoramvura ata gukeka kuri Yeruzalemu ikamba yo gupimisha+ yakoreshejwe kuri Samariya+ be n’ikiringanisho cakoreshejwe ku nzu ya Ahabu+; kandi nzohanagura+ koko Yeruzalemu nk’uko umuntu ahanagura ibakure itagira ibigōmbo, akayihanagura hanyuma akayubika+. 14  Kandi nzoheba koko amasigarira+ y’intoranwa yanje+, ndabatange mu kuboko kw’abansi babo, bacike koko isahu n’umunyago ku bansi babo bose+, 15  kubera ko bakoze ivyari bibi mu maso yanje, bakaguma bambabaza kuva umusi ba sekuruza bava mu Misiri gushika n’uyu musi+.’” 16  Manase kandi asesa amaraso y’intungane+ menshi cane, gushika aho ayuzuza Yeruzalemu kuva ku mpera imwe gushika ku yindi, hambavu y’igicumuro ciwe yacumuje Yuda mu gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. 17  Nayo ibisigaye mu vya Manase n’ivyo yakoze vyose, n’igicumuro ciwe yacumuye, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 18  Amaherezo Manase aryama hamwe na ba sekuruza biwe+ hanyuma ahambwa mu murima w’inzu yiwe, mu murima wa Uza+; nuko Amoni umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. 19  Amoni+ yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka ibiri+ aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Meshulemeti umukobwa wa Haruzi w’i Yotiba. 20  Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova, nk’uko Manase se wiwe yari yarakoze+. 21  Aguma agendera mu nzira yose se wiwe yari yaragendeyemwo+, kandi abandanya gukorera ibigirwamana vy’umwanda+ se yari yarakoreye, abandanya no kuvyunamira. 22  Gutyo aheba Yehova+ Imana ya ba sekuruza biwe, ntiyagendera mu nzira ya Yehova+. 23  Amaherezo abasuku ba Amoni bamugīra umugambi mubi maze bicira umwami+ mu nzu yiwe. 24  Mugabo abanyagihugu bica abantu bose bari bagīriye Umwami Amoni umugambi mubi+. Maze abanyagihugu bimika Yosiya+ umuhungu wiwe ngo abe umwami mu kibanza ciwe. 25  Nayo ibisigaye mu vya Amoni, ivyo yakoze, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 26  Nuko bamuhamba mu mva yiwe mu murima wa Uza+; maze Yosiya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Amakuru yiyongereye