Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 20:1-21

20  Muri iyo misi Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+. Nuko Yesaya+ mwene Amozi, umuhanuzi, yinjira aho ari maze amubwira ati: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Nuhe amategeko urugo rwawe+, kuko wewe ubwawe ugiye koko gupfa, utazobaho+.’”  Hezekiya aca ahindukiriza mu maso hiwe ku ruhome+ maze atangura gusenga Yehova+ ati:  “Ndagusavye, ewe Yehova, ndakwinginze wibuke+ ingene nagendeye+ imbere yawe mu kuri+, mfise umutima ukwiye+, kandi ko nakoze ivyari vyiza mu maso yawe+.” Nuko Hezekiya atangura kurira cane+.  Yesaya atarasohoka ngo aje ku mbuga yo hagati na hagati, ijambo rya Yehova riza kuri we+ riti:  “Subira inyuma, ubwire Hezekiya indongozi+ y’abantu banje uti: ‘Ibi ni vyo Yehova Imana+ ya Dawidi sogokuruza wawe avuze: “Numvise+ isengesho ryawe+. Nabonye amosozi yawe+. Ehe ngira ngukize+. Ku musi ugira gatatu uzoduga ku nzu ya Yehova+.  Nzokwongera ata gukeka imyaka cumi n’itanu ku misi yawe, kandi wewe n’iki gisagara nzobarokora mu kiganza c’umwami wa Ashuri, kandi nzorwanira+ iki gisagara ku bwanje no ku bwa Dawidi umusavyi wanje+.”’”  Yesaya abandanya kuvuga ati: “Nimutore agatsima k’insukoni zumye zafyonzwe+ zikegerana.” Nuko baragatora, bagashira ku gihute+, arahava arakira+.  Maze Hezekiya abwira Yesaya ati: “Ni ikimenyetso+ ikihe c’uko Yehova azonkiza be n’uko ku musi ugira gatatu nzoduga ata gukeka ku nzu ya Yehova?”  Yesaya aca avuga ati: “Iki ni co kimenyetso+ uhawe kivuye kuri Yehova c’uko Yehova azoshitsa ijambo avuze: Ushaka ko igitutu kija vy’ukuri imbere intambuko cumi z’ingazi canke ko gisubira inyuma intambuko cumi?” 10  Maze Hezekiya avuga ati: “Ni icoroshe ko igitutu kija imbere intambuko cumi, mugabo ntivyoroshe ko igitutu gisubira inyuma intambuko cumi+.” 11  Yesaya umuhanuzi aca atangura gutakambira Yehova; nuko atuma igitutu cari camanutse gisubira inyuma buhorobuhoro ku ntambuko, ni ukuvuga ku ntambuko z’ingazi za Ahazi, gisubira inyuma intambuko cumi+. 12  Ico gihe Berodaki-baladani+ mwene Baladani umwami wa Babiloni+ arungikira Hezekiya amakete+ n’ingabirano, kuko yari yumvise ko Hezekiya yari amaze igihe arwaye. 13  Nuko Hezekiya arabumviriza maze abereka inzu y’itunga yiwe yose+, ifeza n’inzahabu+ n’amavuta y’umusomozo*+ n’amavuta meza n’ububiko bw’ibirwanisho bwiwe n’ibintu vyose vyari mu matunga yiwe. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu yiwe no mu nganji yiwe yose+. 14  Inyuma y’ivyo, Yesaya umuhanuzi yinjira aho Umwami Hezekiya ari maze amubwira+ ati: “Abo bantu bavuze iki, kandi baje iwawe bavuye he+?” Hezekiya avuga rero ati: “Baje bavuye mu gihugu ca kure, i Babiloni.” 15  Yesaya abandanya kuvuga ati: “Babonye iki mu nzu yawe?” Hezekiya aca avuga ati: “Babonye ikintu cose kiri mu nzu yanje. Nta na kimwe ntaberetse mu matunga yanje+.” 16  Nuko Yesaya abwira Hezekiya ati: “Niwumve ijambo rya Yehova+: 17  ‘“Ehe imisi iraje, kandi ibiri mu nzu yawe vyose+ be n’ivyo ba sogokuruza bawe barundanije gushika n’uyu musi bizotwarwa koko i Babiloni+. Nta na kimwe kizosigara+,” ni ko Yehova avuze. 18  “Kandi bamwe mu bahungu bawe bazova muri wewe, abo uzovyara, bazotwarwa+ babe koko abakozi bo ku kirimba+, mu kirimba c’umwami wa Babiloni+.”’” 19  Hezekiya aca abwira Yesaya ati: “Ijambo rya Yehova uvuze ni ryiza+.” Abandanya kuvuga ati: “Mbega si ko biri, amahoro n’ukuri+ ubwavyo nivyagumaho mu misi yanje+?” 20  Nayo ibisigaye mu vya Hezekiya n’ubushobozi bwiwe bwose be n’ingene yakoze ikidengeri+ n’umugende+ maze akazana amazi mu gisagara, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 21  Amaherezo Hezekiya aryama hamwe na ba sekuruza biwe+; nuko Manase+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.