Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 19:1-37

19  Umwami Hezekiya+ akimara kuvyumva, aca atantamura impuzu ziwe+ maze yambara igunira+ araheza yinjira mu nzu ya Yehova+.  Vyongeye, atuma Eliyakimu+, uwagaba urugo, na Shebuna+ umunyamabanga n’abagabo b’inararibonye bo mu baherezi, bambaye amagunira, kuri Yesaya+ umuhanuzi mwene Amozi+.  Nuko bamubwira bati: “Hezekiya avuze ngo: ‘Uyu musi ni umusi w’amarushwa+ n’uw’uguhambara+ n’uw’ukutisonera kw’akagaye+; kuko tumeze nk’umugore agira yibaruke+ mugabo akaba atagira inkomezi zo kwibaruka+.  Hari aho Yehova Imana yawe yokwumva+ amajambo yose ya Rabushake, uwo umwami wa Ashuri umukama wiwe yatumye gucokora+ Imana nzima, maze akagira ico amubaza koko ku bw’amajambo Yehova Imana yawe yumvise+. Uture isengesho+ ku bw’amasigarira+ asigaye.’”  Nuko abasuku b’Umwami Hezekiya binjira kwa Yesaya+.  Maze Yesaya ababwira ati: “Mubwire umukama wanyu muti: ‘Ibi ni vyo Yehova avuze+: “Ntutinye+ kubera amajambo wumvise, ayo abasuku b’umwami wa Ashuri bakoresheje mu kumvuga nabi+.  Ehe ngira nshire impwemu+ muri we, kandi azokwumva inkuru+ maze asubire mu gihugu ciwe; kandi nzotuma koko agwishwa n’inkota mu gihugu ciwe+.”’”  Inyuma y’ivyo, Rabushake+ asubira inyuma maze asanga umwami wa Ashuri ariko ararwana na Libuna+; kuko yari yumvise ko nya mwami yavuye i Lakishi+ akagenda.  Yumva bivugwa ku bijanye na Tiruhaka umwami wa Etiyopiya ngo: “Ehe yasohotse kukurwanya.” Nuko yongera gutuma intumwa+ kuri Hezekiya ati: 10  “Mubwire Hezekiya umwami wa Yuda muti: ‘Imana wizigira ntiguhende+, mu kuvuga ngo: “Yeruzalemu+ ntizotangwa mu kuboko kw’umwami wa Ashuri+.” 11  Ehe! Wewe ubwawe warumvise ivyo abami ba Ashuri bakoreye ibihugu vyose mu kubitikiza+; none wewe uzorokorwa+? 12  Mbega imana+ z’amahanga ba sogokuruza banje bahoneje zarayarokoye, egome, Gozani+ na Harani+ na Rezefu na bene Edeni+ bari i Teli-asari+? 13  Ari hehe umwami wa Hamati+ n’umwami wa Arupadi+ n’umwami w’ibisagara vya Sefaruvayimu, Hena na Iva+?’” 14  Hezekiya atora rero nya makete mu kuboko kw’izo ntumwa maze arayasoma+, hanyuma aduga ku nzu ya Yehova araheza ayagaranzura imbere ya Yehova+. 15  Nuko Hezekiya atangura gusengera+ imbere ya Yehova ati: “Ewe Yehova Mana ya Isirayeli+, wewe wicaye ku bakerubi*+, ni wewe wenyene uri Imana y’ukuri y’ubwami+ bwose bw’isi+. Ni wewe wakoze amajuru+ n’isi+. 16  Tega ugutwi, Yehova we, wumve+. Ugurura amaso+, ewe Yehova, ubone, wumve amajambo ya Senakeribu, ayo yatumye gucokora+ Imana nzima. 17  Ego ni ko, ewe Yehova, abami ba Ashuri baratikije amahanga n’ibihugu vyayo+. 18  Kandi imana zayo bazihaye umuriro, kuko zitari imana+, mugabo zari izahinguwe n’amaboko y’umuntu+, izahinguwe mu biti no mu mabuye; ku buryo baziranduye. 19  None rero, ewe Yehova Mana yacu+, turakwinginze udukize+ mu kuboko kwiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene+.” 20  Nuko Yesaya mwene Amozi atuma kuri Hezekiya ati: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze+: ‘Isengesho+ wantuye ku vyerekeye Senakeribu umwami wa Ashuri naryumvise+. 21  Iri ni ryo jambo Yehova avuze kuri we: “Umukobwa w’isugi wa Siyoni yagusuzuguye+, yagutwengeye mw’ijigo+. Umukobwa wa Yeruzalemu+ yazungije umutwe inyuma yawe+. 22  Ni nde wacokoye+ kandi ni nde watutse+? Ni nde wadugirije ijwi+ Ukararamurira amaso hejuru+? Ni wa Mweranda wa Isirayeli+! 23  Wacokoye Yehova biciye ku ntumwa zawe+, kandi ukaba uvuga uti+: ‘Nkoresheje ubwinshi bw’imikogote y’intambara yanje, jewe ubwanje+ Nzoduga koko ahakirurutse h’uturere tw’imisozi+, Imihingo ya Libani+ iri kure kuruta iyindi; Kandi nzokwicira amasederi maremare+ yaho, ibiti vy’imiberoshi+ vyaho vy’intorwa. Nzokwinjira mu kibanza c’uburaro caho ca nyuma, ikibira kimeze nk’umurima w’ivyamwa+ waho. 24  Jewe ubwanje nzokwimba koko amazi y’ahandi maze ndayanywe, Kandi nzokamisha ubworo bw’ibirenge vyanje imigende yose ya Nili ya Misiri+.’ 25  Mbega ntiwumvise+? Kuva mu bihe vya kera cane, ivyo ni vyo nzokora+. Kuva mu misi ya kera na rindi naravyiyumviriye+. Ubu rero ngira ndabishitse+. Wewe uzokoreshwa mu gutuma ibisagara bikingijwe ibihome bicika umusaka nk’ibirundo vy’ibihomvagurike+. 26  Ababibamwo bazogira amaboko ya goyigoyi+; Bazotekerwa koko n’ubwoba kandi bamaramare+. Bazocika ata kabuza nk’ibimera vyo mw’ishamba n’ivyatsi bitoto biremvye+, Nk’ivyatsi vyo ku bisenge+, igihe bibabuwe n’umuyaga wo mu buseruko+. 27  Ndazi neza+ ukwicara utekanye kwawe n’ugusohoka+ kwawe n’ukwinjira kwawe, N’ukunshavurira kwawe+, 28  Kuko ukunshavurira kwawe+ n’ukuroha kwawe vyaduze bigashika mu matwi yanje+. Ata gukeka nzoshira ingobe yanje mu zuru ryawe n’imijiginya hagati y’iminwa yawe+, Nzogusubiza inyuma koko ngucishije mu nzira wazananye+.” 29  “‘Iki ni co kizokubera ikimenyetso+: Uwu mwaka bazorya ku bizomera ku dutete twakorotse+, mu mwaka ugira kabiri na ho barye intete zimejeje; mugabo mu mwaka ugira gatatu, muze mubibe imbuto+ maze mushwabure, muze muteragire imirima y’imizabibu maze murye ivyamye muri yo+. 30  Abazorokoka mu nzu ya Yuda, abazosigara+, ata gukeka bazoshora imizi munsi maze bame ivyamwa hejuru+. 31  Kuko amasigarira azosohoka avuye i Yeruzalemu+, n’abarokotse basohoke bavuye ku musozi Siyoni+. Umwete+ nyene wa Yehova nyen’ingabo uzobikora. 32  “‘Ni co gituma Yehova avuze ku vyerekeye umwami wa Ashuri+ ati: “Ntazokwinjira muri iki gisagara+ canke ngo aharase umwampi+ canke ngo ahahange n’inkinzo canke ngo aharundire igikuta co kuhasugereza+. 33  Inzira yazananye ni yo azocamwo mu gusubira inyuma, mugabo ntazokwinjira muri iki gisagara, ni ko Yehova avuze+. 34  Nzorwanira+ koko iki gisagara kugira ngo ndagikize ku bwanje+ no ku bwa Dawidi umusavyi wanje+.”’” 35  Nuko muri iryo joro umumarayika wa Yehova arasohoka maze asasika ingabo ibihumbi ijana na mirongo umunani na bitanu mw’ikambi+ y’Abashuri+. Abantu bavyutse kare mu gitondo, erega, basanga bose bapfuye, ari imivyimba+. 36  Nuko Senakeribu+ umwami wa Ashuri afata inzira aragenda, asubira inyuma+, maze aba i Ninewe+. 37  Maze igihe yariko arunama mu nzu ya Nisiroki+ imana yiwe+, Adarameleki na Shareseri, abahungu biwe ubwabo, bamwicisha inkota+ hanyuma bahungira mu gihugu ca Ararati+. Nuko Esari-hadoni+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.