Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 16:1-20

16  Mu mwaka ugira cumi n’indwi wa Peka mwene Remaliya, Ahazi+ mwene Yotamu umwami wa Yuda aba umwami.  Ahazi yari afise imyaka mirongo ibiri igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka cumi n’itandatu aganza i Yeruzalemu; ntiyakora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova Imana yiwe nka Dawidi sekuruza+.  Abandanya kugendera mu nzira y’abami ba Isirayeli+, mbere n’umuhungu wiwe amucisha mu muriro+, yisunze ibintu biteye ishishi+ vy’amahanga Yehova yari yarirukanye kubera bene Isirayeli.  Aguma ashikana ibimazi yongera afumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse+ no ku mirambi+ no munsi y’igiti gitotahaye cose+.  Ico gihe ni ho Rezini+ umwami wa Siriya na Peka+ mwene Remaliya umwami wa Isirayeli batangura kuduga gutera Yeruzalemu mu ntambara maze basugereza Ahazi, mugabo ntibashobora kurwana+.  Ico gihe, Rezini umwami wa Siriya asubiza Elati+ kuri Edomu, hanyuma yirukana Abayuda i Elati; Abanyedomu na bo binjira i Elati maze babandanya kubayo gushika n’uyu musi.  Nuko Ahazi atuma intumwa kuri Tigulati-pileseri+ umwami wa Ashuri ati: “Ndi umusuku wawe+ n’umuhungu wawe. Duga unkize+ mu kiganza c’umwami wa Siriya no mu kiganza c’umwami wa Isirayeli, abampagurukiye.”  Ahazi atora rero ifeza n’inzahabu vyari mu nzu ya Yehova no mu matunga y’inzu y’umwami+ araheza arungikira umwami wa Ashuri igiturire+.  Nuko umwami wa Ashuri aramwumviriza maze aduga i Damasiko+, arahafata+ hanyuma abantu baho abajana mu bunyagano i Kiri+, Rezini+ na we aramwica. 10  Maze Umwami Ahazi+ aja guhura na Tigulati-pileseri+ umwami wa Ashuri i Damasiko, hanyuma abona igicaniro+ cari i Damasiko. Umwami Ahazi arungikira rero Uriya umuherezi umugero wa nya gicaniro n’icitegererezo caco ku bijanye n’ukuntu gihinguwe kwose+. 11  Nuko Uriya+ umuherezi yubaka ico gicaniro+. Uriya umuherezi agikora yisunze ivyo Umwami Ahazi yari yarungitse ari i Damasiko vyose, mu kurindira ko Umwami Ahazi ashika avuye i Damasiko. 12  Umwami ashitse avuye i Damasiko, abona nya gicaniro; yegera rero ico gicaniro+ maze ashikana amashikanwa kuri co+. 13  Abandanya gufumbishiriza+ kuri ico gicaniro ishikanwa riturirwa ryiwe+ n’ishikanwa ry’intete ryiwe+, no kugisukako ishikanwa ry’ikinyobwa ryiwe+, no kukimijagirako amaraso y’ibimazi vyiwe vy’ugusangira. 14  Ca gicaniro c’umujumpu+ cari imbere ya Yehova acegeza hafi agikuye imbere y’inzu, agikuye hagati y’igicaniro ciwe n’inzu ya Yehova+, araheza agishira ku ruhande rwo mu buraruko rw’igicaniro ciwe. 15  Hanyuma Umwami Ahazi aramutegeka, egome ategeka Uriya+ umuherezi, ati: “Kuri ico gicaniro kinini abe ari ho uzohora ufumbishiriza ishikanwa riturirwa ryo mu gitondo+, be n’ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+, n’ishikanwa riturirwa ry’umwami+, n’ishikanwa ry’intete ryiwe, n’ishikanwa riturirwa ry’abanyagihugu bose, n’ishikanwa ry’intete ryabo, n’amashikanwa y’ikinyobwa yabo; amaraso yose y’ishikanwa riturirwa n’amaraso yose y’ikimazi na yo, uzohore uyamijagira kuri co. Nayo ico gicaniro c’umujumpu, kizoba ikintu nzobwirizwa kwitwararika.” 16  Nuko Uriya+ umuherezi akora yisunze ivyo Umwami Ahazi yari yamutegetse vyose+. 17  Vyongeye, Umwami Ahazi akatagura+ impande zo mu mbavu+ za ya mashareti+ yongera ayakurako ya mabesani+; ca kiyaga+ na co aracururutsa agikuye kuri ya mashūri y’umujumpu+ yari munsi yaco, maze agishira ahashashe amabuye. 18  Ha hantu hasakaye hari harubakiwe isabato muri iyo nzu, be n’urwinjiriro rw’umwami rw’inyuma, abikura mu nzu ya Yehova kubera umwami wa Ashuri. 19  Nayo ibisigaye mu vya Ahazi, ivyo yakoze, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 20  Amaherezo Ahazi aryama hamwe na ba sekuruza hanyuma ahambwa hamwe na ba sekuruza biwe mu Gisagara ca Dawidi+; nuko Hezekiya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Amakuru yiyongereye