Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 13:1-25

13  Mu mwaka ugira mirongo ibiri na gatatu wa Yehowasi+ mwene Ahaziya+ umwami wa Yuda, Yehowahazi+ mwene Yehu+ aba umwami wa Isirayeli i Samariya imyaka cumi n’indwi.  Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+, akurikira igicumuro ca Yerobowamu+ mwene Nebati, ico yacumurishije Isirayeli+. Ntiyakevya ngo akivemwo.  Nuko ishavu rya Yehova+ rirurumbira Isirayeli, ku buryo abatanga mu kuboko kwa Hazayeli+ umwami wa Siriya no mu kuboko kwa Beni-hadadi+ mwene Hazayeli mu misi yabo yose.  Mu nyuma Yehowahazi atakambira*+ Yehova, ku buryo Yehova amwumviriza+; kuko yari yabonye agahahazo kagirirwa Isirayeli+, kubera yuko umwami wa Siriya yari yarabahahaje+.  Nuko Yehova aha Isirayeli umukiza+, ku buryo bava munsi y’ukuboko kwa Siriya, maze bene Isirayeli babandanya kuba mu mazu yabo nka kera+.  (Ariko ntibava mu gicumuro c’inzu ya Yerobowamu, ico yacumurishije Isirayeli+. Agendera muri co+; mbere igikingi ceranda+ kiguma gihagaze i Samariya.)  Kuko ata bantu yari yarasigarije Yehowahazi atari abagendera ku mafarasi mirongo itanu n’imikogote cumi n’abagabo ibihumbi cumi bari ku maguru+, kubera yuko umwami wa Siriya yari yarabaranduye+, kugira ngo abagire nk’umukungugu wo ku mbuga y’ikubitiro+.  Nayo ibisigaye mu vya Yehowahazi n’ivyo yakoze vyose n’ubushobozi bwiwe, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli?  Amaherezo Yehowahazi aryama hamwe na ba sekuruza, hanyuma bamuhamba i Samariya+; nuko Yehowasi+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. 10  Mu mwaka ugira mirongo itatu n’indwi wa Yehowasi umwami wa Yuda, Yehowasi+ mwene Yehowahazi aba umwami wa Isirayeli i Samariya imyaka cumi n’itandatu. 11  Abandanya gukora ivyari bibi mu maso ya Yehova+. Ntiyava mu bicumuro vyose vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yacumurishije Isirayeli+. Agendera muri vyo. 12  Nayo ibisigaye mu vya Yehowasi n’ivyo yakoze vyose n’ubushobozi bwiwe be n’ingene yarwanije+ Amaziya umwami wa Yuda, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Isirayeli? 13  Amaherezo Yehowasi aryama hamwe na ba sekuruza, hanyuma Yerobowamu+ yicara ku ntebe y’ubwami yiwe. Yehowasi na we ahambwa i Samariya hamwe n’abami ba Isirayeli+. 14  Nayo Elisha+, yari yafashwe n’indwara yari kumwica+. Nuko Yehowasi umwami wa Isirayeli amanuka aho ari maze atangura kuririra mu maso yiwe ati: “Dawe+, dawe, mukogote w’intambara wa Isirayeli n’abagendera ku mafarasi biwe+!” 15  Mugabo Elisha amubwira ati: “Tora umuheto n’imyampi.” Atora rero umuheto n’imyampi. 16  Hanyuma Elisha abwira umwami wa Isirayeli ati: “Shira ukuboko kwawe kuri uwo muheto.” Nuko awushirako ukuboko kwiwe, hanyuma Elisha ashira amaboko yiwe ku maboko+ y’umwami. 17  Maze avuga ati: “Ugurura idirisha ryerekeye mu buseruko.” Nuko araryugurura. Amaherezo Elisha avuga ati: “Rasa!” Nuko ararasa. Elisha avuga rero ati: “Umwampi wa Yehova w’ubukiriro, egome, umwampi w’ubukiriro+ wo kurwanya Siriya! Ata gukeka uzokubitira Siriya i Afeki+ gushika iherengeteye.” 18  Abandanya kuvuga ati: “Tora imyampi.” Nuko arayitora. Maze abwira umwami wa Isirayeli ati: “Kubita hasi.” Nuko akubita incuro zitatu hanyuma arahagarika+. 19  Nya muntu w’Imana y’ukuri+ aramurakarira; avuga rero ati: “Wari gukubita incuro zitanu canke zitandatu! Ni ho mu vy’ukuri wokubise Siriya gushika iherengeteye; mugabo ubu, uzokubita Siriya incuro zitatu gusa+.” 20  Inyuma y’ivyo, Elisha arapfa hanyuma baramuhamba+. Kandi hari utugwi tw’abambuzi+ tw’Abanyamowabu+ twama twinjira mu gihugu mu ntango z’umwaka. 21  Nuko bariko barahamba umuntu, baza babona akagwi k’abambuzi. Baca baterera uwo muntu mu mva ya Elisha baragenda. Uwo muntu akoze ku magufa ya Elisha, aca asubira kuba muzima+, arahagarara+. 22  Nayo Hazayeli+ umwami wa Siriya, ahahaza+ Isirayeli mu misi yose ya Yehowahazi. 23  Ariko Yehova abagirira ubutoni+ yongera abagirira imbabazi+, abasubizako agatima ku bw’isezerano+ yagiranye na Aburahamu+ na Izahaki+ na Yakobo+; ntiyashaka kubahonya+, kandi ntiyabata ngo bave imbere y’amaso yiwe, gushika n’ubu. 24  Amaherezo Hazayeli umwami wa Siriya arapfa, hanyuma Beni-hadadi umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe. 25  Nuko Yehowasi mwene Yehowahazi akura mu kuboko kwa Beni-hadadi mwene Hazayeli ibisagara yari yaratwaye abikuye mu kuboko kwa Yehowahazi se wiwe mu ntambara, arabigarukana. Yehowasi amukubita incuro zitatu, maze agarukana ibisagara vya Isirayeli+.

Amakuru yiyongereye

Ijambo ku rindi ni “yorosha mu maso ha.”