Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abami 12:1-21

12  Mu mwaka ugira indwi wa Yehu+, Yehowasi+ aba umwami, maze amara imyaka mirongo ine aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Zibiya w’i Beyeri-sheba.  Yehowasi abandanya gukora ivyari bigororotse mu maso ya Yehova imisi yose yamaze yigishwa na Yehoyada umuherezi+.  Ibibanza bikirurutse ni vyo gusa bitazimanganye+. Abantu bari bagishikanira ibimazi bakongera bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku bibanza bikirurutse*.  Nuko Yehowasi abwira abaherezi+ ati: “Amahera yose azanwa ku nzu ya Yehova+ ku bw’amashikanwa meranda+, amahera umwe wese atangishwa+, amahera atangirwa abantu hisunzwe agaciro k’umwumwe wese+, amahera yose umwumwe wese avyurirwa n’umutima wiwe kuzana ku nzu ya Yehova+,  abaherezi bayitorere, umwe wese ku wo bazinanyi+; baheze basanasane imigaga y’iyo nzu, ahari umugaga hose+.”  Mu mwaka ugira mirongo ibiri na gatatu w’Umwami Yehowasi, abaherezi ntibari bwasanasane imigaga ya nya nzu+.  Nuko Umwami Yehowasi ahamagara Yehoyada+ umuherezi n’abandi baherezi, ababwira ati: “Kubera iki mudasanasana imigaga y’iyo nzu? Ubu rero, ntimuze musubire gutora amahera ku bo muzinanyi, mugabo muze muyahe abakora igikorwa co gusanasana imigaga y’iyo nzu+.”  Nuko nya baherezi bemera kudasubira gutora amahera mu bantu no kudasanasana imigaga ya nya nzu.  Yehoyada umuherezi atora rero isandugu+, atobora intoboro ku mufuniko wayo araheza ayishira iruhande y’igicaniro, iburyo winjiye mu nzu ya Yehova, maze abaherezi, abarinzi b’imiryango+, bakaza barashirayo amahera yose+ yazanwa mu nzu ya Yehova. 10  Igihe baba babonye yuko muri iyo sandugu hariyo amahera menshi, umunyamabanga+ w’umwami n’umuherezi mukuru baraduga, bakayatekera hanyuma bagaharura amahera yaba ari mu nzu ya Yehova+. 11  Amahera yaba yaharuwe bayashira mu maboko y’abakora+ ico gikorwa bari baragenywe gukorera ku nzu ya Yehova. Bano na bo bayahemba abakora mu vy’ibiti n’abubatsi bakorera ku nzu ya Yehova, 12  n’abafundi n’ababaji b’amabuye+, agakoreshwa no mu kugura ibiti n’amabuye abajwe vyo gusanasana imigaga y’inzu ya Yehova be no mu kuriha ivyakoreshwa vyose kuri nya nzu kugira ngo isanasanwe. 13  Ariko ku bijanye n’inzu ya Yehova, ntihakorwa amabesani y’ifeza, ibizimisho+, amabakure+, inzumbete+, n’ubwoko na bumwe bw’ikintu c’inzahabu n’ikintu c’ifeza, mu mahera yazanwa ku nzu ya Yehova+; 14  kuko bayaha abakora ico gikorwa, na bo bakayasanurisha inzu ya Yehova+. 15  Abagabo bazezwa nya mahera kugira bayahe abakora ico gikorwa+ ntibayasuzumirwa+, kuko bakorana ubwizigirwa+. 16  Amahera yatangwa ku bw’amashikanwa y’ukwagirwa n’icaha+ be n’amahera yatangwa ku bw’amashikanwa y’igicumuro, ntiyajanwa mu nzu ya Yehova. Yaba ay’abaherezi+. 17  Ico gihe ni ho Hazayeli+ umwami wa Siriya yatangura kuduga kurwanya Gati+ maze akahafata; hanyuma Hazayeli yiyemeza+ kuduga ngo atere Yeruzalemu+. 18  Yehowasi umwami wa Yuda aca atora amashikanwa meranda yose+ Yehoshafati na Yehoramu na Ahaziya ba sekuruza biwe, abami ba Yuda, bari bejeje be n’amashikanwa meranda yiwe n’inzahabu zose zari mu matunga y’inzu ya Yehova no mu nzu y’umwami, ayarungikira+ Hazayeli umwami wa Siriya. Nuko uno asubira inyuma areka gutera Yeruzalemu. 19  Nayo ibisigaye mu vya Yehowasi n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabu+ c’ivyo mu misi y’abami ba Yuda? 20  Ariko abasuku biwe+ barahaguruka baja hamwe mu mugambi mubi+ maze bagarikira Yehowasi ku nzu+ y’Ikidunduri+, ku nzira imanuka i Sila. 21  Yozakari mwene Shimeyati na Yehozabadi+ mwene Shomeri, abasuku biwe, ni bo bamugaritse, arapfa. Bamuhamba rero hamwe na ba sekuruza mu Gisagara ca Dawidi; nuko Amaziya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.