Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abakorinto 8:1-24

8  Turabamenyesha rero, bene wacu, ku bijanye n’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana bwahawe amashengero y’i Makedoniya+,  yuko mu gihe c’ikigeragezo gikomeye bari mu marushwa, akanyamuneza kabo kenshi be n’ubworo bwabo bwinshi vyatumye ubutunzi bw’ubutanzi bwabo bwa cane bugwira+.  Kuko ivyo vyabaye nk’uko ubushobozi bwabo koko bungana+, emwe, ndavyemeza, mbere vyari birengeye ubushobozi bwabo koko,  mu gihe baguma batwinginga bashimitse rwose bibiviriyeko ngo baterwe agateka ko gutanga n’umutima ukunze, vyongeye ngo bagire uruhara mu busuku bugenewe aberanda+.  Kandi si nk’uko twari tuvyizigiye vyonyene, mugabo babanje kwihereza Umukama+ natwe biciye ku kugomba kw’Imana.  Ivyo vyatumye turemesha Tito+ yuko yosozera ukwo gutangana umutima ukunze muri mwebwe, nk’uko ari we yari yarabitanguje muri mwebwe.  Yamara rero, nk’uko muriko muragwira muri vyose+, mu kwizera no mu majambo no mu bumenyi+ no mu bwira bwose no muri uru rukundo tubakunda, abe ari na ko mugwira muri ukwo gutanga n’umutima ukunze.  Sindiko ndabategeka+, mugabo ndabivuga ndavye ubwira abandi bafise, no kugira nsuzume yuko urukundo rwanyu ari urw’ukuri.  Kuko muzi ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu Yezu Kristu, yuko naho yari umutunzi yacitse umworo ku bwanyu+, kugira ngo mube abatunzi+ biciye mu bworo bwiwe. 10  Kandi muri ivyo ndatanga iciyumviro+: ico kintu vy’ukuri ni ngirakamaro kuri mwebwe+, kuko ubu hamaze guca umwaka mutanguye kubikora, mugabo si ukubikora gusa, ariko kandi n’ugushaka kubikora+; 11  ubu rero nimurangize n’ukubikora, kugira ngo nk’uko mwagize umutima ukunze wo gushaka gukora, abe ari na ko haba ukubirangiza, mukuye ku vyo mufise. 12  Kuko iyo habanje kuba umutima ukunze, vyemerwa canecane hisunzwe ivyo umuntu afise+, si ivyo umuntu adafise. 13  Kuko ntashaka ko abandi boroherwa+ mugabo mwebwe bikabagora; 14  ahubwo nshaka yuko biciye ku kunganya, umusesekara wanyu ubu wokwuzuriza ugukehanirwa kwabo, kugira ngo umusesekara wabo na wo uze kwuzuriza ugukehanirwa kwanyu, kugira habe ukunganya+. 15  Nk’uko vyanditswe ngo: “Uwa vyinshi ntiyagize umurengera, n’uwa bike ntiyakehaniwe+.” 16  Hashimirwe Imana rero kubona yarashize mu mutima wa Tito ubwo bwira nyene ku bwanyu+, 17  kuko yitabiriye koko iyo ndemesho, mugabo kubera ari umunyabwira cane, araje iwanyu bimwiviriyeko. 18  Mugabo tumurungikanye na mwene wacu yashimagijwe mu bijanye n’inkuru nziza, bigakwiragira mu mashengero yose. 19  Si ivyo gusa, mugabo kandi yaragenywe+ n’amashengero ngo abe uwo dusangira ingendo mu bijanye n’iyi ngabirano itanganywe umutima mwiza, iyo tubwirizwa kwitwararika ku bw’ubuninahazwa+ bw’Umukama ikaba n’ikimenyamenya c’umutima ukunze dufise+. 20  Gutyo turirinda ko hagira umuntu n’umwe adutora amahinyu+ mu bijanye n’iyi ntererano+ nyinshi tubwirizwa kwitwararika. 21  Kuko “tugira indinganizo zigororotse, atari gusa mu maso ya Yehova, mugabo no mu maso y’abantu+.” 22  Vyongeye, tubarungikanye na mwene wacu twagerageje kenshi muri vyinshi dusanga ni umunyabwira, mugabo ubu ho akaba arushirije kuba umunyabwira kuko abizigira cane. 23  Mugabo nimba hari ikibazo na kimwe ku vyerekeye Tito, ni uwufatanije nanje akaba n’umukozi mugenzanje+ ku bw’inyungu zanyu; canke nimba ari ku vyerekeye bene wacu, ni intumwa z’amashengero bakaba n’ubuninahazwa bwa Kristu. 24  Nimubereke rero ikimenyamenya c’urukundo rwanyu+ n’ic’ivyo twirase+ ku biberekeye, imbere y’amashengero.

Amakuru yiyongereye