Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abakorinto 7:1-16

7  Ko rero dufise iyo mihango+ ga bakundwa, twiyuhagire+ ubuhumane bwose bw’umubiri n’ubw’umutima+, tunonosore ubweranda mu gutinya Imana+.  Muduhe ikibanza+. Nta we twagiriye nabi, nta we twateye kwononekara, nta we twariye imitsi+.  Ivyo sindabivugiye kubatsindisha. Kuko nari maze kuvuga yuko muri mu mitima yacu, twaba dupfa canke tubaho+.  Ndi n’umwidegemvyo mwinshi wo kuvuga ku biberekeye. Ndi n’ukwirata kwinshi mu bijanye namwe+. Nduzuye uruhoza+, ndasesekaye akanyamuneza mu marushwa yacu yose+.  Nkako, igihe twashika i Makedoniya+, umubiri wacu nta gahengwe wigeze uronka+, ahubwo twashishikaye gutezwa amarushwa+ mu buryo bwose—inyuma hari intambara, imbere na ho ubwoba.  Yamara rero Imana, imwe ihoza+ abakubititse, yaraduhojeje biciye ku kuba Tito ari ho ari;  yamara si ku kuba ari ho ari gusa, mugabo no ku ruhoza yari yahoreshejwe n’ivyanyu, kuko yongeye kutwiganira+ icipfuzo gikomeye mufise, ukugandara kwanyu, umwete mumfitiye; ku buryo narushirije kunezerwa.  Ni co gituma ntavyicuza naho nabateye umubabaro n’ikete ryanje+. Naho ubwa mbere navyicujije (ndabona ko iryo kete ryabateye umubabaro, naho vyabaye ivy’akanya gatoyi),  ubu ndanezerwa, atari kubera ko mwatejwe umubabaro, mugabo kubera ko mwatejwe umubabaro utuma mwigaya+; kuko mwatejwe umubabaro uhuye n’ukugomba kw’Imana+, ngo ntihagire ico muhomba mu kintu na kimwe kubera twebwe. 10  Kuko umubabaro uhuye n’ukugomba kw’Imana utuma haba ukwigaya gushikana ku bukiriro ata wushobora kwicuza+; mugabo umubabaro w’isi uzana urupfu+. 11  Kuko, ehe ico kintu nyene, ni ukuvuga ukubabara kwanyu guhuye n’ukugomba kw’Imana+, ingene cabazanyemwo ubwira bwinshi, ingene cabazanyemwo ukwikurako ibara, ingene cabazanyemwo ishavu, ingene cabazanyemwo ubwoba, ingene cabazanyemwo icipfuzo gikomeye, ingene cabazanyemwo umwete, ingene cabazanyemwo ugusubiza ibintu mu buryo+! Muri vyose mwarerekanye ko mutanduye ku bijanye n’ico kibazo. 12  Mu vy’ukuri, naho nabandikiye, sinabigize ku bw’uwagize nabi+ canke ku warenganijwe, ahubwo nabigize kugira ngo ubwira mudufitiye buje ahabona muri mwebwe imbere y’Imana. 13  Ni co gituma twahojejwe. Ariko rero, turetse uruhoza rwacu, twararushirije kunezerwa cane bivuye ku kanyamuneza ka Tito, kubera ko umutima wiwe+ waruhuriwe na mwebwe mwese. 14  Kuko nimba narirase imbere yiwe ku biberekeye, sinateterejwe; mugabo nk’uko twababwiye ibintu vyose mu kuri, ni ko n’ukwirata kwacu+ imbere ya Tito kwabaye ukw’ukuri. 15  Vyongeye, ikibabarwe abagirira kirushiriza kugwira, iyo yibutse ukugamburuka+ kwanyu mwese, ingene mwamwakiranye ugutinya n’ukujugumira. 16  Ndanezerwa n’uko mu buryo bwose nshobora kugira umutima rugabo kubera mwebwe+.

Amakuru yiyongereye