2 Abakorinto 5:1-21
5 Kuko tuzi yuko inzu yacu yo kw’isi+, uru rusago+, niyaramuka isambutse+, tubwirizwa kuronka inyubakwa iva ku Mana, inzu itakozwe n’amaboko+, yamaho+ mw’ijuru.
2 Kuko muri iyi nzu yo kubamwo tuniha+ koko, tukipfuza cane kwambara imwe rwacu iva mw’ijuru+,
3 ku buryo nitwamara kuyambara vy’ukuri, tutazosangwa turi gusa+.
4 Nkako, twebwe abari muri uru rusago turaniha, tukaremerwa; kuko ico dushaka atari ukurwambura, ahubwo ni ukwambara rwa rundi+, ngo igipfa kimirwe n’ubuzima+.
5 Uwadutunganije rero ku bw’ico kintu nyene ni Imana+, yo yaduhaye icemeza+ c’ibizoza, ni co mpwemu+.
6 Twamana rero umutima rugabo tukamenya kandi yuko mu gihe tukiba mu mubiri, turi kure y’Umukama+,
7 kuko tugenda twisunga ukwizera, tutisunga ibiboneka+.
8 Mugabo turagira umutima rugabo kandi tugahimbarwa riho no kuba kure y’umubiri kugira ngo tuje kubana n’Umukama+.
9 Ni co gituma intumbero yacu kandi ari uko twemerwa na we+, twaba tubana na we canke tuba kure yiwe+.
10 Kuko twese dutegerezwa kugaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristu+, ngo umwe wese aronke ivyo akwiriye ku bw’ibintu yakoreye mu mubiri, nk’uko ivyo yagiye arakora biri, vyaba vyiza canke ivy’agahomerabunwa+.
11 Ko rero tuzi ugutinya+ Umukama ico ari co, tuguma dufasha abantu kunyurwa+, mugabo twarashizwe ku mugaragaro ku Mana. Ariko ndizigiye ko twashizwe ku mugaragaro no kw’ijwi ryanyu ryo mu mutima+.
12 Ntituriko twongera kwishimagiza+ kuri mwebwe, ahubwo turiko tubaha akaryo ko kwirata mu bijanye natwe+, kugira muronke ico mwishura abiratira ibiboneka inyuma+, mugabo batiratira umutima+.
13 Kuko nimba twari twasaze+, hari ku bw’Imana; nimba turoranye mu muzirikanyi+, ni ku bwanyu.
14 Kuko urukundo Kristu afise rutugobera, kubera ko iki ari co twabonye, yuko umuntu umwe yapfiriye bose+; nuko rero, bose bari barapfuye;
15 kandi yapfiriye bose kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo+, ahubwo babeho ku bw’umwe+ yabapfira hanyuma akazurwa+.
16 Kuva ubu rero, nta muntu n’umwe tuzi ku mubiri+. Naho twamenye Kristu ku mubiri+, mu vy’ukuri ubu si ko tukimuzi+.
17 Nimba rero umuntu yunze ubumwe na Kristu, ni ikiremwa gishasha+; ivya kera vyaraheze+, ehe ibishasha biraje+.
18 Mugabo ibintu vyose biva ku Mana, yo yadusubije hamwe+ na yo biciye kuri Kristu ikongera ikaduha ubusuku+ bw’ugusubiza hamwe,
19 ni ukuvuga yuko Imana biciye kuri Kristu+ yariko yisubiza hamwe n’isi+ ntibaharureko amakosa yabo+, kandi yatujeje ijambo+ ry’ugusubiza hamwe+.
20 Turi+ rero abaserukira+ Kristu+ mu kibanza ciwe, nk’aho Imana yinginga biciye kuri twebwe+. Mu kibanza ca Kristu, turabinginga+ duti: “Nimusubize hamwe n’Imana.”
21 Umwe atari azi igicumuro+ yamugize igicumuro+ ku bwacu, kugira ngo ducike ubugororotsi bw’Imana+ biciye kuri we.