2 Abakorinto 4:1-18
4 Ni co gituma tudaheba, kuko dufise ubu busuku+ nk’uko imbabazi twagiriwe ziri+;
2 mugabo twaranse ibintu vyo mu kinyegero biteye isoni+, tutagendana urwenge canke ngo tujoborore ijambo ry’Imana+, ahubwo riho mu gushira ahabona ukuri, turishimagiza kw’ijwi ryo mu mutima ry’umuntu wese imbere y’Imana+.
3 Nimba rero inkuru nziza tumenyesha itwikiriwe vy’ukuri, itwikiriwe mu bahona+,
4 muri bo imana y’iki gihe*+ ikaba yarahumye imizirikanyi y’abatemera+, ngo umuco+ wa ya nkuru nziza ininahaye+ yerekeye Kristu we shusho+ y’Imana, ntushobore kumenēra+.
5 Kuko tutiyamamaza ubwacu, ahubwo twamamaza Kristu Yezu ko ari Umukama+, natwe ko turi abashumba banyu+ ku bwa Yezu.
6 Kuko Imana ari yo yavuze iti: “Umuco nukayangane uvuye mu mwiza+,” kandi yakayanganiye imitima yacu ngo iyiboneshereze+ n’ubumenyi buninahaye+ bw’Imana imbere ya Kristu+.
7 Ariko dufise iryo tunga+ mu vyombo+ vy’ivu+, ngo ububasha+ burengeye ubusanzwe bube ubw’Imana+, ntibube ubuva kuri twebwe+.
8 Turatunatunwa mu buryo bwose+, mugabo ntitubura isaganirizo; turazazanirwa, mugabo ntitubura rwose icanzo+;
9 turahamwa, mugabo ntidusigwa mu kangaratete+; turakubitwa hasi+, mugabo ntidutikizwa+.
10 Hose mu mubiri wacu twama twihanganira amagorwa yica yatejwe Yezu+, ngo ubuzima bwa Yezu bubonekere kandi mu mubiri wacu+.
11 Kuko twebwe abariho twama dushirwa imbere y’urupfu+ ku bwa Yezu, ngo ubuzima bwa Yezu bubonekere kandi mu mubiri wacu upfa+.
12 Nuko rero, urupfu rukorera muri twebwe, ariko ubuzima bugakorera muri mwebwe+.
13 Ko rero dufise impwemu y’ukwizera nk’imwe handitswe ivyayo ngo: “Narizeye, ni co catumye mvuga+,” natwe turizera ari co gituma tuvuga,
14 tuzi yuko umwe yazura Yezu azotuzura na twebwe hamwe na Yezu kandi akazodushikiriza hamwe namwe+.
15 Kuko ibintu vyose bihari ku bwanyu+, kugira ngo ubuntu ata wari abukwiriye bwagizwe bwinshi bugwire bivuye ku gukenguruka kw’abandi benshi ku bw’ubuninahazwa bw’Imana+.
16 Ni co gituma tudaheba; ahubwo naho umuntu turi inyuma ariko arashira, mu vy’ukuri umuntu turi imbere+ aguma agirwa mushasha ku musi ku musi.
17 Kuko naho amakuba ari ay’akanya gato+ kandi ahwahutse, atuzanira ubuninahazwa bw’uburemere burushiriza kuba ubuhebuje kandi bw’ibihe bidahera+;
18 mu gihe tugumiza amaso yacu, atari ku biboneka, ahubwo ku bitaboneka+. Kuko ibiboneka ari ivy’igihe gito+, mugabo ibitaboneka bikaba ivy’ibihe bidahera+.
Amakuru yiyongereye
^ Raba Inyongera ya 21.