2 Abakorinto 2:1-17
2 Kuko iyi ari yo ngingo jewe nifatiye: kutongera kuza iwanyu mu mubabaro+.
2 Kuko hamwe nobatera umubabaro+, ni nde wundi none yontera akamwemwe atari uwo nteye umubabaro?
3 Ni na co gituma nabandikiye ico kintu nyene, kugira ngo ninaza sinze ngire umubabaro+ bivuye ku bari gutuma nezerwa+; kuko ndabizigiye+ mwese yuko akanyamuneza mfise ari ko kanyu mwese.
4 Kuko mu makuba menshi n’umubabaro mwinshi wo mu mutima ari ho nabandikiye n’amosozi menshi+, atari kugira ngo mubabare+, ahubwo kugira ngo mumenye urukundo ndabafitiye bimwe bidasanzwe.
5 Nimba rero hari uwateye umubabaro+, ntiyawuteye jewe, ahubwo yawuteye mwese ku rugero kanaka—sinkare birenze urugero mu vyo mvuga.
6 Ukwo guhambarirwa+ na benshi kurahagije kuri uwo muntu,
7 ku buryo nyabuna ubu mwari mukwiye kumubabarira n’umutima mwiza+ mukongera mukamuhoza, kugira ngo uwo muntu ntahave amirwa n’umubabaro urenze+.
8 Ndabahimiriza rero ngo mumwereke ko mumukunda+.
9 Kuko ari na yo ntumbero itumye ndabandikira kugira mbone ikimenyamenya mutanga, ko mugamburuka muri vyose+.
10 Ico cose muhariye umuntu n’umutima mwiza, nanje ni ukwo+. Nayo jewe vy’ukuri, ico mpariye n’umutima mwiza cose, nimba hari ico mpariye n’umutima mwiza, ni ku bwanyu imbere ya Kristu;
11 kugira ngo ntidutsindwe na Shetani+, kuko tutayobewe imigabo yiwe+.
12 Igihe rero nashika i Tirowa+ kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu, kandi nkugururirwa umuryango mu Mukama+,
13 nta gahengwe nigeze ndonka mu mutima kuko ntabonye Tito+ mwene wacu, mugabo narabasezeye ndaheza nja i Makedoniya+.
14 Mugabo hashimirwe Imana yo yama iturongora+ mu rugendo rw’intsinzi twifatanije+ na Kristu, kandi igatuma akamoto k’ubumenyi buyerekeye kumvikana ahantu hose biciye kuri twebwe+!
15 Kuko ku Mana turi akamoto keza+ ka Kristu mu bariko barakizwa no mu bariko barahona+;
16 kuri abo ba kabiri turi akamoto kava mu rupfu kaja mu rupfu+, ku ba mbere na ho akamoto kava mu buzima kaja mu buzima. Vyongeye, ni nde akwije neza ibisabwa ku bw’ivyo bintu+?
17 Ni twebwe; kuko tutari abagenda bacuruza ijambo ry’Imana+ nk’uko benshi bagira+, mugabo tuvuga ata buryarya, egome, nk’abarungitswe n’Imana, imbere y’Imana, twifatanije na Kristu+.