2 Abakorinto 13:1-14
13 Iri ni irigira gatatu+ nje iwanyu. “Ikintu cose gitegerezwa kwemezwa bivuye ku ntahe ishinzwe* n’ivyabona bibiri canke bitatu+.”
2 Ndamaze kubivuga, kandi nk’aho noba ndahari irigira kabiri yamara ubu nkaba ntahari, mbaye ndabwira abacumuye be n’abandi bose, yuko ninaramuka ngarutse ata n’umwe nzoziguriza+,
3 kuko muriko murondera ikimenyamenya c’uko Kristu avugira muri jewe+, Kristu umwe atagoyagoya kuri mwebwe mugabo akaba umunyabubasha muri mwebwe.
4 Egome ni vyo yaramanitswe+ bivuye ku bugoyagoye+, mugabo ni muzima bivuye ku bubasha bw’Imana+. Egome ni vyo kandi turagoyagoya hamwe na we, mugabo tuzobanaho na we+ kubera ko ububasha bw’Imana+ buri kuri mwebwe.
5 Gume musuzuma yuko muri mu kwizera, gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri+. Canke ntimuzi yuko Yezu Kristu yunze ubumwe namwe+? Kiretse nimba mutemewe.
6 Ndizigiye ntakeka ko muzomenya yuko tutari abatemewe.
7 Dusaba+ Imana rero yuko mutokora ikibi na kimwe, atari kugira ngo twebwe tuboneke ko twemewe, mugabo kugira ngo mukore ivyiza, naho twebwe twoboneka ko tutemewe.
8 Kuko ata na kimwe twokora ngo dushobore kurwanya ukuri, atari gusa ugushigikira ukuri+.
9 Emwe, turanezerwa igihe cose tugoyagoya mugabo mwebwe mukaba abanyabubasha+; kandi ico dusaba Imana+ ni uko mubogorwa.
10 Ni co gituma nanditse ibi bintu ntahari, kugira ngo ninahaba, simpambare+ nisunze ububasha Umukama yampaye, bwo kwubaka+ atari gusambura.
11 Ubwa nyuma, bene wacu, mubandanye kunezerwa, kwemera kubogorwa, guhozwa+, kwiyumvira muhuza+, kubaho mu mahoro+; kandi ya Mana y’urukundo n’amahoro+ izobana namwe.
12 Muramukanishe ugusomana kweranda+.
13 Aberanda bose barabaramutsa.
14 Ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama Yezu Kristu n’urukundo rw’Imana be n’ugusangira impwemu nyeranda bibane namwe mwese+.
Amakuru yiyongereye
^ Ijambo ku rindi ni “bivuye mu kanwa.”