Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

2 Abakorinto 12:1-21

12  Mbwirizwa kwirata. Ariko nta co bimaze; mugabo ngira ntandukire ivyo kubonekerwa+ be n’uguhishurirwa n’Umukama.  Ndazi umuntu ari mu bumwe na Kristu, haraciye imyaka cumi n’ine—nimba hari mu mubiri sindabizi, canke hatari mu mubiri sindabizi; bizi Imana—yatwawe+ ari ukwo mw’ijuru rya gatatu.  Egome, ndazi uwo muntu—nimba hari mu mubiri canke hatari mu mubiri+, sindabizi, bizi Imana—  yuko yatwawe mw’iparadizo+ akumva amajambo atavugika, ayo ata muntu yemerewe kuvuga.  Ivy’uwo muntu nzovyirata, mugabo sinzokwirata ivyanje, atari ku bijanye n’ubugoyagoye bwanje+.  Kuko ndamutse nshatse kwirata+, sinoba ndi imburabwenge, kuko noba mvuga ukuri. Mugabo ndabiretse, kugira ngo ntihagire uwunshirako iciza kiruta ico abona ko ndi canke anyumvana,  kubera gusa umurengera w’uguhishurirwa. Nuko rero, kugira ngo sinirate birenze urugero+, narahawe ihwa mu mubiri+, umumarayika wa Shetani, ngo agume ankubita, kugira sinirate birenze urugero.  Ku bw’ivyo, naringinze Umukama gatatu+ ngo rimvemwo;  yamara vy’ukuri yambwiye ati: “Ubuntu ata wari abukwiriye bwanje burahagije+ kuri wewe; kuko ububasha bwanje buriko butunganirizwa mu bugoyagoye+.” Nzopfuma rero nirata mpimbawe rwose ku bijanye n’ubugoyagoye bwanje+, ngo ububasha bwa Kristu bugume kuri jewe nk’ihema. 10  Ndahimbarirwa rero ubugoyagoye, ibitutsi, ibihe vy’umukeno, uruhamo n’ingorane, ku bwa Kristu. Kuko iyo ngoyagoya ari ho ngira ububasha+. 11  Ncitse imburabwenge. Ni mwe mwangobereye+ kumera gutyo, kuko nabwirizwa kuba narashimagijwe namwe. Kuko ntabonetse ko ndi munsi y’izo ntumwa zanyu z’agahebuza+ mu kintu na kimwe, naho ata co ndi+. 12  Mu vy’ukuri, ibimenyetso biranga intumwa+ vyarerekanywe muri mwebwe biciye ku kwihangana kwose+, be no ku bimenyetso n’ibitangaza be n’ibikorwa vy’ububasha+. 13  Kuko, ni igiki mwarushijwe n’ayandi mashengero, uretse ko jewe ntababereye umuzigo+? Ndabinginze mumbabarire ico kibi. 14  Raba! Iri ni irigira gatatu+ niteguriye kuza iwanyu, yamara sinzobabera umuzigo. Kuko ntariko ndondera ivyo mutunze+, ahubwo ndondera mwebwe; kuko abana+ atari bo babwirizwa kuziganiriza abavyeyi babo, ahubwo abavyeyi ni bo baziganiriza abana babo+. 15  Nayo jewe nzotanga ivyo mfise vyose mpimbawe rwose nongere nitange wese ku bwanyu+. Nimba ndabakunda birushirije, ni jewe nokundwa buhoro? 16  Mugabo uko biri kwose, sinababereye umuzigo+. Yamara rero, muvuga ko nari “umunyarwenge” be n’uko nabifatiye “ku mayeri+.” 17  Nayo ku vyerekeye uwo ari we wese mu bo natumye kuri mwebwe, mbega nararondeye kubungukirako biciye kuri we? 18  Nahimirije Tito, ndamurungikana n’urya mwene wacu. None Tito yararondeye kubungukirako+? Mbega ntitwagendeye mu gatima kamwe+? Ntitwagendeye mu makanda amwe? 19  Mbega mumaze ico gihe cose mwiyumvira yuko turiko twiregura kuri mwebwe? Turiko tuvugira imbere y’Imana ku bijanye na Kristu. Mugabo ga bakundwa, vyose tubigira ku bw’ukwubakwa kwanyu+. 20  Kuko ntinya yuko ninashika+ nzohava nsanga mutameze nk’uko nipfuza, nanje nkababera nk’uko mutipfuza, ahubwo riho hagahava haba ugushihana, ishari+, ugushavura, amahane, ukwambikana ibara, ukuvuga ubwongoshwe, ukwivyimvya, imivurungano+. 21  Kumbure ninagaruka, Imana yanje izohava intetereza muri mwebwe, nanje ngahava ngandarira benshi mu bari baracumuye+ mugabo batigaye ubuhumane bwabo n’ubusambanyi+ be n’ubushirasoni*+ bagize.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.