2 Abakorinto 10:1-18
10 Jewe Paulo rero ndabinginga biciye ku bwitonzi+ n’ubuntu+ bwa Kristu, naho mboneka ko nciye bugufi+ muri mwebwe, ariko iyo ntahari nkabatinyuka+.
2 Ndabinginga koko, ngo igihe nzoba ndahari sinze nkoreshe ubutinyutsi hamwe na kwa gushira amazinda nizigiye gukoresha mu gufatira ingingo za ruhasha+ bamwebamwe batubona nk’aho tugenda twisunga ico turi mu mubiri.
3 Kuko naho tugenda mu mubiri+, ntiturwana intambara twisunga ico turi mu mubiri+.
4 Kuko ibirwanisho vy’intambara yacu atari ivy’umubiri+, mugabo bigirwa ivy’ububasha n’Imana+ kugira dutembagaze ibintu bihamangiye.
5 Kuko dutembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihagurukirijwe kurwanya ubumenyi bw’Imana+; kandi iciyumviro cose turakigira imbohe kugira kigamburukire Kristu;
6 kandi turiteguriye guhana ubugambarazi bwose+, ubugamburutsi bwanyu nibwamara gushitswa rwose+.
7 Mwebwe muraba ibintu mwisunze ukuntu biboneka inyuma+. Nimba hari uwiyumvamwo ko yegukira Kristu, niyongere arimbure iki kintu ubwiwe: yuko, nk’uko yegukira Kristu, na twebwe ari ukwo nyene+.
8 Kuko naho nokwirata+ kanini ku vyerekeye ububasha Umukama yaduhaye bwo kububaka atari ubwo kubasambura+, sinoteterwa,
9 ngo sinse n’uwushaka kubatera ubwoba biciye ku makete yanje.
10 Kuko bavuga ngo: “Amakete yiwe araremereye kandi ari n’ubukomezi, mugabo iyo ari* ng’aha ubwiwe aboneka ko ari goyigoyi+, n’imvugo yiwe ikaba iyigayitse+.”
11 Umuntu mwene uyo narimbure ibi: yuko ico turi mw’ijambo tuvuga biciye mu makete iyo tutahari, ari na co tuzoba mu bikorwa nitwaba ari ho turi+.
12 Kuko tutubahuka kwishira muri bamwebamwe canke ngo twigereranye na bamwebamwe bishimagiza+. Abo mu vy’ukuri, mu kwipima kuri bo nyene ubwabo no mu kwigereranya na bo nyene ubwabo, nta bwenge bagira+.
13 Nayo twebwe tuzokwirata, atari inyuma y’imbibe twashingiwe+, ahubwo twisunze urubibe rw’icibare Imana yadukebeye ku rugero, ikagishikana n’iwanyu+.
14 Mu vy’ukuri, ntituriko turirehūra birenze nk’aho twoba tutashitse iwanyu, kuko twabaye aba mbere mu gushika n’iwanyu tumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu+.
15 Oya, ntituriko twirata inyuma y’imbibe twashingiwe, ngo twirate mu kuya uwundi muntu yabize+, ahubwo turafise icizigiro c’uko tuzogirwa abahambaye muri mwebwe ku bijanye n’icibare cacu+, kuko ukwizera kwanyu kuriko kuragwizwa+. Ni ho tuzorushiriza kugwira,
16 ngo tumenyeshe inkuru nziza ibihugu vyo hirya yanyu+, kugira ngo ntitwirate mu cibare c’uwundi aho ibintu bimaze gutegurwa.
17 “Mugabo uwirata, niyirate muri Yehova+.”
18 Kuko uwishimagiza atari we ashimwa+, ahubwo hashimwa uwo Yehova+ ashimagiza+.
Amakuru yiyongereye
^ Mu kigiriki ni “parusiya” (pa·rou·siʹa). Raba Inyongera ya 4.