Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Yohani 5:1-21

5  Umuntu wese yemera yuko Yezu ari we Kristu, yavutse ku Mana+, kandi umuntu wese akunda uwatumye ivuka rishoboka arakunda uwavutse kuri uyo+.  Iki ni co tumenyerako yuko dukunda+ abana b’Imana+: ni igihe dukunda Imana kandi tugakurikiza amabwirizwa yayo+.  Kuko iki ari co ugukunda+ Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo+; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo+,  kuko ikintu cose cavutse+ ku Mana gitsinda isi+. Kandi iyi ni yo ntsinzi+ yatsinze+ isi: ni ukwizera kwacu+.  Ni nde atsinda+ isi+ atari uwizera+ yuko Yezu ari we Mwana w’Imana+?  Uyo ni we yaje biciye ku mazi n’amaraso, Yezu Kristu; si ku mazi+ gusa, mugabo ni ku mazi no ku maraso+. Kandi impwemu+ ni yo ishinga intahe, kuko impwemu ari yo kuri.  Kuko hari ibintu bitatu bishinga intahe:  impwemu+ n’amazi+ n’amaraso+, kandi ivyo bitatu birahuza+.  Nimba twakira intahe abantu bashinga+, intahe Imana ishinga irahambaye kuruta, kuko iyi ari yo ntahe Imana ishinga: ukuba yashinze intahe+ ku vyerekeye Umwana wayo. 10  Umuntu yizera Umwana w’Imana arashingirwa intahe+. Umuntu atizera Imana aba ayigize umubeshi+, kuko atizeye intahe yashinzwe+, iyo Imana bwa cabona+ yashinze ku vyerekeye Umwana wayo. 11  Kandi iyi ni yo ntahe yashinzwe: ni uko Imana yaduhaye ubuzima budahera+, kandi ubwo buzima buri mu Mwana wayo+. 12  Uwufise Umwana arafise ubwo buzima; uwudafise Umwana w’Imana ntafise ubwo buzima+. 13  Ndabandikiye ivyo bintu kugira ngo mumenye yuko mufise ubuzima budahera+, mwebwe abizeye izina ry’Umwana w’Imana+. 14  Kandi uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo+: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva+. 15  Vyongeye, nimba tuzi yuko itwumva ku bijanye n’ico dusaba cose+, turazi ko turonka ibintu twasavye kuko ari yo twabisavye+. 16  Umuntu niyabona mwene wabo ariko aracumura igicumuro kitazana urupfu+, aze amusabire, na yo izomuha ubuzima+, egome, ku badacumura ku buryo bizana urupfu+. Hariho igicumuro kizana urupfu koko. Ku vyerekeye ico gicumuro ni ho ntamubwira gusaba+. 17  Ukutagororoka kwose ni igicumuro+; yamara hariho igicumuro kitazana urupfu. 18  Turazi yuko umuntu wese yavutse ku Mana+ ataza aracumura, mugabo Umwe+ yavuka ku Mana aramurinda, kandi wa mubisha ntamwifatira+. 19  Turazi ko dukomoka ku Mana+, mugabo isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha+. 20  Mugabo turazi yuko Umwana w’Imana yaje+, kandi yaraduhaye ubushobozi bwo gutegera+ kugira ngo tumenye imwe y’ukuri+. Kandi twunze ubumwe+ n’imwe y’ukuri, biciye ku Mwana wayo Yezu Kristu. Iyo ni yo Mana y’ukuri+ n’ubuzima budahera+. 21  Bana bato, mwirinde ibigirwamana+.

Amakuru yiyongereye