Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Yohani 3:1-24

3  Raba urukundo+ Data yaduhaye urwo ari rwo, ku buryo twitwa abana b’Imana+; kandi ni ko turi. Ni co gituma isi+ itatuzi, kuko itamumenye+.  Bakundwa, ubu turi abana b’Imana+, mugabo ubu ico tuzoba ntikirerekanwa+. Ico tuzi ni uko aho azokwerekanirwa+ hose tuzomera nka we+, kuko tuzomubona nk’uko ari+.  Kandi umuntu wese afise ico cizigiro gishimikiye kuri we, arityorora+ nk’uko urya na we atyoroye+.  Umuntu wese agendera mu gicumuro+ aba kandi ariko agendera mu bugarariji+, kandi rero igicumuro+ ni ubugarariji.  Murazi kandi yuko urya yerekanywe kugira ngo akureho ibicumuro vyacu+, kandi nta gicumuro+ kiri muri we.  Umuntu wese aguma yunze ubumwe+ na we ntaza aracumura+; nta wuza aracumura n’umwe yamubonye canke yamumenye+.  Bana bato, ntihagire n’umwe abazimiza; uwushishikara ubugororotsi ni umugororotsi, nk’uko urya na we ari umugororotsi+.  Uwushishikara igicumuro akomoka kuri Shetani*, kuko uwo Shetani yamye acumura guhera mu ntango+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana yerekanwa+: ni ukugira ngo asambure ibikorwa vya Shetani+.  Umuntu wese yavutse ku Mana ntashishikara igicumuro+, kuko urubuto rurondoka rwayo ruguma muri mwene uyo, kandi ntashobora kuza aracumura, kuko yavutse ku Mana+. 10  Abana b’Imana be n’abana ba Shetani babonekera kuri iki kintu: Umuntu wese adashishikara ubugororotsi+ ntakomoka ku Mana, eka n’uwudakunda mwene wabo ni ukwo+. 11  Kuko ubu ari bwo butumwa mwumvise guhera mu ntango+: yuko dukwiye gukundana+; 12  atari nka Kayini, uwakomoka kuri wa mubisha akica+ mwene wabo. Kandi yamwishe kubera iki? Kubera ko ibikorwa vyiwe vyari bibi+, mugabo ivya mwene wabo bikaba vyari bigororotse+. 13  Ntimutangazwe, bene wacu, n’uko isi ibanka+. 14  Turazi ko twavuye mu rupfu tukaja mu buzima+, kuko dukunda bene wacu+. Uwudakunda mwene wabo, aguma mu rupfu+. 15  Umuntu wese yanka+ mwene wabo ni umwicanyi+, kandi murazi yuko ata mwicanyi+ afise ubuzima budahera buguma muri we+. 16  Iki ni co twamenyeyeko urukundo+, kuko urya yatwiguze+; natwe tubwirizwa kwigura bene wacu+. 17  Mugabo uwo wese afise uburyo bwo kwibeshaho bwo muri iyi si+ akabona mwene wabo ari mu mukeno+ yamara akamwugarirako impuhwe ziwe z’ikibabarwe+, mbega urukundo rw’Imana ruguma muri we gute+? 18  Bana bato, dukundane+, atari mu majambo canke ku karimi+, ahubwo mu bikorwa+ no mu kuri+. 19  Ico ni co tuzomenyerako yuko dukomoka ku kuri+, kandi tuzokura amazinda imitima yacu imbere yayo 20  ku kintu cose imitima yacu yodutsindishamwo+, kuko Imana iruta imitima yacu ikaba kandi izi ibintu vyose+. 21  Bakundwa, nimba imitima yacu itadutsindisha, turafise umwidegemvyo wo kuvuga imbere y’Imana+; 22  kandi ikintu cose dusaba irakiduha+, kuko twubahiriza amabwirizwa yayo kandi tugakora ibintu bihimbaye mu maso yayo+. 23  Egome, iri ni ryo bwirizwa ryayo: ni uko twizera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu+ kandi tugakundana+, nk’uko yabidutegetse. 24  Vyongeye, uwubahiriza amabwirizwa yayo aguma yunze ubumwe na yo, na yo ikaguma yunze ubumwe n’uyo+; kandi ico ni co tumenyerako yuko iguma yunze ubumwe natwe+, bivuye ku mpwemu+ yaduhaye.

Amakuru yiyongereye

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.