1 Timoteyo 5:1-25
5 Ntukarire umugabo ahumuye+. Ahubwo umwinginge nka so, abagabo bakiri bato nka bene wanyu,
2 abagore bahumuye+ nka ba nyoko, abagore bakiri bato na bo nka bashikawe+, mu kutandura kwose.
3 Utere iteka abapfakazi b’abapfakazi vy’ukuri+.
4 Mugabo nimba hari umupfakazi afise abana canke abuzukuru, abo nibabanze bige gushira mu ngiro ukwihebera Imana mu rugo iwabo bwite+ no kuguma bishura abavyeyi babo+ na ba sekuru na ba inakuru inshumbusho ibakwiriye, kuko ivyo vyemerwa imbere y’Imana+.
5 Umugore rero w’umupfakazi vy’ukuri kandi asigaye ari ntahonikora+, arizigira Imana+ kandi agakovya mu gutakamba no mu gusenga ijoro n’umurango+.
6 Mugabo uwihebera ukuryoherwa kw’umubiri+ aba yarapfuye+ naho ari muzima.
7 Ugume utanga rero ayo mategeko+, kugira ngo babe abatagira ico banegurwa+.
8 Nkako, nimba umuntu ataronsa abiwe ivyo bakeneye+, na canecane abo mu rugo rwiwe+, aba yihakanye+ ukwizera+ kandi aba abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera.
9 Hashirwe ku rutonde umupfakazi afise imyaka itari munsi ya mirongo itandatu, umugore w’umugabo umwe+,
10 ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiza+, nimba yararera abana+, nimba yarakira abashitsi+, nimba yaroza ibirenge vy’aberanda+, nimba yaratabara abari mu makuba+, nimba yarakurikirana igikorwa ciza cose ashirutse ubute+.
11 Ariko wamirire kure abapfakazi bakiri bato, kuko iyo inambu zabo z’umubiri zigiye hagati yabo na Kristu+, baca bashaka kwubaka,
12 bakikwegera urubanza kuko bakengereye ukwizera kwabo kwa mbere+.
13 Ico gihe nyene bariga kandi kutagira ico bakora, bayerera mu mihana; emwe, si ukuba gusa abatagira ico bakora, mugabo ni n’abanyarusaku n’abita mu vy’abandi+, bakaganira ivyo batari bakwiye kuganira.
14 Nshaka rero ko abapfakazi bakiri bato bubaka+, bakavyara abana+, bakabungabunga urugo, ntibahe uwuturwanya akaryo ko kudutuka+.
15 Nkako, bamwe baramaze gukevya bakurikira Shetani.
16 Nimba hari umugore yemera afise incuti z’abapfakazi, nabafashe+, ishengero ntiryikorere uwo muzigo. Maze rizoshobora gutabara abari abapfakazi vy’ukuri+.
17 Abagabo b’inararibonye bahagarikira+ neza nibabonwe ko babereye iteka ririmwo abiri+, canecane abakora cane mu kuvuga no mu kwigisha+.
18 Kuko icanditswe kivuga giti: “Ntukarumye umunwa w’ishūri iyo ikubita ibinyantete+”; kandi giti: “Umukozi arabereye impembo yiwe+.”
19 Ntiwemere ikirego kiregwa umugabo ahumuye, kiretse gusa ku kimenyamenya c’ivyabona bibiri canke bitatu+.
20 Ukangire+ mu maso ya bose abantu baza baracumura+, kugira ngo abandi na bo batinye+.
21 Ndagutegetse nshimitse imbere y’Imana na Kristu Yezu+ n’abamarayika batowe ngo ugumye ivyo bintu ata guca urubanza imbere y’igihe, ata co ukoreshwa no kugira aho uhengamiye+.
22 Ntukarambike ibiganza+ gihutihuti ku muntu n’umwe+; eka kandi ntugafatanye n’abandi mu bicumuro vyabo+; ugume utanduye+.
23 Ntiwongere kunywa amazi, mugabo uze uranywa akavinyu gakeyi+ ku bw’umushishito wawe n’ukurwaragurika kwawe.
24 Ibicumuro vy’abantu bamwe biribonekeza icese+, bigashikana ubwo nyene ku rubanza, abandi na bo ibicumuro vyabo na vyo nyene biribonekeza mu nyuma+.
25 Ibikorwa vyiza na vyo nyene biribonekeza icese+, kandi n’ibimeze ukundi ntibishobora kuguma binyegejwe+.