1 Timoteyo 4:1-16
4 Ariko ijambo ryahumetswe rivuga ritomora yuko mu bihe bizoza+ bamwe bazota+ ukwizera, bagakurikira amajambo y’amahumekano azimiza+ be n’inyigisho z’amadayimoni*+,
2 bivuye ku bwiyorobetsi bw’abantu bavuga ibinyoma+, mw’ijwi ryabo ryo mu mutima+ bakaba bameze nk’abokeshejwe icuma kirungurije;
3 bakabuza ukwabirana+, bagategeka kwirinda ibifungurwa+ Imana yaremye+ ngo abafise ukwizera+ kandi bazi neza ukuri babifungurane ugukenguruka.
4 Nakare, ikintu cose Imana yaremye ni ciza+, kandi nta co gutabwa+ iyo cakiranywe ugukenguruka+,
5 kuko cezwa biciye kw’ijambo ry’Imana be n’isengesho.
6 Niwaha izi mpanuro bene wacu uzoba uri umusuku mwiza wa Kristu Yezu, yagaburiwe amajambo y’ukwizera be n’inyigisho nziza+ wakurikiraniye hafi+.
7 Mugabo wamirire kure za nkuru z’ikinyoma+ zisiga iceyi ibintu vyeranda zivugwa n’abatamakazi. Ariko wimenyereze, ukwihebera Imana kube yo ntumbero yawe+.
8 Kuko kumenyereza umubiri bigira akamaro kuri bike; mugabo ukwihebera Imana+ kugira akamaro kuri vyinshi+, kuko gutekeye umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza+.
9 Iryo jambo ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose+.
10 Kuko ico ari co dukorera cane kandi tukihatira+, kubera ko twashingiye icizigiro+ cacu ku Mana nzima, yo Mukiza+ w’abantu b’uburyo bwose+, canecane w’abizigirwa+.
11 Guma utanga aya mategeko+ wongera uyigisha+.
12 Ntihagire umuntu n’umwe yigera agaya ubuto bwawe+. Ahubwo, nubere akarorero+ abizigirwa+ mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura+.
13 Mu gihe ntaraza, ubandanye kwijukira ugusomera+ imbere y’abantu+, uguhimiriza, ukwigisha.
14 Ntufate minenegwe ingabirano+ iri muri wewe, iyo wahawe biciye ku vyavuzwe imbere y’igihe+ be n’igihe inama y’abagabo b’inararibonye yakurambikako ibiganza+.
15 Uzirikane ivyo bintu+; nubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe+ ryibonekeze ku bantu bose.
16 Wame wiyubara ubwawe+ no ku nyigisho yawe+. Ivyo ubigumemwo, kuko niwakora ivyo uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Inyongera ya 21.