1 Timoteyo 3:1-16

3  Iri jambo ni iryizigirwa+. Nimba umuntu arondera gushikira ibanga ry’umucungezi+, aba yipfuje igikorwa ciza.  Umucungezi akwiye rero kuba ata co anegurwa+, ari umugabo w’umugore umwe, atarenza urugero+ mu ngeso, aroranye mu muzirikanyi+, umunyarutonde+, umwakiranyi+, ashoboye kwigisha+,  atari umunyamatati w’imborerwa+, atari uwukubitana+, ahubwo abe uwugira ibitegereka+, atari uwukunda kurwana+, atari inkunzi y’amahera+,  abe ari umuntu ahagarikira neza urugo rwiwe bwite+, afise abana bayoboka ata gufyina namba+;  (nimba koko umuntu atazi guhagarikira urugo rwiwe bwite, azobungabunga gute ishengero ry’Imana?)  ntabe umuntu yizeye vuba+, kugira ngo ntahave yivyimvya+ akagwa mu rubanza rwaciriwe Shetani*+.  Vyongeye, akwiye kandi kuba ashingirwa intahe nziza n’abantu bo hanze+, kugira ntagwe mu ceyi no mu mutego+ wa Shetani.  Abakozi b’ishengero*+ na bo nyene bakwiye kuba abadafyina, badafise indimi zibiri, badatwarwa umutima n’umuvinyu mwinshi, batanohokera inyungu mbi+,  bagumya ibanga ryeranda+ ry’ukwizera bari n’ijwi ryo mu mutima ridahumanye+. 10  Vyongeye, abo nibabanze kugezwa+ kugira ngo birabwe ko bakwiriye, babone gukora nk’abasuku, kuko ata co baregwa+. 11  Abagore na bo nyene bakwiye kuba abadafyina, ntibabe abambika ibara abandi+, babe batarenza urugero mu ngeso+, bizigirwa muri vyose+. 12  Umukozi w’ishengero abe umugabo w’umugore umwe+, ahagarikira neza abana biwe n’urugo rwiwe bwite+. 13  Kuko abakora neza bironsa impagararo nziza+ n’umwidegemvyo wo kuvuga+ mwinshi mu kwizera mu bijanye na Kristu Yezu. 14  Ndakwandikiye ivyo bintu, naho nizigiye kuza iwawe vuba+, 15  kugira ngo, hamwe noteba, umenye ingene ubwirizwa kwigenza mu rugo rw’Imana+, ari rwo shengero rya ya Mana nzima, rukaba inkingi n’urwego bishigikiye+ ukuri. 16  Egome, ibanga ryeranda+ ry’ukwo kwihebera Imana nta wobura kwemera ko rikomeye: ‘Yerekanywe mu mubiri+, yitwa umugororotsi mu mpwemu+, abonekera abamarayika+, yamamazwa mu mahanga+, yemerwa mw’isi+, yakirwa mw’ijuru mu buninahazwa+.’

Utujambo tw'epfo

Dufatiye ku kigiriki ni “Diyabolosi,” bisobanura ngo “Umubesheranyi.” Raba kandi Inyongera ya 21.
Raba Inyongera ya 21.