Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Timoteyo 2:1-15

2  Imbere ya vyose, ndahimiriza bose rero ngo intakambo, amasengesho+, ugusabira abandi, ugukenguruka, bigirwe ku vyerekeye abantu b’uburyo bwose+,  ku vyerekeye abami+ n’abo bose bari mu kibanza co hejuru+; kugira ngo tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi buri mu mahoro, turi n’ukwihebera Imana gukwiye kandi tudafyina+.  Ivyo ni vyiza kandi biremerwa+ imbere y’Umukiza wacu, Imana+,  umwe agomba ko abantu b’uburyo bwose+ bakizwa+ bagashika ku bumenyi butagira amakosa+ bwerekeye ukuri+.  Kuko hari Imana imwe+, n’umuhuza umwe+ hagati y’Imana+ n’abantu+, akaba ari umuntu, ni we Kristu Yezu+,  uwitanze ngo abe incungu* y’indinganire ku bwa bose+... ivyo ni vyo bikwiye gushingirwa intahe ku bihe vyavyo nyene.  Ku bw’iyo ntahe+ ni ho nagenywe kuba umwamamaji n’intumwa+—ndiko mvuga ukuri+, sindiko ndabesha—umwigisha w’amahanga+ mu bijanye n’ukwizera+ be n’ukuri.  Ndashaka rero yuko ahantu hose abagabo bashishikara gusenga, bataritse amaboko adahemuka+, ata burake+ n’impari+.  Vyongeye, ndashaka ko abagore bishariza mu nyambaro itunganije neza, mu rupfasoni+ no mu kurorana kw’umuzirikanyi, atari mu gushazisha imideri yo gutsiba imishatsi, n’inzahabu canke imaragarita canke impuzu zizimvye cane+, 10  ahubwo bibe mu buryo buberanye n’abagore bavuga ko batinya Imana+, ni ukuvuga mu bikorwa vyiza+. 11  Umugore niyige acereje mu kuyoboka gukwiye+. 12  Sindekurira umugore kwigisha+, canke kugira ubukuru ku mugabo+, ahubwo nacereze. 13  Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva+. 14  Vyongeye, Adamu ntiyahenzwe+, mugabo umugore yarahenzwe rwose+, ararenga itegeko+. 15  Ariko azozigamwa biciye ku kwibaruka+, bapfe gusa kuguma mu kwizera no mu rukundo no mu kwezwa hamwe n’ukurorana kw’umuzirikanyi+.

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.