1 Timoteyo 1:1-20
1 Jewe Paulo, intumwa+ ya Kristu Yezu kw’itegeko ry’Imana+ Umukiza wacu+ n’irya Kristu Yezu, we cizigiro cacu+,
2 ndakwandikiye wewe Timoteyo+, umwana wanje+ nyakuri mu kwizera:
Habe ubuntu ata wari abukwiriye, imbabazi, amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.
3 Nk’uko nakuremesheje kuguma i Efeso igihe nagira nje i Makedoniya+, n’ubu ni ko ngize, ngo utegeke+ bamwebamwe kutigisha izindi nyigisho+,
4 no kutumviriza inkuru z’ikinyoma+ be n’ivy’amamuko, ata co bivamwo+, mugabo bigatanga ibibazo vyo kugirira ubushakashatsi aho kuvamwo itangwa ry’ikintu cose kiva ku Mana mu bijanye n’ukwizera.
5 Mu vy’ukuri intumbero y’iryo bwirizwa ni urukundo+ ruva ku mutima udahumanye+ no kw’ijwi ryo mu mutima ryiza+ be no ku kwizera kutagira ubwiyorobetsi+.
6 Bamwebamwe bataye ivyo bintu barakevya+ baja ku biyago bitagira mvura+,
7 bagashaka kuba abigisha+ b’itegeko+, mugabo badatahura ivyo bavuga canke ivyo bemeza bashimitse.
8 Turazi rero yuko Itegeko ari ryiza+, iyo umuntu arikoresheje ku mategeko+
9 azi iki kintu: yuko itegeko ridashirirwaho umuntu w’umugororotsi, ahubwo ko rishirirwaho abantu b’abagarariji+ kandi b’ibigaba+, abatibanga Imana n’abacumuzi, badafise ubuntu bwuzuye urukundo+, batubaha ibintu vyeranda, abica ba se na ba nyina, n’abica abandi bantu,
10 abasambanyi+, abagabo baryamana n’ab’igitsina-gabo, abanyuruji, ababeshi, abarahira indahiro z’ikinyoma+, n’ibindi bintu vyose birwanya+ ya nyigisho ngirakamaro*+
11 nk’uko inkuru nziza y’ubuninahazwa ya ya Mana ihimbawe+ iri, iyo najejwe+.
12 Ndashimira Kristu Yezu Umukama wacu, uwampaye ububasha, kuko yamfashe nk’umwizigirwa+ mu kunshinga ubusuku+,
13 naho kera nari umurogosi, uwuhamana+, nkaba n’umuntu atisonera+. Yamara rero, naragiriwe imbabazi+, kuko nari mu kutamenya+ kandi ngakorana ukutizera.
14 Mugabo ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu bwaragwiriye cane+ hamwe n’ukwizera n’urukundo rujanye na Kristu Yezu+.
15 Ijambo+ ry’uko Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi+ ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose. Muri abo jewe ndi agahebuza+.
16 Yamara rero, icatumye ngirirwa imbabazi+ kwari ukugira ngo, biciye kuri jewe gahebuza, Kristu Yezu yerekane ukwiyumanganya kwiwe kwose bwa karorero k’abazoshingira ukwizera kwabo+ kuri we kugira baronke ubuzima budahera+.
17 Wa Mwami w’ibihe bidahera+ rero, umwe atabora+, ataboneka+, we Mana yonyene+, iteka n’ubuninahazwa bibe ivyiwe ibihe bitazoshira+. Amen.
18 Iryo bwirizwa+ ndarikujeje, mwananje Timoteyo, nk’uko ivyavuzwe imbere y’igihe+ vyari vyerekeje kuri wewe bidakikiriza, kugira ngo bigufashe kubandanya urwana intambara nziza+;
19 ukagumana ukwizera n’ijwi ryo mu mutima ryiza+, iryo bamwe bashibuye+ bagashikirwa n’ugusāba nk’imeri mu bijanye n’ukwizera kwabo+.
20 Himenayo+ na Alegizandere+ bari muri abo, kandi abo narabahereje Shetani+ kugira ngo bigishwe kutarogota biciye ku gutozwa indero+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke, “ntungamagara.”