1 Timoteyo 1:1-20

1  Jewe Paulo, intumwa+ ya Kristu Yezu kw’itegeko ry’Imana+ Umukiza wacu+ n’irya Kristu Yezu, we cizigiro cacu+,  ndakwandikiye wewe Timoteyo+, umwana wanje+ nyakuri mu kwizera: Habe ubuntu ata wari abukwiriye, imbabazi, amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu+.  Nk’uko nakuremesheje kuguma i Efeso igihe nagira nje i Makedoniya+, n’ubu ni ko ngize, ngo utegeke+ bamwebamwe kutigisha izindi nyigisho+,  no kutumviriza inkuru z’ikinyoma+ be n’ivy’amamuko, ata co bivamwo+, mugabo bigatanga ibibazo vyo kugirira ubushakashatsi aho kuvamwo itangwa ry’ikintu cose kiva ku Mana mu bijanye n’ukwizera.  Mu vy’ukuri intumbero y’iryo bwirizwa ni urukundo+ ruva ku mutima udahumanye+ no kw’ijwi ryo mu mutima ryiza+ be no ku kwizera kutagira ubwiyorobetsi+.  Bamwebamwe bataye ivyo bintu barakevya+ baja ku biyago bitagira mvura+,  bagashaka kuba abigisha+ b’itegeko+, mugabo badatahura ivyo bavuga canke ivyo bemeza bashimitse.  Turazi rero yuko Itegeko ari ryiza+, iyo umuntu arikoresheje ku mategeko+  azi iki kintu: yuko itegeko ridashirirwaho umuntu w’umugororotsi, ahubwo ko rishirirwaho abantu b’abagarariji+ kandi b’ibigaba+, abatibanga Imana n’abacumuzi, badafise ubuntu bwuzuye urukundo+, batubaha ibintu vyeranda, abica ba se na ba nyina, n’abica abandi bantu, 10  abasambanyi+, abagabo baryamana n’ab’igitsina-gabo, abanyuruji, ababeshi, abarahira indahiro z’ikinyoma+, n’ibindi bintu vyose birwanya+ ya nyigisho ngirakamaro*+ 11  nk’uko inkuru nziza y’ubuninahazwa ya ya Mana ihimbawe+ iri, iyo najejwe+. 12  Ndashimira Kristu Yezu Umukama wacu, uwampaye ububasha, kuko yamfashe nk’umwizigirwa+ mu kunshinga ubusuku+, 13  naho kera nari umurogosi, uwuhamana+, nkaba n’umuntu atisonera+. Yamara rero, naragiriwe imbabazi+, kuko nari mu kutamenya+ kandi ngakorana ukutizera. 14  Mugabo ubuntu ata wari abukwiriye bw’Umukama wacu bwaragwiriye cane+ hamwe n’ukwizera n’urukundo rujanye na Kristu Yezu+. 15  Ijambo+ ry’uko Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi+ ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose. Muri abo jewe ndi agahebuza+. 16  Yamara rero, icatumye ngirirwa imbabazi+ kwari ukugira ngo, biciye kuri jewe gahebuza, Kristu Yezu yerekane ukwiyumanganya kwiwe kwose bwa karorero k’abazoshingira ukwizera kwabo+ kuri we kugira baronke ubuzima budahera+. 17  Wa Mwami w’ibihe bidahera+ rero, umwe atabora+, ataboneka+, we Mana yonyene+, iteka n’ubuninahazwa bibe ivyiwe ibihe bitazoshira+. Amen. 18  Iryo bwirizwa+ ndarikujeje, mwananje Timoteyo, nk’uko ivyavuzwe imbere y’igihe+ vyari vyerekeje kuri wewe bidakikiriza, kugira ngo bigufashe kubandanya urwana intambara nziza+; 19  ukagumana ukwizera n’ijwi ryo mu mutima ryiza+, iryo bamwe bashibuye+ bagashikirwa n’ugusāba nk’imeri mu bijanye n’ukwizera kwabo+. 20  Himenayo+ na Alegizandere+ bari muri abo, kandi abo narabahereje Shetani+ kugira ngo bigishwe kutarogota biciye ku gutozwa indero+.

Utujambo tw'epfo

Canke, “ntungamagara.”