Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 9:1-27

9  Kandi hari umugabo wo muri Benyamini, akaba yitwa Kishi+, mwene Abiyeli, Abiyeli wa Zerori, Zerori wa Bekorati, Bekorati wa Afiya, Umubenyamini+, umugabo akomeye w’umutunzi+.  Yari afise umuhungu yitwa Sauli+, w’umukangara kandi mwiza; nta muntu n’umwe muri bene Isirayeli yamurusha ubwiza; kuva ku bitugu vyiwe kuduga yari muremure kuruta abantu bose+.  Nuko indogobwa z’ingore+ za Kishi se wa Sauli ziratakara. Kishi abwira rero Sauli umuhungu wiwe ati: “Ndakwinginze utore umwe mu basuku hanyuma uhaguruke, uje kurondera izo ndogobwa z’ingore.”  Nuko aca mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, hanyuma aca mu gihugu ca Shalisha+, mugabo ntibazitora. Maze baca mu gihugu ca Shayalimu, ariko si ho zari. Hanyuma aca mu gihugu c’Ababenyamini, mugabo ntibazitora.  Bashika mu gihugu ca Zufi; nuko Sauli abwira umusuku wiwe yari kumwe na we ati: “Ingo dusubire inyuma, kugira ngo dawe ntahave areka kwiyumvira nya ndogobwa, agahagarika umutima koko ku bitwerekeye+.”  Mugabo amubwira ati: “Ndakwinginze wumvirize! Hariho umuntu w’Imana+ muri iki gisagara, kandi uwo muntu arubahwa. Ivyo avuga vyose biraranguka ata kabuza+. Ingo tujeyo ubu. Hari aho yotubwira inzira dutegerezwa kujana.”  Sauli aca abwira nya musuku wiwe ati: “None hamwe twogenda, uwo muntu twomushira iki+? Kuko umukate wazimanganye mu vyo dutekeramwo, kandi nta kintu na kimwe kihari co gushira uwo muntu w’Imana y’ukuri bwa ngabirano+. None dufise iki?”  Nya musuku yongera rero kwishura Sauli, avuga ati: “Ehe mu kuboko kwanje hari ica kane ca shekeli+ y’ifeza; ndagiha ata kabuza uwo muntu w’Imana y’ukuri, na we ntabura kutubwira inzira yacu.”  (Kera muri Isirayeli uku ni ko umuntu yavuga agiye kurondera Imana: “Nimuze tuje kwa rubonyi+.” Kuko umuhanuzi wo muri iki gihe kera yitwa rubonyi.) 10  Maze Sauli abwira umusuku wiwe ati: “Ijambo ryawe ni ryiza+. Ingo tugende.” Nuko baja mu gisagara aho nya muntu w’Imana y’ukuri yari. 11  Bariko baraduga umudugo uja mu gisagara, bahura n’abakobwa bari basohotse kuvoma amazi+. Bababwira rero bati: “Rubonyi+ yoba ari aha hantu?” 12  Na bo barabishura, bati: “Ni ho ari. Ehe, ari imbere yawe. Nunyaruke rero, kuko uyu musi yaje mu gisagara, kubera ko uno musi hari ikimazi+ ku bw’abantu mu kibanza gikirurutse*+. 13  Mukimara kwinjira mu gisagara, muca mumubona, imbere y’uko aduga mu kibanza gikirurutse kurya; kuko abantu badashobora kurya atarashika, kubera ko ari we ahezagira nya kimazi+. Inyuma y’ivyo ni ho gusa abatumiwe bashobora kurya. Ubu rero nimuduge, kuko we muca mumubona buno nyene.” 14  Nuko baduga mu gisagara. Bashitse hagati mu gisagara, erega, ehe Samweli yariko araza guhura na bo kugira ngo aduge mu kibanza gikirurutse. 15  Nayo Yehova, ku musi w’imbere y’uko Sauli aza, yari yahishuriye*+ Samweli, ati: 16  “Ejo nk’aya mango nzokurungikira umuntu wo mu gihugu ca Benyamini+; uze umurobanuze amavuta+ abe indongozi y’abantu banje Isirayeli. Ntazobura gukiza abantu banje abakure mu kuboko kw’Abafilisitiya+, kuko nabonye amarushwa y’abantu banje, kubera ko amaborogo yabo yanshikiriye+.” 17  Nuko Samweli abona Sauli, Yehova na we amwishura ati: “Ng’uyo wa muntu nakubwira nti: ‘Uyu ni we azogumiza hamwe abantu banje+.’” 18  Nuko Sauli yegera Samweli hagati mw’irembo maze avuga ati: “Ndakwinginze umbwire: Inzu ya rubonyi iri hehe?” 19  Samweli na we yishura Sauli ati: “Ni jewe rubonyi. Nuduge imbere yanje mu kibanza gikirurutse; muraza gusangira nanje uno musi+, maze nzokurungika mu gitondo, kandi ibiri mu mutima wawe vyose nzobikubwira+. 20  Nayo za ndogobwa z’ingore watakaza mu misi itatu iheze+, ntuzishireko umutima+, kuko zabonetse. None ibintu vyose vy’igikundiro vyo muri Isirayeli ni ivya nde+? Mbega si ivyawe n’ivy’inzu yose ya so?” 21  Sauli aca arishura, ati: “Mbega sindi Umubenyamini wo mu muryango mutoyi+ hanyuma y’iyindi mu miryango ya Isirayeli+? Kandi umuryango wanje si umuryango ata co uvuze kuruta iyindi mu miryango yose igize umuryango wa Benyamini+? Ni kubera iki none umbwiye ikintu nk’ico+?” 22  Samweli aca afata Sauli n’umusuku wiwe, abajana mu vyumba vy’uburiro maze abaha ikibanza ku mutwe+ w’abari batumiwe; bari nk’abagabo mirongo itatu. 23  Mu nyuma, Samweli abwira umutetsi ati: “Tanga wa mugabane naguha, umwe nakubwira nti: ‘Wushire ku ruhande hafi yawe.’” 24  Nya mutetsi aca akurako ukuguru n’ivyari kuri kwo, agushira imbere ya Sauli. Maze avuga ati: “Ng’iki icari cabitswe. Nugishire imbere yawe. Nurye, kuko cabikiwe wewe ku bw’iki gihe cashinzwe, kugira ngo usangire n’abatumiwe.” Nuko uwo musi Sauli asangira na Samweli. 25  Hanyuma bava muri ico kibanza gikirurutse+ bamanuka mu gisagara, maze abandanya kuyagira na Sauli hejuru ku nzu+. 26  Nuko bavyuka kare, maze umutwenzi ukimara gutambika, Samweli ahamagara Sauli ari hejuru ku nzu, avuga ati: “Vyuka nkurungike.” Nuko Sauli aravyuka maze bompi, ni ukuvuga we hamwe na Samweli, barasohoka hanze. 27  Bariko baramanukana ku mubari w’igisagara, Samweli abwira Sauli ati: “Bwira uwo musuku+ arengane imbere yacu”—nuko ararengana—“nayo wewe, hagarara rero kugira ngo ndakwumvishe ijambo ry’Imana.”

Amakuru yiyongereye

Raba Inyongera ya 21.
Ijambo ku rindi ni “yari yapfukuye ugutwi kwa Samweli.”