1 Samweli 8:1-22
8 Samweli amaze gusaza agena+ abahungu biwe ngo babe abacamanza ba Isirayeli.
2 Umuhungu wiwe w’imfura yitwa Yoweli+, umuhungu wiwe agira kabiri na we akitwa Abiya+. Bacira imanza i Beyeri-sheba.
3 Abahungu biwe ntibagendera mu nzira ziwe+, mugabo bari bahengamiye ku kurondera inyungu y’akarenganyo+ kandi baremera igiturire+, bakagoreka urubanza+.
4 Mu nyuma abagabo b’inararibonye ba Isirayeli+ bose bakoranira hamwe, baza kuri Samweli i Rama,
5 bamubwira bati: “Ehe washaje, mugabo abahungu bawe ntibagendeye mu nzira zawe. Ubu rero nutugenere umwami+ wo kuducira imanza, nk’ayandi mahanga yose.”
6 Mugabo ico kintu kiba kibi mu maso ya Samweli, kuko bari bavuze ngo: “Duhe umwami wo kuducira imanza,” nuko Samweli atangura gusenga Yehova+.
7 Maze Yehova abwira Samweli ati+: “Niwumvirize ijwi ry’abo bantu ku vyo bakubwira vyose+; kuko atari wewe banse, mugabo ni jewe banse ngo sindababere umwami+.
8 Nk’uko ibikorwa vyabo vyose biri, ivyo bakoze kuva umusi nabadugana ndabakuye mu Misiri+ gushika uyu musi, mu kuba bagumye banta+ bagakorera izindi mana+, ni ko nawe bariko bakugirira.
9 Ubu rero niwumvirize ijwi ryabo. Ariko ubaburire ushimitse, kandi ntubure kubamenyesha uburenganzira bw’umwami azobaganza+.”
10 Nuko Samweli abwira amajambo yose ya Yehova abantu bariko bamusaba umwami.
11 Avuga ati: “Ubu ni bwo buzoba uburenganzira+ bw’umwami azobaganza: Abahungu banyu azobatwara+ abashire mu mikogote+ yiwe ari abiwe, no mu bagendera ku mafarasi biwe+, kandi bamwe bazobwirizwa kwiruka imbere y’imikogote yiwe+;
12 kandi azokwigenera abakuru baganza ibihumbi+ n’abakuru baganza mirongo itanitanu+, abandi na bo kugira bamurimire+ no kugira bashwabure umwimbu wiwe+ no kugira bahingure ibirwanisho+ vyiwe n’ivyuma vy’imikogote yiwe+.
13 Abakobwa banyu azobatwara kugira babe abavanzi b’amavuta manovu n’abatetsi n’abakora igikorwa co kwotsa+.
14 Imirima yanyu n’imirima yanyu y’imizabibu+, n’imirima yanyu y’imyelayo+, imyiza kuruta iyindi, azoyitwara ayihe koko abasuku biwe.
15 Azotwara ic’icumi ku mirima yanyu y’imbuto n’ic’icumi ku mirima yanyu y’imizabibu+, abihe abakozi biwe bo ku kirimba+ n’abasuku biwe.
16 Azotwara abasuku banyu n’abasukukazi banyu n’amasho yanyu meza kuruta ayandi, n’indogobwa zanyu, abikoreshe mu gikorwa ciwe+.
17 Azotwara ic’icumi ku mikuku+ yanyu, namwe ubwanyu muzoba abasuku biwe.
18 Emwe, uwo musi muzoboroga kubera umwami wanyu mwitoreye+, mugabo uwo musi Yehova ntazobishura+.”
19 Ariko abantu banka kwumviriza ijwi rya Samweli+, bavuga bati: “Oya, ahubwo umwami ni we azotuganza.
20 Na twebwe nyene tubwirizwa kumera nk’ayandi mahanga yose+; umwami wacu azoducira koko imanza kandi asohoke imbere yacu, arwane intambara zacu.”
21 Nuko Samweli yumviriza amajambo yose y’abo bantu; maze ayavugira mu matwi ya Yehova+.
22 Nuko Yehova abwira Samweli ati: “Niwumvirize ijwi ryabo, ubashirireho umwami wo kubaganza+.” Samweli abwira rero abagabo ba Isirayeli ati: “Umwe wese naje mu gisagara ciwe.”