1 Samweli 7:1-17
7 Maze abantu b’i Kiriyati-yeyarimu+ baraza hanyuma badugana isandugu ya Yehova, bayinjiza mu nzu ya Abinadabu+ ku murambi, hanyuma Eleyazari umuhungu wiwe aba ari we beza ngo arinde iyo sandugu ya Yehova.
2 Nuko kuva ku musi iyo Sandugu yatangura kuba i Kiriyati-yeyarimu, imisi iguma igwira, ku buryo iba imyaka mirongo ibiri, kandi inzu ya Isirayeli yose icurira intimba Yehova+.
3 Samweli abwira inzu ya Isirayeli yose ati: “Nimba mugarutse kuri Yehova+ n’umutima wanyu wose, nimukure imana z’inyamahanga hagati muri mwebwe+ be n’ibishusho vya Ashitoreti+, maze mwerekeze umutima wanyu kuri Yehova ata gukevya kandi mumukorere wenyene+, na we azobarokora mu kuboko kw’Abafilisitiya+.”
4 Nuko bene Isirayeli bakuraho za Bayali+ n’ibishusho vya Ashitoreti+, batangura gukorera Yehova wenyene.
5 Maze Samweli avuga ati: “Nimukoranirize hamwe Isirayeli yose+ i Mizipa+, kugira ngo ndabasengere+ kuri Yehova.”
6 Nuko bakoranira hamwe i Mizipa, maze bavoma amazi, bayasuka imbere ya Yehova hanyuma barisonzesha kuri uwo musi+. Batangura kuvugira ng’aho bati: “Twaracumuye kuri Yehova+.” Samweli atangura gucira imanza+ bene Isirayeli i Mizipa.
7 Abafilisitiya bumva ko bene Isirayeli bari bakoraniye hamwe i Mizipa; nuko abatware b’urunani+ b’Abafilisitiya baduga kurwanya Isirayeli. Bene Isirayeli bavyumvise, batangura kugira ubwoba kubera Abafilisitiya+.
8 Bene Isirayeli rero babwira Samweli bati: “Ntucereze ngo ureke kudutabariza Yehova Imana yacu+, kugira adukize mu kuboko kw’Abafilisitiya.”
9 Nuko Samweli afata umwagazi w’intama wonka, awushikanira Yehova bwa shikanwa riturirwa, ishikanwa ritangwa uko ryakabaye+; maze Samweli atangura gutabaza Yehova ku bwa Isirayeli+, Yehova na we aramwishura+.
10 Samweli ariko ashikana nya shikanwa riturirwa, Abafilisitiya baregereza kugira barwanye Isirayeli. Nuko kuri uwo musi Yehova aturagariza Abafilisitiya umuturagaro n’urwamo rukomeye+, kugira ngo abate mu muvurungano+; baratsindwa imbere ya Isirayeli+.
11 Nuko abagabo ba Isirayeli bahanuka i Mizipa maze bakurikira Abafilisitiya, baguma babica gushika mu bumanuko bwa Beti-kari.
12 Maze Samweli atora ibuye+, arishinga hagati ya Mizipa na Yeshana araheza aryita Ebenezeri*. Avuga rero ati: “Yehova yaradutabaye gushika n’ubu+.”
13 Gutyo Abafilisitiya bamarwa igabo, ntibongera kwinjira mu karere ka Isirayeli+; kandi ukuboko kwa Yehova kubandanya kurwanya Abafilisitiya imisi yose ya Samweli+.
14 Ibisagara Abafilisitiya bari baratwaye Isirayeli bibandanya kugaruka kuri Isirayeli, kuva i Ekuroni gushika i Gati, kandi akarere k’ivyo bisagara Isirayeli ikarokora mu kuboko kw’Abafilisitiya.
Nuko haba amahoro hagati ya Isirayeli n’Abamori+.
15 Samweli abandanya gucira imanza Isirayeli imisi yose y’ubuzima bwiwe+.
16 Ku mwaka ku mwaka yaragira urugendo, akazunguruka i Beteli+ n’i Gilugali+ n’i Mizipa+, agacira imanza Isirayeli+ aho hantu hose.
17 Mugabo yarasubira i Rama+, kuko aho ari ho inzu yiwe yari, kandi aho ni ho yacira imanza Isirayeli. Nuko ahubakira igicaniro Yehova+.
Amakuru yiyongereye
^ Bisobanura ngo “Ibuye ry’Ugutabara.”