Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet

BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 5:1-12

5  Nayo Abafilisitiya, bafata isandugu+ y’Imana y’ukuri, bayijana i Ashidodi+ bayikuye i Ebenezeri.  Hanyuma Abafilisitiya bafata nya sandugu y’Imana y’ukuri, bayinjiza mu nzu ya Dagoni baraheza bayihagarika iruhande ya Dagoni+.  Maze Abanyashidodi bavyuka kare ku musi ukurikira, basanga Dagoni yaguye yubamye imbere y’isandugu ya Yehova+. Nuko batora Dagoni, bayisubiza mu kibanza cayo+.  Bavyutse kare mu gitondo ku musi ukurikira, basanga Dagoni yaguye yubamye imbere y’isandugu ya Yehova, umutwe wayo n’ibiganza vy’amaboko yayo yompi vyacitse, biri mu rwinjiriro+. Igihimba kimeze nk’ifi ni co conyene cari casigaye kuri yo.  Ni co gituma abaherezi ba Dagoni n’abinjira mu nzu ya Dagoni bose badahonyora mu rwinjiriro rwa Dagoni i Ashidodi, gushika n’uyu musi.  Nuko ukuboko kwa Yehova+ gutangura kuremera Abanyashidodi, atuma bata umutwe yongera abateza ibivyimba*+, ni ukuvuga ab’i Ashidodi no mu turere twaho.  Abantu b’i Ashidodi babona ko vyifashe gutyo, maze bavuga bati: “Ntitureke ngo isandugu y’Imana ya Isirayeli ibane natwe, kuko ukuboko kwayo kwatumereye nabi kukamerera nabi na Dagoni imana yacu+.”  Nuko batumako abatware bose b’urunani b’Abafilisitiya, bakoranira aho bari, maze bavuga bati: “Tugenze dute isandugu y’Imana ya Isirayeli?” Amaherezo bavuga bati: “Isandugu y’Imana ya Isirayeli nije i Gati+.” Bajanayo rero iyo sandugu y’Imana ya Isirayeli.  Bamaze kujanayo iyo sandugu, ukuboko kwa Yehova+ kuba kuri ico gisagara, haba umuvurungano ukomeye cane, maze atangura gukubita abantu bo muri ico gisagara, kuva ku muto gushika ku wuhambaye, batangura guturika ibivyimba+. 10  Ku bw’ivyo barungika nya sandugu y’Imana y’ukuri i Ekuroni+. Maze iyo sandugu y’Imana y’ukuri ikimara gushika i Ekuroni, Abanyekuroni batangura gusemerera bati: “Bazanye ya sandugu y’Imana ya Isirayeli iwanje kugira batwice twe n’abantu banje+!” 11  Batuma rero kwegeranya abatware bose b’urunani b’Abafilisitiya, maze bavuga bati: “Nimurungike isandugu y’Imana ya Isirayeli isubire ahantu hayo kugira ntitwice twe n’abantu banje.” Kuko mu gisagara cose hari habaye umuvurungano uteza urupfu+; ukuboko kw’Imana y’ukuri kwari kwaharemereye cane+, 12  kandi abantu batapfuye bari batejwe ibivyimba+. Nuko ugutabaza+ kw’ico gisagara kubandanya kuduga mw’ijuru.

Amakuru yiyongereye

Ivyo bivyimba vyari ivyo mu kibuno.