Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 31:1-13

31  Kandi Abafilisitiya bariko bararwana na Isirayeli+; nuko abagabo ba Isirayeli barahunga bava imbere y’Abafilisitiya, maze baguma bagwa bagandaguwe+ ku musozi Gilibowa+.  Abafilisitiya baguma basatira Sauli n’abahungu biwe; amaherezo Abafilisitiya bica Yonatani+ na Abinadabu+ na Maliki-shuwa+, abahungu ba Sauli.  Urugamba rwo kurwanya Sauli ruba urukomeye; nuko abarashi, abanyamiheto, amaherezo baramubona, maze akomeretswa cane n’abo barashi+.  Nuko Sauli abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: “Sokora inkota yawe+ uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe+ ntibaze, ngo bantobekeranye koko, bangirire ivy’agashinyaguro.” Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka+, kuko yatinye cane. Nuko Sauli afata inkota, ayīsukako+.  Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sauli apfuye+, na we nyene aca yīsuka ku nkota yiwe, apfana na we+.  Gutyo Sauli n’abahungu biwe batatu n’uwumutwaza ibirwanisho, emwe, abantu biwe bose, bapfira hamwe kuri uwo musi+.  Abagabo ba Isirayeli bari mu karere k’ikiyaya co hasi n’abari mu karere ka Yorodani babonye yuko abagabo ba Isirayeli bahunze, be n’uko Sauli n’abahungu biwe bapfuye, batangura rero guta ibisagara barahunga+, hanyuma Abafilisitiya barashika maze babibamwo+.  Ku musi ukurikira, Abafilisitiya baje kwambura abagandaguwe+, bubuka kuri Sauli n’abahungu biwe batatu baguye ku musozi Gilibowa+.  Nuko bamuca umutwe+, bamwambura ibirwanisho vyiwe maze batuma intumwa mu gihugu c’Abafilisitiya hirya no hino kumenyesha+ ayo makuru amazu y’ibigirwamana vyabo+ be n’abantu. 10  Amaherezo bashira ibirwanisho vyiwe+ mu nzu y’ibishusho vya Ashitoreti+, ikiziga ciwe na co bakimanika ku ruhome rwa Beti-shani+. 11  Ku bijanye na we, ababa i Yabeshi-gileyadi+ bumva ivyo Abafilisitiya bari bagiriye Sauli. 12  Buno nyene abagabo b’intwari bose barahaguruka, bagenda ijoro ryose maze bakura ikiziga ca Sauli n’ibiziga vy’abahungu biwe ku ruhome rwa Beti-shani baraheza baza i Yabeshi, babituririraho+. 13  Maze bafata amagufa yabo+, bayahamba+ munsi y’igiti c’umukwaju+ i Yabeshi, baraheza bamara imisi indwi bisonzesheje+.

Amakuru yiyongereye