Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Bibiliya kuri internet | BIBILIYA Y’ISI NSHASHA

1 Samweli 30:1-31

30  Nuko Dawidi n’abantu biwe bariko baraza i Zikulagi+ ku musi ugira gatatu, Abamaleki+ bagaba igitero mu bumanuko no kuri Zikulagi; bakubita Zikulagi, baraheza bahaturiza umuriro,  maze batwara ari imbohe abagore+ n’ivyariyo vyose, kuva kuri gitoyi gushika kuri kinini. Ntihagira n’umwe bica, mugabo barabajana, barigira.  Dawidi n’abantu biwe bashitse mu gisagara, basanga caturijwe umuriro; nayo abagore babo n’abahungu babo n’abakobwa babo, bari batwawe ari imbohe.  Maze Dawidi n’abantu bari kumwe na we bashira ijwi hejuru bararira+, gushika aho ata nkomezi zo kwongera kurira zisigara muri bo.  Abagore babiri ba Dawidi bari batwawe ari imbohe, Ahinowamu+ Umuyezireyelikazi na Abigayili+ umugore wa Nabali Umunyakarumeli.  Bibabaza cane Dawidi+, kuko abantu bariko bavuga ngo aterwe amabuye+; kubera yuko abantu bose bari badundumiwe+, umwe wese kubera abahungu biwe n’abakobwa biwe. Nuko Dawidi atangura kwikomeza biciye kuri Yehova Imana yiwe+.  Ku bw’ivyo Dawidi abwira Abiyatari+ umuherezi, mwene Ahimeleki ati: “Ndakwinginze wegeze efodi+ hafi yanje.” Abiyatari yegeza rero efodi hafi ya Dawidi.  Dawidi atangura gusiguza Yehova+, mu kuvuga ati: “Nome inyuma ako kagwi k’abambuzi? Ndabahamvya?” Na we amubwira+ ati: “Genda ubome inyuma, kuko utabura kubahamvya, ukagarura ivyo batwaye vyose+.”  Dawidi aca afata inzira, we na ba bagabo amajana atandatu+ bari kumwe na we, baragenda gushika ku mwonga wa Besori, maze abagabo bari gusigara barahagarara. 10  Dawidi aguma aboma inyuma+, we n’abagabo amajana ane, mugabo abagabo amajana abiri bari barushe ku buryo batashobora kujabuka uwo mwonga wa Besori+, barahagarara. 11  Nuko babona mu gahinga umugabo umwe, Umunyamisiri+. Bamuzanira rero Dawidi, bamuha umukate ngo arye, bamuha n’amazi ngo anywe. 12  Bamuha kandi agapande k’agatsima k’insukoni zafyonzwe zikegerana be n’udutsima tubiri tw’inzabibu zumye+. Maze ararya hanyuma arahembuka+; kuko yari amaze imisi itatu n’amajoro atatu atarya umukate kandi atanywa amazi. 13  Dawidi rero amubwira ati: “Uri uwa nde, kandi uva he?” Na we avuga ati: “Ndi umusuku w’Umunyamisiri, umushumba w’umugabo w’Umumaleki, mugabo databuja yarampevye kubera narwaye, hakaba haciye imisi itatu+. 14  Ni twebwe twagavye igitero mu bumanuko bw’Abakereti+ no mu karere ka Yuda no mu bumanuko bwa Kalebu+; kandi Zikulagi twahaturije umuriro.” 15  Dawidi aca amubwira ati: “Woshobora kumanukana kuri ako kagwi k’abambuzi?” Na we avuga ati: “Nundahire+ Imana yuko utazonyica, be n’uko utazontanga mu kuboko kwa databuja+, nanje ndakumanukana kuri ako kagwi k’abambuzi.” 16  Nuko aramumanukana+, maze basanga basabagiye ku buringanire bw’igihugu cose, bariko bararya, banywa bongera bagira umusi mukuru+ kubera isahu ryinshi ryose bari bakuye mu gihugu c’Abafilisitiya no mu gihugu ca Yuda+. 17  Maze Dawidi ahera mu mutwenzi abica gushika ku mugoroba, kugira ngo abatikize; ntihagira umugabo n’umwe muri bo arokoka+ kiretse imikangara amajana ane yuriye ku ngamiya igahunga. 18  Dawidi arokora ivyo Abamaleki bari batwaye vyose+, arokora n’abagore biwe babiri. 19  Nta kintu na kimwe cabo cari kibuze, kuva kuri gitoyi gushika kuri kinini no gushika ku bahungu n’abakobwa no kw’isahu, egome, gushika ku kintu cose bari batwaye+. Dawidi agarukana ikintu cose. 20  Dawidi afata rero imikuku yose n’amasho yose, babishorera imbere y’ivyo bitungwa bindi. Maze bavuga bati: “Iri ni ryo sahu+ rya Dawidi.” 21  Amaherezo Dawidi ashika kuri ba bagabo amajana abiri+ bari barushe ku buryo badashobora kujana na Dawidi, bakaguma bicaye iruhande y’umwonga wa Besori; bano basohoka gusanganira Dawidi no gusanganira abantu bari kumwe na we. Dawidi ashikiriye abo bantu, atangura kubabaza uko bamerewe. 22  Ariko abagabo bose babi kandi b’imburakimazi+ mu bagabo bari bajanye na Dawidi barishura, baguma bavuga bati: “Ko batajanye natwe, nta na kimwe tubaha kw’isahu twarokoye, kiretse ko umwe wese tumuha umugore wiwe n’abahungu biwe, baheze babajane bagende.” 23  Mugabo Dawidi avuga ati: “Bene wacu, ntimugenze gutyo ivyo Yehova yaduhaye+, kuko yatuzigamye+ akongera agatanga mu kuboko kwacu ako kagwi k’abambuzi kari kaje kudutera+. 24  Ni nde yobumviriza kuri iryo jambo? Kuko umuturi w’uwamanutse ku rugamba uza kungana n’umuturi w’uwagumye iruhande y’imizigo+. Bose barasangira+.” 25  Nuko kuva uwo musi ashinga ko ivyo bibera Isirayeli ingingo nyobozi n’ingingo y’ubutungane*+, gushika n’uyu musi. 26  Dawidi ashitse i Zikulagi, atora kw’isahu maze arungikira abagabo b’inararibonye ba Yuda, abakunzi biwe+, avuga ati: “Ng’iyo ingabirano+ y’umuhezagiro yanyu ivuye kw’isahu ry’abansi ba Yehova.” 27  Arungikira ab’i Beteli+, n’ab’i Ramoti+ ho mu bumanuko, n’ab’i Yatiri+, 28  n’ab’i Aroweri, n’ab’i Sifumoti, n’ab’i Eshitemowa+, 29  n’ab’i Rakali, n’abo mu bisagara vy’Abayerahimeyeli+, n’abo mu bisagara vy’Abakeni+, 30  n’ab’i Horuma+, n’ab’i Borashani+, n’ab’i Ataki, 31  n’ab’i Heburoni+, n’ab’ahantu hose Dawidi yari yaragendagenze, we n’abantu biwe.

Amakuru yiyongereye

 Raba Inyongera ya 21.