1 Samweli 3:1-21
3 Muri ico gihe, ako gahungu Samweli kakorera+ Yehova imbere ya Eli, kandi ijambo rya Yehova+ ryari risigaye ari imbonekarimwe muri iyo misi+; nta yerekwa+ ryakwiragizwa.
2 Nuko kuri uwo musi, Eli yari aryamye ahantu hiwe, kandi amaso yiwe yari amaze gutangura kwijima+; ntiyashobora kubona.
3 Itara ry’Imana ntiryari bwazime, kandi Samweli yari aryamye mu rusengero+ rwa Yehova, aho isandugu y’Imana yari.
4 Yehova ahamagara rero Samweli. Na we avuga ati: “Ndi hano+.”
5 Maze yiruka iyo Eli ari araheza avuga ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye.” Mugabo Eli avuga ati: “Sinahamagaye. Subira kuryama.” Nuko aja kuryama.
6 Yehova yongera guhamagara ati: “Samweli+!” Samweli aca aravyuka, aja iyo Eli ari maze avuga ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye vy’ukuri.” Mugabo avuga ati: “Sinahamagaye mwananje+. Subira kuryama.”
7 (Nayo Samweli, ntiyari bwamenye Yehova, kandi ntiyari bwatangure guhishurirwa ijambo rya Yehova+.)
8 Yehova rero yongera guhamagara ubugira gatatu ati: “Samweli!” Aca aravyuka, aja iyo Eli ari, avuga ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye koko.”
Nuko Eli amenya yuko Yehova ari we yariko arahamagara ako gahungu.
9 Eli rero abwira Samweli ati: “Genda uryame, maze niyaguhamagara, uvuge uti: ‘Vuga Yehova, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza.’” Samweli aca aja kuryama ahantu hiwe.
10 Nuko Yehova araza, ahagarara ng’aho hanyuma ahamagara nko kuri vya bihe bindi, ati: “Samweli, Samweli!” Samweli aca avuga ati: “Vuga, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza+.”
11 Yehova abandanya kubwira Samweli ati: “Ehe ngira nkore+ ikintu muri Isirayeli, uwuzocumva wese amatwi yiwe akaba azovugiramwo iminzerere+.
12 Kuri uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze vyose ku nzu yiwe, kuva mu ntango gushika kw’iherezo+.
13 Kandi umubwire yuko nciriye urubanza inzu yiwe+ gushitsa igihe kitagira urugero ku bw’ikosa azi neza+, kuko abahungu biwe bahamagarira akabi ku Mana+, yamara akaba atabahambariye+.
14 Ni co gituma narahiye inzu ya Eli yuko ikosa ry’inzu ya Eli ritazokurwako igihano biciye ku kimazi canke kw’ishikanwa, gushika igihe kitagira urugero+.”
15 Samweli aguma aryamye gushika mu gitondo. Maze yugurura imiryango y’inzu ya Yehova+. Kandi Samweli yaratinya kwiganira Eli ivyo yari yeretswe+.
16 Mugabo Eli ahamagara Samweli ati: “Samweli mwananje!” Na we ati: “Ndi hano.”
17 Abandanya kuvuga ati: “Ijambo yakubwiye ni irihe? Ndakwinginze nturimpishe+. Imana ikugirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, niwagira ijambo umpisha mu majambo yose yakubwiye.”
18 Samweli amwiganira rero nya majambo yose, ntiyamuhisha ikintu na kimwe. Eli aca avuga ati: “Ni Yehova. Nakore ivyo abona ko ari vyiza mu maso yiwe+.”
19 Samweli abandanya gukura, kandi Yehova ubwiwe abana na we+, ntiyareka ngo hagire na rimwe mu majambo yiwe yose rikorokera hasi+.
20 Nuko Isirayeli yose, kuva i Dani gushika i Beyeri-sheba+, imenya yuko Samweli yari yashinzwe ibango ryo kuba umuhanuzi wa Yehova+.
21 Yehova yongera kwiyerekanira+ i Shilo, kuko Yehova yihishuriye Samweli i Shilo biciye kw’ijambo rya Yehova+.